Skip to content
Opens in a new window
Listen to this chapter • 5:40

[1] Ariko ku vyo mwanyandikiye, iciza ni uko umuhungu uwo ari we atohuye n'icitwa umukobwa.

[2] Ariko ku bwo kwirinda gushurashura, umugabo wese agire umugore wiwe, n'umugore wese agire umugabo wiwe.

[3] Umugabo ahe umugore wiwe ivyo akwiye, kandi umugore na we abigenze atyo ku mugabo wiwe.

[4] Kuko umugore ataganza umubiri wiwe, ariko uganzwa n'umugabo; kandi umugabo na we ntaganza umubiri wiwe, ariko uganzwa n'umugore.

[5] Ntimukimane, kiretse kumbure musezeranye igihe, kugira ngo mubone uburyo bwo gusenga, kandi mwongere mubane, Satani ntabageragereshe kutirinda kwanyu.

[6] Ariko mvuze ivyo ari ukwemerana, si ivyagezwe ndabagerera.

[7] Nagomba ko abantu bose bomera nkanje; ariko umuntu wese afise ingabire yiwe ahabwa n'Imana, umwe ukwiwe, uwundi ukwiwe.

[8] Abatararongorana, bo n'abapfakazi, ndababwira yuko iciza kuri bo ari uko bogumya kumera nkanje.

[9] Ariko namba badashobora kwirinda barongorane; kuko kwabirana ari kwiza, kuruta gushuha.

[10] Abamaze kurongorana, ndabagera, ariko si jewe, n'Umwami wacu, umugore ntavane n'umugabo wiwe.

[11] Aramutse avanye na we, abe igisubiramuhira, canke yisubize hamwe n'umugabo wiwe. Kandi umugabo ntate umugore wiwe.

[12] Abandi ni jewe ndababwira, si Umwami wacu. Umuvukanyi asanzwe afise umugore atizera, kandi uwo mugore agakunda kubana na we, ntamute.

[13] Kandi umugore afise umugabo atizera, na we agakunda kubana na we, ntavane n'umugabo wiwe.

[14] Kuko umugabo atizera yezwa kubwo umugore wiwe, kandi umugore atizera yezwa kubwo uwo muvukanyi. Iyo bitamera bityo, abana banyu baba ari ibihumane, ariko noneho ni abera.

[15] Ariko uwutizera, namba agomba kwahukana, ni yahukane. Umuvukanyi w'umugabo canke w'umugore ntahambirwa, iyo bimeze bityo. Imana yaduhamagariye amahoro.

[16] Yewe mugore, ubwirwa n'iki yuko uzokiza umugabo wawe? Yewe mugabo, ubwirwa n'iki yuko uzokiza umugore wawe?

[17] Ariko gusa, uko Umwami wacu yagabiye umuntu wese, kandi uko Imana yamuhamagaye, kube ari ko amera. Ni ko ngera mu mashengero yose.

[18] Mbega hariho umuntu yahamagawe yarahimbuwe igikoba c'ubugabo? Ntagacike nk'uwutagihimbuwe. Hariho umuntu yahamagawe atarahimburwa igikoba c'ubugabo? Ntakagihimburwe.

[19] Guhimburwa igikoba c'ubugabo nta co kumaze, no kudahimburwa igikoba c'ubugabo nta co kumaze, ariko ikigira ico kimaze n'ukwitondera ivyagezwe n'Imana.

[20] Umuntu wese, uko yari ari mw'ihamagarwa ryiwe, abigumemwo.

[21] Wahamagawe uri umushumba? Ntibikubabaze. Ariko, namba bishoboka ko ucika uwidegemvya, ubihitemwo.

[22] Uwahamagawe n'Umwami wacu ari umushumba, aba acitse uwidegemvya acunguwe n'Umwami. Ni ko, uwahamagawe n'Umwami ari uwidegemvya, aba acitse umushumba wa Kristo.

[23] Mwaguzwe igiciro, ntimukabe abakozi b'abantu.

[24] Bavukanyi, umuntu wese uko yari ari aho yahamagarwa, akugumanemwo n'Imana.

[25] Ku vyo inkumi, simfise icagezwe n'Umwami wacu; ariko ndababwira ivyo niyumvira, nk'umuntu yagiriwe ikigongwe n'Umwami, ngo mbe umwizigirwa.

[26] Nuko ndiyumvira yuko ari vyiza ku bwo igihe kigoye ca none, yuko ari vyiza k'umuntu aguma uko ari.

[27] Wahambiriwe ku mugore? Nturondere kubohorwa. Wabohowe ku mugore? Nturondere umugore.

[28] Ariko iyo urongoye, nta caha uba ukoze. N'inkumi, iyo irongowe nta caha iba ikoze. Mugabo, abameze batyo bazogira amagorwa mu mubiri, ariko jewe nagomba kuyabakingira.

[29] Ariko, bavukanyi, ibi ni vyo mvuga, ko biri ukwo; uhereye none abari n'abagore bamere nk'abatabagira;

[30] kandi abarira bamere nk' abatarira, n'abanezerewe bamere nk'abatanezerewe, n'abagura bamere nk'abatagira ico bafise,

[31] n'abakoresha ivy'isi, bamere nk' abatabishishikaye; kuko ukw'isi imeze uku, kugenda gushira.

[32] Ariko ndagomba ko mutiganyira. Uwutagira umugore yitwaririka ivyo Umwami wacu, uko yonezereza Umwami.

[33] Ariko uwumufise yitwaririka ivy'isi, uko yonezereza umugore.

[34] Kandi hariho itandukaniro ku mugore n'inkumi. Uwutarongowe yitwaririka ivyo Umwami wacu, kugira ngo abe uwera ku mubiri no mu mutima; ariko uwabiriwe yitwaririka ivy'isi, uko yonezereza umugabo.

[35] Ivyo ndabivugiye kubafasha, si ukubashira mu mpururu, ariko n'ukubiroranya, no kugira ngo mukorere Umwami wacu, mudafise imitima ibiri.

[36] Ariko umuntu ni yaba yiyumvira ko umukobwa wiwe atetererwa, kuko arengeranye ubukumi, kandi kuko bikwiye kuba gutyo, ni agenze uko agomba; nta caha azoba akoze, ni amureke aje kurongorwa.

[37] Ariko uwukomeye mu mutima wiwe, adafise ikimuhambira, ariko ashobora gukora ivyo agomba ubwiwe, yagabiye mu mutima kuzigama umukobwa bwiwe ngo ntarongorwe, azoba agize neza.

[38] Nuko uwutanga umukobwa wiwe ngo arongorwe aba agize neza; kandi uwutamutanga aba arushirije kugira neza.

[39] Umugore aboherwa ku mugabo wiwe akiriho; ariko iyo umugabo apfuye, nta kimubuza gucurwa n'uwo agomba, mugabo rero, ari uwuri mu Mwami wacu.

[40] Ariko iyo agumye uko ari, ni ho arushiriza guhirwa, uko niyumvira ku bwanje; kandi ngira ngo nanje mfise Mpwemu w'Imana.

Abo I Korinto Rya Mbere — Chapters