[1] Mbega sindi uwidegemvya? Sindi intumwa? Sinabonye Yesu Umwami wacu? Namwe ntimuri igikorwa canje mu Mwami?
[2] Namba ku bandi ntari intumwa, ariko kuri mwebwe ndi yo; kuko muri ikimenyetso mu Mwami c'uko ndi intumwa.
[3] Ibi ni vyo nireguza ku bampinyura:
[4] mbega ntitwemererwa kurya no kunywa?
[5] Ntitwokwemerewe kujana n'umugore akijijwe nk'uko izindi ntumwa zikora, n'abavukanyi b'Umwami wacu na Kefa?
[6] Canke jewe na Barunaba ni twebwe twenyene tutemererwa kureka gukora?
[7] Ni nde yigeze kwitunga, ari umusoda? Ni nde yotera umurima w'inzabibu ntarye inzabibu zarwo? Canke ni nde yoragira ubusho, ntabunywe?
[8] Mbega ivyo ndabivuze mu buryo bw'abantu, canke ivyagezwe vyo ntibivuga bityo?
[9] Kuko handitswe mu vyagezwe vya Mose, ngo ntimuze murumye umunwa w'inka iriko irasekura ingano. Mbega inka ni zo Imana ibabaye?
[10] Canke se yabivuze kubwacu? Ego me, vyanditswe ku bwacu; kuko umurimyi akwiye kurima afise ivyizigiro, kandi umusekuzi akwiye gusekura yizigiye ko azohabwako.
[11] Mbega ko twababivyemwo ivyo impwemu, none n'ibikomeye ko twokwimbura ivyanyu vy'umubiri?
[12] Abandi namba baravyemerewe kuri mwebwe, mbega ntitubarusha cane? Ariko ntitwarwaniye ivyo twemerewe, yamara twihanganira vyose, kugira ngo ntituzane ikidehesha ubutumwa bwiza bwa Kristo.
[13] Ntimuzi yuko abakora ibikorwa vy'ivyera barya ivyo urusengero, kandi abakora ivyo igicaniro basangira n'igicaniro?
[14] Kandi n'Umwami wacu ni ko yageze ko abavuga ubutumwa bwiza batungwa n'ubutumwa.
[15] Ariko jewe ubwanje nta co narwaniye muri ivyo; kandi sinandikiye ivyo kugira ngo nkorerwe ntyo. Ivyoba vyiza n'uko nopfuma mpfa, hako umuntu ahindura ubusa ivyo vyirato vyanje.
[16] Iyo mvuga ubutumwa, singira ico nirata; kuko mfise ikingobera; ntavuze ubutumwa nobona ibara.
[17] Ngenjeje ntyo ndabikunze, ndagererwa; ariko ngenjeje ntyo ntabikunze na ho nyene ngoberwa n'ububwiriza nizigiweko.
[18] None ingero yanje ni inki? Ni uko ubutumwa, uko ndabuvuze, ndabuvuga ku buntu, kugira ngo sindwanire ivyo nemerewe mu butumwa.
[19] Naho kuri bose ndi uwidegemvya, nihinduye umushumba wa bose, kugira ngo ndushirize kuronka benshi.
[20] Ku Bayuda nabaye nk'Umuyuda, kugira ngo ndonke Abayuda; ku baganzwa n'ivyagezwe nabaye nk'uwuganzwa na vyo, naho ubwanje ntaganzwa na vyo, kugira ngo ndonke abaganzwa n'ivyagezwe.
[21] Ku bataganzwa n'ivyagezwe, nabaye nk'uwutaganzwa na vyo, kugira ngo ndonke abataganzwa n'ivyagezwe, yamara ku Mana ho sindi uwutaganzwa n'ivyagezwe, kuko kuri Kristo nganzwa na vyo.
[22] Ku badakomeye nabaye nk'uwudakomeye, kugira ngo ndonke abadakomeye. Kuri bose nabaye vyose kugira ngo nkirishe bamwebamwe uburyo bwose.
[23] Kandi ivyo vyose ndabikora kubwo ubutumwa bwiza, kugira ngo mfatanye n'abandi muri bwo.
[24] Ntimuzi yuko mu birori abasiganwa biruka bose, ariko uherwa akaba umwe? Namwe mube ari ko mwiruka, kugira ngo muronke impera.
[25] Kuko umuntu wese azorushanywa yitegura muri vyose. Abo bagenza batyo, kugira ngo bahabwe igitsibo gishira, ariko twebwe tugenza dutyo kugira ngo duhabwe ikitazoshira.
[26] Nuko nanje ndiruka, ariko si nk'uwutazi iyo aja; nkubitana ibipfunsi, ariko si nk'uhusha;
[27] kandi ndwanya umubiri wanje, nkawuhindura umushumba, kugira ngo kumbure maze kwigisha abandi, nanje ubwanje sinze mboneke ko ntemewe.