Skip to content
Opens in a new window
Listen to this chapter • 4:18

[1] Munyigane, nk'uko nanje nigana Kristo.

[2] Ndabashima, kuko munyibuka muri vyose, mukagumya ivyo nabashikirije, nk'uko nabibahaye.

[3] Ariko ndagomba ko mumenya k'umutwe w'umugabo wese ari Kristo, kandi k'umutwe w'umugore ari umugabo, kandi k'umutwe wa Kristo ari Imana.

[4] Umugabo wese iyo asenga canke avugishwa n'Imana umutwe wiwe utwikiriye, aba awuteye isoni.

[5] Ariko umugore wese iyo asenga canke avugishwa n'Imana, adatwikiriye umutwe, aba awuteye isoni; kuko ari bimwe rwose no kumobwa.

[6] Ni hagira umugore atitwikira mu mutwe, bamumwe n'umushatsi; namba ari ibiteye isoni k'umugore akererwa umushatsi canke ko amobwa ni yitwikire mu mutwe.

[7] Umugabo ntakwiye kwitwikira mu mutwe, kuko ari ishusho y'Imana n'ubwiza bwayo; ariko umugore n'ubwiza bw'umugabo.

[8] Kuko umugabo atamutse ku mugore, ariko umugore ni we yamutse ku mugabo.

[9] Kandi umugabo ntiyaremwe kubwo umugore, ariko umugore ni we yaremwe kubwo umugabo.

[10] Ni co gituma umugore akwiye kwambara mu mutwe ikimenyetso co kugabwa, kubwo abamarayika.

[11] Ariko mu Mwami wacu, umugore agenda ku mugabo, ni ko n'umugabo agenda ku mugore.

[12] Nk'uko umugore yamutse ku mugabo, ni k'umugabo avyarwa n'umugore; ariko vyose vyamuka ku Mana.

[13] Ni mwiyumvire ubwanyu uko biri. Mbega birakwiye ko umugore asenga Imana atitwikiriye mu mutwe?

[14] Akameremere kacu mbega ntikabigisha yuko umugabo yotega umushatsi, womutera isoni,

[15] kandi ko umugore, iyo ateze umushatsi, uba ari ubwiza bwiwe? Kuko yahawe umushatsi ngo ube umwambaro wo mu mutwe.

[16] Ariko namba hari umuntu agomba kuvyura ibihari, twebwe ntidufise umugenzo nk'uwo, kandi n'amashengero y'Imana ntawufise.

[17] Ariko uko ndababarira ibi, sindabashima, kuko mudakoranira iciza, ariko mukoranira ikibi.

[18] Ica mbere, iyo mukoraniye mw'ikoraniro, numva yuko mwitandukanya, kandi ngira ngo muri bimwebimwe vyoba ari ko biri.

[19] Kuko n'ibice bitobura kubabamwo, ngo abemewe muri mwebwe baseruke.

[20] Nuko iyo mukoranye, burya ntikuba ari ukurya ingaburo y'Umwami wacu.

[21] Kuko mu kurya, umuntu wese yisangiza ivyiwe agacura abandi. Maze umwe agasonza, uwundi akaborerwa.

[22] Mbega yemwe; ntimufise ingo zo kuriramwo no kunyweramwo? Canke mukengera ishengero ry'Imana, mugatetereza abadafise? Ndababwire iki? Ndabashime? Kuri ivyo sindabashima.

[23] Kuko ico nahawe n'Umwami wacu ari co nabashikirije namwe, yuko Umwami Yesu mw'ijoro yaguzwemwo yakiriye umutsima,

[24] akawushimira Imana, akawumanyagura, akavuga ati: “Uwu ni umubiri wanje ubatangiwe, murahora mugira mutya kugira ngo kibe icibutso canje.”

[25] N'igikombe akigenza atyo, bahejeje kurya, arababwira ati: “Iki gikombe n'isezerano rishasha ryo mu maraso yanje; murahora mugira mutya uko muzonywako, kugira ngo kibe icibutso canje.

[26] Uko murya uwo mutsima kandi uko munywera kuri ico gikombe, muba mumenyekanisha urupfu rw' Umwami wacu, kugeza aho azozira.”

[27] Ni co gituma, umuntu wese azorya umutsima w'Umwami wacu, canke azonywera ku gikombe ciwe, uko bidakwiye, azotsindwa n'urubanza rw'uko yakengereye umubiri n'amaraso vy'Umwami.

[28] Ariko umuntu yibaze uko ameze, abone kurya kuri uwo mutsima, no kunywera kuri ico gikombe.

[29] Kuko uwurya canke uwunywa, atamenye umubiri w' Umwami wacu, arya kandi anywa ibimuzanira gutsindwa n'urubanza.

[30] Ni co gituma muri mwebwe benshi bagira intege nke, abandi bakarwaragurika, kandi abatari bake bakaba barapfuye.

[31] Ariko iyo twimenye uko turi, ntidutsindwa n'urubanza.

[32] Ariko iyo dutsinzwe n'urubanza duhanwa n'Umwami, kugira ngo ntituzotsindwe n'urubanza rudashira hamwe n'abo isi.

[33] Nuko, bavukanyi banje, uko mukoraniye kurya, murorerane.

[34] Umuntu ni yasonza, ararya i we, kugira ngo ntimukoranire gutsindwa n'urubanza. Ibisigaye nzobiroranya aho nzozira.

Abo I Korinto Rya Mbere — Chapters