Skip to content
Opens in a new window
Listen to this chapter • 2:42

[1] Mbega hari uwo muri mwebwe yogira ico apfa n'umuvukanyi wiwe, akubahuka kuburanira ku bagabitanya, ntaburanire ku bera?

[2] Ntimuzi yuko abera ari bo bazocira abo isi urubanza? Kandi ko ari mwebwe muzocira abo isi urubanza, none ntimubereye guca imanza ntonto?

[3] Ntimuzi yuko tuzocira abamarayika urubanza? None ntiturushiriza kuba abo guca imanza z'ivyo ubu bugingo?

[4] Nuko, iyo mufise imanza zo guhimburwa igikoba c'ubugabo z'ivyo ubu bugingo, mbega mushiraho abatagira ico bamariye ishengero ngo abe ari bo bazica?

[5] Ndabivugiye kubatetereza. Mbega vyoshoboka yuko muri mwebwe hatagira umunyabwenge n'umwe yoshobora gucira urubanza abavukanyi?

[6] Ariko umuvukanyi akaburana n'uwundi muvukanyi, kandi bakaburanira no ku batizera!

[7] Mbere n'ubu hari ico muhomvye rwose, kuko musubiranamwo mukaburana. Ntimwopfuma mugirirwa nabi? Ntimwopfuma mwemera kugungwa?

[8] Ariko ni mwebwe mugiriranira nabi, mugungana, kandi abo mugirira mutyo ni abana ba So.

[9] Ntimuzi yuko abagabitanya batazoragwa ubwami bw'Imana? Ntimuzimire; abashurashuzi, canke abasenga ibigirwamana, abasambanyi, abagabo basambana, abagabo basambana n'abandi bagabo,

[10] ibisuma, abifuza, imborerwa, abatukana canke abasahura, ntibazoragwa ubwami bw'Imana.

[11] Kandi bamwe muri mwebwe ni ko mwari muri; ariko mwaruhagiwe, ariko mwarejejwe, ariko mwatsindanishirijwe mw'izina ry'Umwami Yesu Kristo no muri Mpwemu w' Imana yacu.

[12] Vyose ndavyemererwa, ariko si vyose bingirira ikimazi. Vyose ndavyemererwa, ariko sinzoganzwa n'ikintu na kimwe.

[13] Ivyo kurya ni ivyo inda, n'inda n'iyo ivyo kurya; yamara Imana izobikuraho vyose. Ariko, imibiri yacu si iyo gushegura, mugabo ni iyo Umwami wacu, kandi Umwami ni uwo imibiri yacu.

[14] Kandi Imana yazuye Umwami, natwe nyene izotuzurisha ubushobozi bwayo.

[15] Ntimuzi yuko imibiri yanyu ari ingingo za Kristo? None ntore ingingo za Kristo, ndazihindure ingingo z'umumaraya? Biragahera.

[16] Ntimuzi yuko uwimatanya n'umumaraya aba ari umubiri umwe na we? Kuko yavuze iti: “Bompi bazoba umubiri umwe.”

[17] Ariko uwimatanije n'Umwami wacu aba abaye impwemu imwe na we.

[18] Muhunge ubushakanyi. Icaha cose umuntu akora si ico umubiri, ariko usheguye aba acumuye ku mubiri wiwe.

[19] Ntimuzi yuko imibiri yanyu ari insengero za Mpwemu Yera ari muri mwebwe, uwo mufise, avuye ku Mana? Kandi si mwe mwiganza,

[20] kuko mwaguzwe igiciro. Nuko rero, mushimishe Imana mu mibiri yanyu.

Abo I Korinto Rya Mbere — Chapters