[1] Bavukanyi, singomba ko mutamenya yuko ba sogokuruza bose bari musi ya ca gicu, kandi yuko bose baciye hagati ya ca kiyaga cigabanije,
[2] bose bakabatirizwa kuba aba Mose muri ico gicu no muri ico kiyaga,
[3] bose bagasangira vya vyo kurya vy'impwemu,
[4] bose bagasangira vya vyo kunywa vy'impwemu. Kuko banywa ku gitandara c'impwemu cabakurikira, ico gitandara cari Kristo.
[5] Ariko abenshi muri bo, Imana ntiyabashimye, kuko bahonerejwe mu bugaragwa.
[6] Ariko ivyo vyatubereye akarorero kugira ngo ntitwifuze ibibi, nk'uko ba bandi bavyifuje.
[7] Kandi ntimugasenge ibishushanyo vy'ibigirwamana, nk'uko bamwe bo muri ba bandi babisenga; nk'uko handitswe, ngo abantu bicaritswe no kurya no kunywa, bava hasi baravyina.
[8] Kandi ntitugashurashure, nk'uko bamwe bo muri ba bandi basheguye, maze hagapfamwo abantu ibihumbi mirongo ibiri na bitatu ku musi umwe.
[9] Kandi ntitukagerageze Umwami wacu, nk'uko bamwe bo muri ba bandi bamugerageje, bakamarwa n'inzoka.
[10] Kandi ntimukidodombe, nk'uko bamwe bo muri ba bandi bidodomvye, bakamarwa n'umuranduzi.
[11] Ariko ivyo vyababayeko kugira ngo bitubere akarorero, kandi vyandikiwe kuduhanura twebwe, abashikwako n'amaherezo y'ibihe.
[12] Nuko rero uwiyumvira ko ahagaze ni yiyubare ntagwe.
[13] Nta cabagerageje kitari ico umuntu yoshobora kwihanganira. Ariko Imana ni iyo kwizigirwa ntizobakundira ko mugeragezwa n'ibiruta ivyo mushobora, ariko hamwe n'ikibagerageza izobacira icanzo, kugira ngo mubone ingene mushobora kucihanganira.
[14] Nuko, abo nkunda, ni muhunge gusenga ibigirwamana.
[15] Ndababwira nk'abanyabwenge; mwiyumvire ivyo mvuga, yuko ari ko biri.
[16] Igikombe c'umuhezagiro, ico duhezagira, mbega si kwo gusangira amaraso ya Kristo? Umutsima tumanyagura, si kwo gusangira umubiri wa Kristo?
[17] Nk'uko uwo mutsima ari umwe, twebwe, naho turi benshi, turi umubiri umwe; kuko twese dusangira umutsima umwe.
[18] Murabe Abisirayeli ku rukoba. Abarya ikimazi, mbega ntibasangira n'igicaniro?
[19] Nuko ico mvuga n'igiki? Mbega mvuga yuko icaterekerejwe ikigirwamana ari ikintu, canke yuko ikigirwamana ari ikintu?
[20] Ariko mvuga yuko ibimazi abanyamahanga batanga, babiha abadayimoni, babishikanira abadayimoni, ntibabiha Imana. Nanje Singomba yuko musangira n'abadayimoni.
[21] Ntimushobora kunywera ku gikombe c'Umwami wacu, no ku gikombe c'abadayimoni. Ntimushobora gusangira ivyo ku meza y'Umwami wacu n'ivyo ku meza y'abadayimoni.
[22] Canke Umwami tumutere ishari? Mbega tumurusha inkomezi?
[23] Vyose turavyemererwa, ariko ibitugirira ikimazi si vyose. Vyose turavyemererwa, ariko ivyubaka si vyose.
[24] Ntihagire umuntu ababara ivyiwe, ariko ababare ivyo uwundi.
[25] Izo zigurwa mw'ibagiro, mube muzirya ata co mubajije kubwo ijwi ryo mu mutima;
[26] kuko isi ari iyo Uhoraho, n'ibiyuzuye.
[27] Umuntu wo mu batizera ni yabahamagara, mukagomba kugenda, ico bazoshira imbere yanyu cose, mube mukirya, ata co mubajije, kubwo ijwi ryo mu mutima.
[28] Ariko ni hagira umuntu ababwira ati: “Ico ni icaterekerejwe; ntimukakirye, kubwo uwo abiseruye, no kubwo ijwi ryo mu mutima.”
[29] Ariko umutima mvuze si uwawe, ni uwa wa wundi. Ni igiki gituma ukwidegemvya kwanje guhinyurwa n'umutima w'uwundi?
[30] Ko ndya ndabishimiye, ni igiki gituma ntukirwa ivyo nshimiye?
[31] Nuko iyo murya, iyo munywa, canke iyo mukora ikindi kintu cose, mube mukorera vyose gushimisha Imana.
[32] Ntimubere Abayuda igitsitaza, canke Abagiriki, canke ishengero ry'Imana.
[33] Nk'uko nanje nezereza bose muri vyose, ntarondera ikigira ico kimarira ubwanje, ariko nkarondera ikigira ico kimarira abenshi, kugira ngo bakire.