[1] Nuko ku vyo gukoranya ibitabara abera, nk'uko nageze amashengero y'i Galatiya, abe ari ko namwe mukora.
[2] Ku wa mbere wose w'imisi indwi, umuntu wese muri mwebwe abike i we ibimuhaye uburyo, nk'uko atunze, kugira ngo aho nzozira ntihabe ari ho amashikanwa azokoranirizwa.
[3] Kandi aho nzoshikira, abo muzoshima, nzobatuma ndabahaye amakete, kugira ngo bajane ivyo ikigongwe canyu i Yerusalemu.
[4] Kandi namba nzoba nkwiye kugenda nanje, tuzojana Pahulo avuga ko ategekanya kuzoja i Korinto
[5] Ariko nzoza i wanyu, ni namara guca i Makedoniya; kuko nzorinda gucayo.
[6] Ariko kumbure nzomarana namwe imisi, canke nzomara n'agatasi, kugira ngo mumperekeze, munsezere neza aho nzoja hose.
[7] Singomba ko tubonana none ndabakubise rurabwe, ariko nizigira kuzomarana namwe imisi, Umwami wacu ni yankundira.
[8] Ariko nzotebera muri Efeso gushitsa kuri Pentekote;
[9] kuko nugururiwe urugi runini ruja mu bikorwa bikomeye, kandi abansi bakaba benshi.
[10] Timoteyo ni yaramuka aje i wanyu, muze mumubabare kugira ngo abane namwe ata bwoba; kuko akora igikorwa c'Umwami wacu nkanje.
[11] Nuko ntihazogire uwumukengera, ariko muzomuherekeze mumusezere amahoro, azonsange ino, kuko niteze ko azozanana n'abavukanyi.
[12] Ariko ivyo Apolo umuvukanyi, naramwinginze cane ngo aze i wanyu, azozanane n'abo bavukanyi; ntiyakunda na gatoya kuza none, ariko azoza, ni yabona uburyo.
[13] Mwame mugavye, mushikame mu kwizera, mube abagabo, mugire inkomezi.
[14] Ivyo mukora vyose mubikorane urukundo.
[15] Nuko ndabinginze, bavukanyi, murazi abo kwa Stefana, ko ari bo batanguye mu Banyakaya, kandi ko ari bo bitangiye gukorera abera.
[16] Nuko namwe mugamburukire abameze batyo, n'uwundi wese afatanije n'abandi muri ico gikorwa, agatama.
[17] Biranezereye ko Stefana na Forutunato na Akayiko baje; bamaze inkumbu nari ndabafitiye,
[18] kuko bahembuye umutima wanje, bo n'uwanyu; mwame mwibuka abameze batyo.
[19] Abo mu mashengero yo muri Asiya barabaganutsa. Akwila na Purisikila barabaganutsa cane mu Mwami wacu, bo n'ishengero ryo mu nzu yabo.
[20] Abavukanyi bose barabaganutsa. Muramukanishe kugumbirana kwera.
[21] Uku ni kwo gutasha kwanje Pahulo, kwanditswe n'ukuboko kwanje.
[22] Ni hagira umuntu adakunda Umwami wacu, arakavumwa. Maran ata.
[23] Ubuntu bw'Umwami wacu Yesu Kristo bubane namwe.
[24] Urukundo rwanje rubane namwe mwese muri Kristo Yesu. Amina.