[1] Ku bwanje, bavukanyi, sinshoboye kubabwira nk' abo impwemu, ariko nababwiye nk' abaganzwa n'akameremere k'imibiri yabo, nk'abana b'inzoya bo muri Kristo.
[2] Nabaramije amata, sinabagaburiye ivyo kurya bigumye; kuko mutaribwabishobore. Kandi na none ntimurabishobora,
[3] kuko mukiganzwa n'ivyo akameremere kanyu. Ko muri mwebwe hari ishari n'ugutongana, ntimuganzwa na vyo? Ntimugenda nk'abantu?
[4] Umuntu umwe ko avuga ati: “Jeho ndi uwa Pahulo,” uwundi ati: “Jeho ndi uwa Apolo, ntimuri abantu se?”
[5] None Apolo ni igiki? Kandi Pahulo ni igiki? Mbega si abakozi batumye mwizera Imana, nk'uko Imana yahaye umuntu wese?
[6] Ni jewe nateye imbuto, Apolo arazivomera, ariko Imana ni yo yazikujije.
[7] Nuko uwuzitera nta co amaze, canke uwuzivomera, atari Imana ikuza.
[8] Uwuzitera n'uwuzivomera ni bamwe. Ariko umuntu wese azogererwa nk'uko yakoze igikorwa ciwe;
[9] kuko Imana ari yo dukorana, namwe muri imirima y'Imana, muri inzu yubakwa n'Imana.
[10] Nk'uko nahawe ubuntu n' Imana, nashizeho umushinge, nk'umwubakisha mukuru w'ubwenge, uwundi yubakako. Ariko umuntu wese ni yiyubare uko yubakako.
[11] Kuko irindi tanguriro ata muntu ashobora kurishiraho, atari iryashizweho, ni ryo Yesu Kristo.
[12] Ariko iryo tanguriro, umuntu ni yaryubakishako izahabu, canke ifeza, canke amabuye y'igiciro kinini, canke ibiti, canke ubwatsi, canke ibishakashaka,
[13] igikorwa c'umuntu wese kizoseruka. Wa musi uzogiserura, kuko uzohishuranwa n'umuriro, kandi igikorwa c'umuntu wese uwo muriro uzokigeza ico kirimwo.
[14] Igikorwa c'umuntu, ico yubatse kuri iryo tanguriro, ni carama, azohabwa ingero;
[15] igikorwa c'umuntu ni casha, azobura ingero, yamara ubwiwe azokira, ariko nk'uwokowe mu muriro.
[16] Mbega ntimuzi yuko muri urusengero rw'Imana, kandi ko Mpwemu w'Imana mubana?
[17] Umuntu ni yonona urusengero rw'Imana, Imana izomurandura; kuko urusengero rw'Imana ari urwera, kandi urwo rusengero ni mwebwe.
[18] Ntihakagire umuntu yihenda; umuntu wo muri mwebwe ni yiyumvira ko ari umunyabwenge ku vy'iki gihe, abe igipfu, kugira ngo abone kuba umunyabwenge.
[19] Kuko ubwenge bw'iyi si ari ubupfu ku Mana. Kuko handitswe, ngo itegesha abanyabwenge ubugunge bwabo.
[20] Kandi ngo Uhoraho arazi ivyiyumviro vy' abanyabwenge, kandi ko bitagira ikimazi.
[21] Nuko ntihakagire umuntu yirata abantu. Kuko vyose ari ivyanyu;
[22] ari Pahulo, canke Apolo, canke Kefa, canke isi, canke ubugingo, canke urupfu, canke ibiriho, canke ibizoba, vyose ni ivyanyu,
[23] namwe muri aba Kristo, Kristo ni uwo Imana.