[1] Naho novuga indimi z'abantu n'izo abamarayika, ariko ntagira urukundo, noba ncitse umuringa uvuga, canke icuma kivuzwa kigasama.
[2] Kandi naho nogira ingabire yo kuvugishwa n'Imana, nkamenya amabanga yose, n'ubwenge bwose, kandi naho nogira ukwizera kwose, ngashobora gukuraho imisozi, ariko ntagira urukundo, noba ndi ubusa.
[3] Kandi naho notanga ivyanje vyose, ngo ngaburire aboro, kandi naho notanga umubiri wanje ngo nturirwe, ariko ntagira urukundo, nta co vyomarira.
[4] Urukundo rurihangana, rugira neza, urukundo ntirugira ishari, urukundo ntirwihayagiza, ntirwihimbaza,
[5] ntirukora ibiteye isoni, ntirurondera ivyarwo, ntirwiciraho, ntirwiyumvira ikibi ku bantu,
[6] ntirunezererwa ukugabitanya kw'abandi, ariko runezeranwa n'ukuri;
[7] rurenzako muri vyose, rwizera vyose, rwizigira vyose, rwihanganira vyose.
[8] Urukundo nta ho rushira. Ukuvugishwa n'Imana kuzokurwaho, ukuvuga izindi ndimi kuzogira iherezo, ubwenge buzokurwaho.
[9] Kuko tuzi agace, kandi tuvugishwa n'Imana agace,
[10] ariko, aho igihinguye kizoshikira, ivyo agace bizokurwaho.
[11] Nkiri umwana mutoya, navuga rwana, niyumvira rwana, nibwira rwana. Maze gukura, mva mu vy'ubwana.
[12] Kuko ubu turabira mu cirore ivyijiji, ariko ico gihe tuzoraba nk'abarabana imbonankubone. Ubu nzi agace, ariko ico gihe nzomenya rwose nk'uko namenywe rwose.
[13] None rero hagumyeho ukwizera, n'ivyizigiro, n'urukundo, ivyo uko ari bitatu; ariko ikibiruta n'urukundo.