[1] Umuntu ni atwiyumvire yuko turi abakozi ba Kristo, n'abanyabigega b'amabanga y'Imana.
[2] Kandi ababwiriza abagomba ko babona ari abizigirwa.
[3] Ariko kubwanje ni nk'ubusa rwose gucirwa urubanza namwe, canke n'urukinja rw'abantu; kandi nanje nyene sinicira urubanza.
[4] Kuko ata co niyiziko, ariko si co kingira umwere; ariko uwuncira urubanza ni Umwami wacu.
[5] Ni co gituma mudakwiye guca urubanza rw'ikintu na kimwe igihe carwo kitarashika, ni co kuza kw'Umwami wacu, azomurika ivyari vyanyegejwe mu mwiza, kandi azogaragaza inama zo mu mitima; ni ho umuntu wese azohabwa n'Imana ishimwe rimukwiye.
[6] Ariko, bavukanyi, ivyo ndavyigereranijeko, jewe na Apolo, ku bwanyu, nk'igishushanyo; kugira ngo ivyo mvuze kuri twebwe bibigishe kutarenga ivyanditswe; ntihagire umuntu yikakisha arwana ishaka ry'umwe akagaya uwundi.
[7] Ni nde aguteye kwitandukanya n'abandi? Kandi ico ufise utahawe ni igiki? Ariko namba waragihawe, ni igiki gituma wirata, nk'uwutagihawe?
[8] Mumaze guhaga; mumaze gutunga; mwimitse nk'abami, tutarimwo. Erega icompa mukaba mwarimitswe, kugira ngo natwe twimikanwe namwe.
[9] Kuko niyumvira yuko twebwe intumwa, Imana yatwerekanye nk'abari hasi inyuma ya bose, nk'abagerewe kwicwa, kuko twacitse akarorero mw'isi, mu bamarayika no mu bantu.
[10] Twebwe turi ibipfu kubwa Kristo; mweho muri abanyabwenge muri Kristo. Turi abanyantege nke, muri abanyabushobozi; muri abanyacubahiro, turi inkengerwa.
[11] Gushitsa n'ubu twishwe n'inzara n'inyota, twambaye ubusa, dukubitwa ibipfunsi, tubura uburagamo.
[12] Dukoresha amaboko yacu tugatama. Iyo badutuka turabahezagira, iyo baduhama turihangana,
[13] iyo batwambika ibara turabahoyahoya. Twahindutse umwavu w'isi, n'udukokorwa kuri bose gushitsa n'ubu.
[14] Ivyo sindavyandikiye kubatetereza, ariko ni nko kubahanura, nk'abana banje nkunda.
[15] Kuko naho mufise muri Kristo ababarera ibihumbi icumi, ntimufise ba so benshi, kuko ari jewe nabavyaje ubutumwa bwiza muri Kristo Yesu.
[16] Nuko ndabinginga, munyigane.
[17] Ni co gituma ndabatumyeko Timoteyo, umwana wanje nkunda, agamburukira Umwami wacu; azobibutsa inzira zanje zo muri Kristo, nk'uko nigisha hose mu mashengero yose.
[18] Ariko bamwe bivyimvya, biyumvira yuko ntazoza i wanyu.
[19] Ariko nzoza vuba, Umwami wacu ni yabigomba; kandi si amajambo y'abivyimvya nzomenya, ariko n'ubushobozi bwabo.
[20] kuko ubwami bw'Imana atari ubwo amajambo, ariko n'ubwo ubushobozi.
[21] Mugomba iki? Ko nza i wanyu nzanye inkoni, canke ko nzana urukundo n'umutima w'ubugwaneza?