[1] Nanje, bavukanyi, hamwe nabasanga i wanyu, sinaje ndi agakura mu majambo canke mu bwenge, mu kubamenyesha ibanga ry'Imana.
[2] Kuko nagabiye kutagira ico menya muri mwebwe, atari Yesu Kristo, we yabambwe.
[3] Ariko nabana namwe mfise intege nke, ndi n'ubwoba, mpinda agashitsi kenshi,
[4] imvugo yanje ni ukwigisha kwanje ntivyarimwo amajambo y'ubwenge yo kwemeza abantu, ariko vyaserukamwo Mpwemu n'ubushobozi,
[5] kugira ngo ukwizera kwanyu ntiguhagarare mu bwenge bw'abantu ariko guhagarare mu bushobozi bw'Imana.
[6] Yamara, tuvugana ubwenge hagati mu batunganijwe rwose, ariko ubwo bwenge si ubwo iki gihe, canke ubwo abaganza b'iki gihe bagenda bayoka.
[7] Ariko tuvugishwa n'ubwenge bw'Imana bwari bwaragizwe ibanga, bwari bwaranyegejwe, ubwo Imana yagabiye kera, ibihe vyose bitarabaho ko buzoba icubahiro cacu.
[8] Kandi mu baganza b'iki gihe nta wabumenye. Iyo baba barabumenye ntibaba barabamvye Umwami w'icubahiro.
[9] Ariko nk'uko handitswe, ngo ivyo ijisho ritigeze kubona, n'ivyo ugutwi kutigeze kwumva, Ibitigeze kwinjira mu mutima w'umuntu, Vyose Imana yabiteguriye abayikunda.
[10] Ariko Imana yabiduhishuriye muri Mpwemu wayo; Mpwemu asesa vyose, n'ibihishijwe vy'Imana.
[11] Ni nde mu bantu azi ibiri mu muntu, atari impwemu yiwe, iri muri we? Ni ko n'ivyo Imana biri, nta wubizi, atari Mpwemu w'Imana.
[12] Ariko tweho ntitwahawe impwemu y'iyi si, ariko twahawe Mpwemu ava ku Mana, kugira ngo tumenye ivyo Imana yatugabiye.
[13] Na vyo nyene turabivuga, ariko ntitubivuga mu majambo yigishwa n'ubwenge bw'abantu, ariko tubivuga mu yigishwa na Mpwemu, tugereranya ivyo impwemu n'ivyo impwemu bindi.
[14] Ariko umuntu afise umubiri n'ubwenge gusa ntiyemera ivya Mpwemu w'Imana; kuko ari ubupfu kuri we, kandi ntashobora kubimenya, kuko vyitegerezwa mu buryo bw'impwemu.
[15] Ariko umuntu w'impwemu asesa vyose, kandi ubwiwe nta wumusesa.
[16] Ni nde yigeze kumenya ivyiyumviro vy'Uhoraho ngo yigishe Uhoraho? Ariko twebwe dufise ivyiyumviro vya Kristo.