[1] Atangura ukundi gushasha kwigishiriza ku nkombe y'ikiyaga. Ishengero ryinshi cane rikoranira kuri we, bimutera gutambukira mu bwato buri mu kiyaga, yicaramwo, ishengero ryose riguma ku nkombe y'ikiyaga.
[2] Abigisha vyinshi mu migani, ababwira muri ukwo kwigisha kwiwe
[3] ati: “Ni mwumve; umubivyi yasohoye imbuto.
[4] Akibiba, zimwe zigwa i ruhande y'inzira; inyoni ziraza, zirazinobagura.
[5] Izindi zigwa ku rutare, hatari ivu ryinshi; zica zimera vuba, kuko ata vu ryinshi ririho;
[6] izuba rirashe, ziraraba, kuko ata mizi zifise, ziruma.
[7] Izindi zigwa mu mahwa, amahwa arakura, arazinyoha, ntizama.
[8] Izindi zigwa mw'ivu ryiza, ziramera, zirakura, zihunda impeke, zimwe mirongo itatu, izindi mirongo itandatu, izindi ijana, bityobityo.”
[9] Kandi ati: “Uri n'amatwi yumva, ni yumve.”
[10] Biherereye, abari kumwe na we na bamwe icumi na babiri bamubaza iyo migani;
[11] arabishura ati: “Mwebwe mwahawe ibanga ry'ubwami bw'Imana, ariko abo hanze babarirwa vyose mu migani;
[12] ngo kuraba barabe, yamara ntibavyitegereze; kwumva bavyumve, yamara ntibabitahure; ngo kumbure bohindukira bagaharirwa.”
[13] Kandi arababaza ati: “Ntimuzi uwo mugani? none imigani yose muzoyitahura mute?
[14] Umubivyi abiba ijambo ry'Imana.
[15] Abo i ruhande y'inzira, aho iryo jambo ribibwa, iyo bahejeje kwumva, Satani aca aza uwo mwanya, akabakuramwo iryo jambo ryabibwe muri bo.
[16] N' aba ni uko, ni bo babibwe ku rutare; iyo bumvise iryo jambo, baca baryakirana umunezero,
[17] ntibagire imizi muri bo, ariko bahagarara umwanya muto, maze iyo badutsweko n'amarushwa bo n'akadenderezo bazira iryo jambo, bica bibagwisha.
[18] Abandi ni bo babibwe mu mahwa, abo ni bo bumva iryo jambo,
[19] maze umwitwaririko w'ivyo isi n'uruhendo rw'ubutunzi no kwifuza ibindi, iyo bibinjiyemwo, binyoha iryo jambo, rikaba imbuto.
[20] Ababibwe mw'ivu ryiza, abo ni bo bumva iryo jambo bakaryemera, bagahunda impeke, umwe mirongo itatu, uwundi mirongo itandatu, uwundi ijana, bityobityo.
[21] Kandi arababaza ati: “Mbega itara rizanwa ngo baryubikeko igiseke canke barishire mu rutara, ntirishirwa ku gitereko caryo?
[22] Kuko ata canyegejwe kitazoserurwa, canke icagizwe ibanga kitazoja ahabona.
[23] Uwuri n'amatwi yumva, ni yumve.”
[24] Kandi arababarira ati: “Mwiyubare mu vyo mwumva. Ingero mugeramwo ni yo muzogererwamwo, kandi muzorengerezwa;
[25] kuko uwufise azohabwa, ariko uwudafise azokwakwa n'ico yari asanzwe afise.”
[26] Yongera kubabwira ati: “Ubwami bw'Imana busa n'umuntu yabivye imbuto mw'ivu,
[27] bwije agasinzira, bugaca akavyuka, imbuto zikamera, zigakura, atazi ingene zakuze.
[28] Ivu rimeza ryonyene, habanza kuba ibironge, hanyuma hakaba imiyange, hanyuma hakaba imishi itengengeye impeke.
[29] Maze imirima yeze, aca ayitemesha umuhoro, kuko igihe c'ishwabura kigeze.”
[30] Kandi arababaza ati: “Ubwami bw'Imana tubushushanye ni iki? Canke tubusobanurishe umugani ki?
[31] Busa n'akabuto k'igiti, iyo gatewe mw'ivu, naho ari kanzinya hanyuma y'imbuto zose ziri mw'isi;
[32] ariko iyo gatewe, karakura, kakaba kanini, kakaruta ibirimwa vyose, kagashamika amashami manini, kandi inyoni zo mu kirere zishobora kwarika ivyari mu gitutu cako.”
[33] Kandi ababwira ijambo ry'Imana mu migani myinshi imwe n'iyo, uko bashobora kwumva.
[34] Kandi atabaciriye umugani nta co yababwira, ariko yihereranye n'abigishwa biwe akabibasobanurira vyose.
[35] Kuri uwo musi bugorovye, arababwira ati: “Tujabuke tuje hakurya.”
[36] Basiga abantu hano, bamujana mu bwato yahozemwo, kandi ayandi mato yari kumwe na bo.
[37] Nuko haza inkubi ikomeye y'umuyaga, imipfunda yisuka mu bwato, bwariko buruzura.
[38] Ariko we yari aryamye mu mutwe w'inyuma, yiseguye umusego yisinziriye. Baramukangura, baramubaza bati: “Mwigisha, ntubabaye ko turiko turapfa?”
[39] Arikangura, azibiza ingunza, abarira ikiyaga ati: “Hora, utekereze.” Umuyaga uraca, haba agahwekere rwose.
[40] Arababaza ati: “Ni igiki kibateye ubwoba? Ntimurizera?”
[41] Baratinya, bagira ubwoba bwinshi, barabazanya bati: “Mbega uwu ni umuntu ki, umuyaga n'ikiyaga ko bimwumvira?”