[1] Bavukanyi, ndabamenyesha ubutumwa bwiza, ubwo nababariye, namwe mukabakira, kandi mukabuhagararamwo,
[2] kandi mugakizwa na bwo, asangwa mukibufashe nk'uko nabubabwiye, kiretse mwoba mwizereye ubusa.
[3] Kuko nabanje kubashikiriza ico nanje nahawe, yuko Kristo yapfiriye ivyaha vyacu, nk'uko ivyanditswe bivuga,
[4] agahambwa, akazuka ku musi ugira gatatu, nk'uko ivyanditswe bivuga;
[5] akiyereka Kefa, maze akiyereka bamwe icumi na babiri,
[6] akongera akiyerekera hamwe abavukanyi barenga amajana atanu, muri abo abenshi baracariho n'ubu, ariko bamwe barasinziriye.
[7] Maze yiyereka Yakobo, hanyuma yiyereka intumwa zose.
[8] Maze hanyuma ya bose nanje aranyiyereka ndi nk'uwavutse atageze.
[9] Mbere jewe ndi inyuma y'izindi ntumwa zose, sinkwiye no kwitwa intumwa, kuko nahama ishengero ry'Imana.
[10] Ariko ubuntu bw'Imana ni bwo bwatumye mba uko ndi, kandi ubuntu bwayo nagiriwe ntibwabaye ubwo ubusa, ariko natamye kurusha bose; ariko si jewe yamara ni ubuntu bw'Imana bwari kumwe nanje.
[11] Nuko ari jewe ari abo, ivyo ni vyo tubabarira, namwe ni vyo mwizeye.
[12] Ariko, ko Kristo avugwa ko yazutse mu bapfuye, bamwe muri mwebwe bavuga bate yuko ata wuzuka?
[13] Asangwa ata wuzuka, na Kristo ntarakazuka.
[14] Kandi asangwa Kristo atazutse, ivyo twigisha n'ivyo ubusa, n'ukwizera kwanyu n'uko ubusa.
[15] Natwe twoba tubonetse ko turi abashingira Imana intahe y'ikinyoma, kuko twayishingiye intahe yuko yazuye Kristo, uwo itazuye, namba abapfuye batazuka.
[16] Asangwa abapfuye batazuka na Kristo ntarakazuka.
[17] Ariko asangwa Kristo atazutse, ukwizera kwanyu ni uko ubusa, muracari mu vyaha vyanyu.
[18] Kandi asangwa bimeze bityo, n'abasinziririye muri Kristo barayogeye.
[19] Asangwa muri ubu bugingo bwonyene ari ho twizigirira Kristo, turusha abandi bantu bose kuba abagowe.
[20] Ariko noneho Kristo yarazutse mu bapfuye, ni we yashurije abasinziriye.
[21] Kuko nk'uko urupfu rwazanywe n'umuntu, n'ukuzuka kw'abapfuye kwazanywe n'umuntu.
[22] Nk'uko Adamu yandukije bose gupfa, ni ko muri Kristo bose bazohindurwa bazima.
[23] Ariko umuntu wese mu mwanya wiwe; arabatangurira, maze aba Kristo bazobonerwa bazuke, aho azozira.
[24] Iherezo rizoca rishika, aho azoshikiriza Imana ubwami, ni yo Data wa twese, ni yamara gukuraho ubukuru bwose, n'ububasha bwose, n'ubushobozi bwose.
[25] Kuko ategerezwa guhangama ku butware bwiwe gushitsa aho azoshirira abansi biwe bose musi y'ibirenge vyiwe.
[26] Urupfu ni we mumenja w'imperera azoherengetezwa.
[27] Kuko handitswe, ngo Yamuhaye kuganza vyose, ibishira musi y'ibirenge vyiwe. Ariko ko ivuga iti: “Ahawe kuganza vyose;” biraboneka yuko Iyamuhaye kuganza vyose itabiharurwamwo.
[28] Ariko ni yamara gushikirizwa inganji ya vyose, ni ho n'Umwana ubwiwe azoganzwa n'Iyamuhaye inganji ya vyose, ngo Imana ibe vyose muri vyose.
[29] Canke ababatizwa mu gishingo c'abapfuye bazobamarira iki? Asangwa abapfuye batazurwa na mba, ni igiki gituma bababatirizwa?
[30] Natwe Ni igiki gituma twama turi mw'irinde?
[31] Uko bukeye ndapfa, indahiro ndahiye ni mwebwe vyirato vyanje, ivyo mfise muri Kristo Yesu Umwami wacu.
[32] Asangwa narwaniye n'ibikoko muri Efeso, ndi mu buryo bw' abantu gusa, bimarira iki? Namba abapfuye batazurwa, ni twirire, twinywere, kuko ejo tuzopfa.
[33] Ntimuzimire; kubana n'ababi kwonona ingeso nziza.
[34] Mwisubireko, mugororoke, ntimukore ivyaha; kuko bamwe batazi Imana. Ndabivugiye kubatetereza.
[35] Ariko umuntu yobaza ati: “Abapfuye bazurwa bate, kandi baza bafise umubiri ki?”
[36] Wa gipfu we, ico ubiba ntikimera kitabanje gupfa.
[37] Kandi ico ubiba, ntubiba umutumba uzohaba, ariko ubiba akabuto uko kari, ari nk'ako ingano, canke akandi kose.
[38] Ariko Imana igaha umutumba, nk'uko yagomvye, kandi akabuto kose igaha umutumba wako ukwako.
[39] Inyama zose si zimwe; izo abantu ziri ukwazo, n'izo ibikoko ziri ukwazo, n'izo inyoni n'ibisiga ziri ukwazo, n'izo ifi ziri ukwazo.
[40] Kandi hari imitumba yo kw'ijuru n'imitumba yo kw'isi. Ariko ubwiza bw'iyo kw'ijuru buri ukwabwo; n'ubwo iyo kw'isi buri ukwabwo.
[41] Ubwiza bw'izuba buri ukwabwo, n'ubwiza bw'ukwezi buri ukwabwo, n'ubwiza bw'inyenyeri buri ukwabwo: kandi inyenyeri ntinganya ubwiza n'iyindi nyenyeri.
[42] N'ukuzuka kw 'abapfuye ni nk'uko. Habibwa ikibora, hazurwa igitabora.
[43] Habibwa igikengerwa, hazurwa ico icubahiro. Habibwa ikinyantege nke hazurwa ico inkomezi.
[44] Habibwa umubiri w'inyama, hazurwa umubiri w'impwemu. Asangwa hariho umubiri w'inyama hariho kandi n'uwo impwemu.
[45] Kandi uko ni ko handitswe, ngo umuntu wa mbere Adamu yabaye uwufise ubugingo; Adamu wo hanyuma yabaye impwemu itanga ubugingo.
[46] Ariko ico impwemu si co kibanza, yamara ico inyama ni co kibanza, kigaherukirwa n'ico impwemu.
[47] Umuntu wa mbere yandurutse mw'ivu, ni uwo umukungugu. Umuntu wa kabiri yandurutse mw'ijuru.
[48] Nk'uko uwo umukungugu ari, ni ko n'abo umukungugu bandi bari. Nk'uko uwo ijuru ari, ni ko n'abo ijuru bandi bari.
[49] Kandi nk'uko twambaye ishusho y'uwo umukungugu, ni ko tuzokwambara n'ishusho y'uwo ijuru.
[50] Ariko bavukanyi, ico mvuga, yuko abo inyama n'amaraso badashobora kuragwa ubwami bw' Imana, kandi ibibora bitaragwa ibitabora.
[51] Ehe, ndababarira akabanga: ntituzosinzira twese, ariko twese tuzohindurwa,
[52] mu kanya gato, mu kanya nk'ako gukubita ingohe, aho inzumbeti y'iherezo izovugira. Kuko inzumbeti izovuga, abapfuye bakazurwa batagishobora kubora, natwe tuzohindurwa.
[53] Kuko uwu mubiri ubora ukwiye kuzokwambara ukutabora, kandi uwu mubiri upfa ukwiye kuzokwambara ukudapfa.
[54] Ariko, uwu ubora ni wamara kwambara ukutabora, n'uwu upfa ni wamara kwambara ukudapfa, ni ho hazoshika rya jambo ryanditswe, ngo urupfu rumizwe n'intsinzi.
[55] Wa rupfu we, intsinzi yawe iri hehe? Wa rupfu we, uruboyi rwawe ruri hehe?
[56] Ivyaha ni vyo ruboyi rw'urupfu, kandi ubushobozi bw'ivyaha n'ivyagezwe.
[57] Ariko Imana ishimwe, iduha gutsinda kubwo Umwami wacu Yesu Kristo.
[58] Nuko bavukanyi banje nkunda, mukomere ntimunyiganyige, murushirize imisi yose gukora ibikorwa vy'Umwami wacu, kuko muzi yuko ubutame bwanyu atari ubwo ubusa mu Mwami.