[1] Inkuru yamamaye hose yuko muri mwebwe hariho ubusambanyi; kandi ubwo busambanyi butoba no mu banyamahanga, kubona umuntu gucikiza muka se ngo amurongore.
[2] Namwe mukikakisha, ntimubabare, nk'uko mwari mukwiye, kugira ngo uwakoze ico caha akurwe muri mwebwe.
[3] Ku bwanje naho ntariho ku mubiri, ariko ndiho mu mpwemu, nahejeje gutsindisha uwakoze ibimeze bityo nk'aho ndiho,
[4] mw'izina ry'Umwami Yesu mwebwe n'impwemu yanje dukoranye dufise ubushobozi bw'Umwami wacu Yesu,
[5] guha Satani umeze atyo, kugira ngo umubiri wiwe uranduke, ubugingo bwiwe buzorokoke ku musi w'Umwami Yesu.
[6] Kwirata kwanyu si kwiza. Ntimuzi yuko umwambiro muke wambira irobe ryose?
[7] Nuko ni mukureho umwambiro wa kera, kugira ngo mube irobe rishasha, nk'uko mutarimwo umwambiro. Kuko umwagazi w'intama wa Pasika wacu watanzwe ko ishikanwa, ari we Kristo.
[8] Nuko tuziririze imisi mikuru, tudafise umwambiro wa kera, canke umwambiro w'urwanko n'ikibi, ariko tugire imitsima itambiwe y'imitima ikeye ni ukuri.
[9] Nabandikiye muri ca cete ko mutivanga n'abasambanyi.
[10] Ariko sinavuga abasambanyi bo mu b'iyi si, canke abifuza, canke abasahura, canke abasenga ibigirwamana, kuko iyo biba bityo mwari mukwiye kuva mw'isi.
[11] Ariko burya nabandikiye ko mutivanga n'uwitwa umuvukanyi, namba ari umusambanyi, canke uwunohoka, canke uwusenga ibigirwamana, canke uwutukana, canke uwuborerwa, canke umunyazi; umeze atyo, no gusangira ntimugasangire na we.
[12] Mpuriye hehe no gucira urubanza abo hanze? Mbega si mwebwe mucira urubanza abo muri mwebwe?
[13] ariko abo hanze Imana ni yo izobacira urubanza. Ni mukure umunyakibi muri mwebwe.