Skip to content
Opens in a new window
Listen to this chapter • 5:27

[1] Mwirukire urukundo. Yamara mwifuze cane ingabire za Mpwemu, canecane kuvugishwa n'Imana.

[2] Uvuga ururimi rutamenyekana si abantu abarira, ariko abarira Imana, kuko ata wuvyumva, ariko mu mpwemu avuga amabanga.

[3] Ariko uwuvugishwa n'Imana, abarira abantu ivyo kubakomeza n'ivyo kubahanura n'ivyo kubirura.

[4] Uvuga ururimi rutamenyekana ariyubaka, ariko uwuvugishwa n'Imana yubaka ishengero.

[5] Nagomba ko mwese muvuga indimi zitamenyekana, ariko ikirushiriza, ko muvugishwa n'Imana. Uwuvugishwa na yo aruta uvuga indimi zitamenyekana, kiretse yobisobanura, kugira ngo ishengero ryubakwe.

[6] Ariko none, bavukanyi, ni naza i wanyu mvuga indimi zitamenyekana, nzobamarira iki, ni ntababarira ivyo mpishuriwe, canke ivyo mpawe kumenya, canke kuvugishwa n'Imana, canke kwigisha?

[7] Kandi n'ibidafise ubugingo biri n'amajwi: umwironge iyo udatandukanije ijwi, canke inanga, bomenya bate irivuzwa canke iricurarangwa?

[8] Kandi n'inzumbeti yovuga ijwi ritamenyekana, ni nde yokwitegura gutabara?

[9] Namwe ni uko, ururimi rwanyu ni rutavuga ibimenyekana, bazomenya bate ivyo muvuga? Kuko muzoba muvuga ibitwarwa n'umuyaga.

[10] Amajwi yo mw'isi, naho ari menshi ate, nta ridafise uko risobanurwa.

[11] Nuko iyo ntamenye uko ijwi risobanurwa, uno avuga mba ndamubereye uwudebagura, kandi nanje, uno avuga aba ambereye uwudebagura.

[12] Namwe ni uko, kuko mwifuza ivya Mpwemu, kuremesha ishengero kube ari kwo gutuma mugomba kurushiriza.

[13] Nuko uwuvuga ururimi rutamenyekana asenge, kugira ngo ahabwe kubisobanura.

[14] Iyo nsenga mu rurimi rutamenyekana, impwemu yanje irasenga, ariko ubwenge bwanje buragumbaha.

[15] Nuko ngire nte? Nzosengesha impwemu yanje, ariko kandi nzosengesha n'ubwenge. Nzoririmbisha impwemu yanje, ariko kandi nzoririmbisha n'ubwenge.

[16] Iyo ushimye Imana, ushimishije impwemu yawe yonyene, mbega uri ku ruhande rw'abatungu yoshobora ate kuvuga ati: “Amina, ni waheza gushima, kandi atamenye ico uvuze?”

[17] Ni ukuri ku bwawe ushima neza, ariko wa wundi ntakomezwa.

[18] Nshimira Imana yuko ndabarusha mwese kuvuga indimi zitamenyekana.

[19] Ariko mw'ishengero nopfuma mvugisha ubwenge bwanje amajambo atanu, kugira ngo nigishe n'abandi, hako mvuga amajambo ibihumbi icumi mu rurimi rutamenyekana.

[20] Bavukanyi, ntimube abana mu bwenge, ariko mube ibitazi mu bibi; ariko mu bwenge mube abagabo.

[21] Mu vyagezwe handitswe, ngo nzovuganira n'ubu bwoko mu kanwa k'abavuga izindi ndimi no mu kanwa k'abanyamahanga, ariko naho nzovuga ntyo, ntibazonyumvira, ni ko Uhoraho avuze.

[22] Ni co gituma indimi zitamenyekana zitabera abizera ikimenyetso, ariko zikibera abatizera. Ariko kuvugishwa n'Imana kwo, ntikubera abatizera ikimenyetso ariko kukibera abizera.

[23] Nuko ishengero ryose, iyo rikoraniye hamwe, bose bakavuga indimi zitamenyekana, hakinjiramwo abatungu canke abatizera, ntibovuga yuko mwasaze?

[24] Ariko bose iyo bavugishwa n'Imana, hakinjiramwo uwutizera canke umutungu, yomenyeshwa ivyaha vyiwe na bose, agahinyuzwa na bose.

[25] Ibihishijwe mu mutima wiwe bigaseruka; Nuko akubika inda, agasenga Imana, akatura yuko Imana iri muri mwebwe vy'ukuri.

[26] Ni bite ga bavukanyi? Iyo mukoranye, umuntu wese aba afise indirimbo, canke amajambo yo kwigisha, canke amajambo ahishuriwe, canke ururimi rutamenyekana, canke amajambo yo kurusobanura. Vyose bikorwe kugira ngo abantu bakomezwe.

[27] Ni haba hariho abavuga ururimi rutamenyekana, havuge babiri canke batatu, badasaga, kandi bavuge bakurikirana, hagire ubisobanura.

[28] Ariko ni haba hatariho uwubisobanura, uvuga urutamenyekana acereze mw'ishengero, yibwire, kandi abwire Imana.

[29] Kandi n'abavugishwa n'Imana bavuge ari babiri canke batatu, abandi babigenzure.

[30] Ariko uwundi yicaye ni yagira ico ahishurirwa, uwabanje ahore.

[31] Kuko mwese mushobora kuvugishwa n'Imana umwumwe, ngo bose bige, bose bahanurwe.

[32] Impwemu z'abavugishwa n' Imana ziganzwa na bo;

[33] kuko Imana atari iyo umuvurungano, ariko ni iyo amahoro. Nk'uko bimeze mu mashengero yose y'abera,

[34] abagore bacereze mw'ishengero, kuko batemererwa kuvuga. Ariko baganzwe, nk'uko ivyagezwe na vyo bivuga.

[35] Kandi ni hagira ico bagomba kwiga, babarize abagabo babo i muhira, kuko biteye isoni k'umugore avuga mw'ishengero.

[36] Mbega kuri mwebwe ni ho ijambo ry'Imana ryandurutse? Canke ryashitse kuri mwebwe mwenyene?

[37] Ni hagira umuntu yiyumvira ko ari uwuvugishwa n'Imana, canke ko ari uwo impwemu, amenye ivyo ndabandikiye yuko ari icagezwe c'Umwami wacu.

[38] Ariko, namba hari umuntu atabimenye, ntakabimenye.

[39] Nuko, bavukanyi banje, mwifuze cane kuvugishwa n'Imana, kandi ntimubuze kuvuga indimi zitamenyekana.

[40] Ariko vyose bitungane neza, birorane.

Abo I Korinto Rya Mbere — Chapters