[1] Jewe Pahulo, intumwa ya Kristo Yesu, nk'uko Imana yagomvye, na Timoteyo umuvukanyi, turabandikiye abo mw'ishengero ry'Imana ry'i Korinto, n'abera bose bari muri Akaya hose.
[2] Ubuntu n'amahoro biva ku Mana Data wa twese no ku Mwami Yesu Kristo bubabemwo.
[3] Imana y'Umwami wacu Yesu Kristo, ari yo Se, Data wa twese w'imbabazi, kandi Imana yirura imibabaro yose iragahezagirwa,
[4] itwirura mu marushwa yacu yose, kugira ngo natwe tubone uko twirura imibabaro abari mu marushwa yose, tuyibiruza uko natwe twiruwe n'Imana.
[5] Nk'uko ivyo Kristo yababajwe vyarushirije kutuzako, ni ko n'ukwirurwa kwacu kwarushirije kugwizwa na Kristo.
[6] Iyo tubabazwa, kuba ari ukugira ngo bibazanire ukwirurwa, bo n'agakiza; kandi iyo twirurwa, kuba ari ukugira ngo bibazanire ukwirurwa nyene, guserukira mu kwihanganira imibabaro imwe n'iyo natwe tubabazwa.
[7] Kandi ivyo tubazigako birashikamye, kuko tuzi yuko, ko dusangiye iyo mibabaro, dusangiye n'ukuyirurwa.
[8] Kuko bavukanyi, tutagomba yuko mutamenya amarushwa yatubayeko muri Asiya, ko twaremerewe cane, biruta uko dushobora, bigatuma twihebura ko tutagikiza amagara yacu.
[9] Kandi tumenyeshwa mu mitima yuko duciriweko iteka ryo gupfa, kugira ngo ntitwiyizigire ubwacu, ariko twizigire Imana izura abapfuye.
[10] Yadukijije urupfu rukomeye rutyo, kandi izodukiza; ni yo twizigira yuko izokwama irudukiza,
[11] namwe muhuje imitima yo kudufasha mudusengera, ngo ingabire twaheshejwe na benshi, benshi bayishimire Imana ku bwacu.
[12] Kuko ukwirata kwacu ari uku, kandi ijwi ryo mu mitima yacu rirabishingira intahe; ingeso twagirira mw'isi, kandi canecane muri mwebwe, zari ukwera, n'imitima itagira ubugunge iva ku Mana, atari mu bwenge bw' abantu, ariko mu buntu bw'Imana.
[13] Kuko ata bindi tubandikira, atari ivyo nyene musoma kandi mwemera, kandi nishimiye ko muzovyemera gushitsa ko iherezo,
[14] nk'uko mwatwemeye agace, yuko turi ivyirato vyanyu, nk'uko namwe muzoba ivyacu ku musi w'Umwami wacu Yesu.
[15] Kandi nk'uko nizigiye ivyo, nagira ngo nzobanza kuza i wanyu, ngo muhabwe ubuntu ubugira kabiri,
[16] no kubacako nja i Makedoniya, nkagaruka i wanyu mvuye i Makedoniya, ngo mumperekeze, munsezere neza nja i Yudaya.
[17] Nuko aho nagomba gukora ntyo, mbega narahindagurika? Canke ivyo ngabira, ndabigabira mbwirijwe n'akameremere kanje, ngo niburanye nti: “Ego, ego,” maze nti: “Oya, oya?”
[18] Ariko nk'uko Imana ari iyo kwizerwa, ijambo tubabarira ntituvuga ngo ego, maze ngo oya.
[19] Umwana w'Imana Yesu Kristo, umwe twabigisha ivyiwe, twe na Siluwano na Timoteyo, ntiyari ego, kandi ngo abe oya; ariko muri we harimwo ego me.
[20] Ivyo Imana yasezeranye uko bingana, muri we ni ho Ego me riri; ni co gituma ari we adutera kuvuga ngo Amina, ngo Imana ishimishwe natwe.
[21] Imana ni yo idukomezanya namwe muri Kristo, kandi ni yo yaturobanuje amavuta.
[22] Kandi ni yo yadushizeko ikimenyetso, itugwatiriza Mpwemu wayo mu mitima yacu.
[23] Ariko Imana ni yo ntanzeko icabona ku bugingo bwanje, icatumye ntongera kuza i Korinto, kwari ukwanka kubababaza.
[24] Si uko tuganza ukwizera kwanyu, ariko dukorana namwe mu bibungura umunezero; kuko ukwizera ari kwo muhagazemwo.