[1] Jewe Pahulo, nahamagariwe kuba intumwa ya Yesu Kristo, nk'uko Imana yagomvye, na Sositene umuvukanyi,
[2] turabandikiye mwebwe abo mw'ishengero ry'Imana ry'i Korinto, bejejwe muri Kristo Yesu, bahamagariwe kuba abera, hamwe na bose bambariza ahantu hose izina ry' Umwami wacu Yesu Kristo, ni we Mwami wabo n'uwacu.
[3] Ubuntu n'amahoro bibe muri mwebwe, biva ku Mana Data wa twese no ku Mwami Yesu Kristo.
[4] Ndashima Imana yanje na ntaryo ku bwanyu, kubwo ubuntu bw'Imana mwaherewe muri Kristo Yesu;
[5] kuko muri vyose mwatungiye muri we, mu vyo muvuga vyose, no mu bwenge bwose,
[6] kuko ugushingira intahe Kristo kwakomejwe muri mwebwe.
[7] Bituma mutagira ingabire n'imwe muhaza, mwiteze guhishurwa kw' Umwami wacu Yesu Kristo.
[8] Ni we azobakomeza gushitsa kw'iherezo, kugira ngo ntimuzogawe kuri wa musi w'Umwami wacu Yesu Kristo.
[9] Imana ni iyo kwizerwa, yabahamagariye kugirirana ubumwe n'Umwana wayo Yesu Kristo Umwami wacu.
[10] Ariko ndabinginga, bavukanyi, mw'izina ry'Umwami wacu Yesu Kristo, mwese mube imvugarimwe, kandi n'ibice ntibiremwe muri mwebwe, ariko mutunganywe rwose hamwe, muhuje umutima n'inama.
[11] Kuko nabariwe ivyanyu, bavukanyi banje, n'abo kwa Kilowe, yuko hari imitongano muri mwebwe.
[12] Ico mvuze, yuko umuntu wese muri mwebwe avuga ati: “Jeho ndi uwa Pahulo;” uwundi ati: “Jeho ndi uwa Apolo;” uwundi ati: “Jeho ndi uwa Kefa;” uwundi ati: “Jeho ndi uwa Kristo.”
[13] Mbega Kristo aragabanijwemwo ibice? Pahulo yarababambiwe? Canke mwabatijwe mw'izina rya Pahulo?
[14] Nshimira Imana yuko ata n'umwe nabatije muri mwebwe, atari Kirisipo na Gayo;
[15] kugira ngo ntihagire umuntu avuga yuko mwabatijwe mw'izina ryanje.
[16] Kandi nabatije n'abo kwa Stefana: atari abo, sinzi ko hari uwundi nabatije.
[17] Kuko Kristo atantumye kubatiza, ariko yantumye kuvuga ubutumwa bwiza, ntavugishije ubwenge bw'amajambo, kugira ngo umusaraba wa Kristo ntucike ubusa.
[18] Kuko ijambo ry'umusaraba ku bahona ari ubupfu, ariko kuri twebwe abakizwa ni ubushobozi bw'Imana.
[19] Kuko handitswe, ngo nzohonya ubwenge bw' abanyabwenge, N'ubuhanga bw'abahanga nzobuhindura ubusa.
[20] Umunyabwenge ari hehe? Umwanditsi ari hehe? Umunyabihari wo muri iki gihe ari hehe? Mbega Imana ntiyahinduye ubupfu ubwenge bw'iyi si?
[21] Kuko naho ubwenge bw'Imana bwageze yuko abo isi batazohabwa n'ubwenge bw'isi kumenya Imana, Imana yahimbawe gukirisha abayizera ubupfu bw'ivyigishwa.
[22] kuko Abayuda basaba ibimenyetso, Abagiriki barondera ubwenge,
[23] ariko tweho tubabarira ivya Kristo yabambwe. Uwo ku Bayuda ni ikigwisha, ku banyamahanga ni ubupfu.
[24] Ariko ku bahamagarwa, b'Abayuda n'Abagiriki, ni Kristo, ubushobozi bw'Imana, kandi ni ubwenge bw'Imana.
[25] Kuko ubupfu bw'Imana burusha abantu ubwenge; kandi n'intege nke z'Imana zirusha abantu inkomezi.
[26] Nimwibuke ihamagarwa ryanyu, bavukanyi, yuko abo ubwenge bw'abantu bahamagawe atari benshi, abakomeye bahamagawe atari benshi, abapfasoni bahamagawe atari benshi.
[27] ariko Imana yatoranije ibipfu vyo mw'isi, ngo imaramaze abanyabwenge; kandi yatoranije ibinyantege nke vyo mw'isi ngo imaramaze ibikomeye,
[28] kandi n'ivyoroshe vyo mw'isi, n'ibikengerwa, mbere n'ibitariho, Imana yarabitoranije ngo ititure ibiriho;
[29] kugira ngo ntihagire umuntu yirata imbere y'Imana.
[30] Ni yo ibaha kuba muri Kristo Yesu, yaduhindukiye ubwenge buva ku Mana, n'ukugororoka n'ukwezwa n'ugucungurwa;
[31] kugira ngo bibe nk'uko handitswe hati: “Uwirata, yirate Uhoraho.”