[1] Ndabashimiye Foyibe muvukanyi, ni we mukozi w'ishengero ry'i Kenkireya,
[2] ngo mumwakire ku bwo Umwami wacu, nk'uko bibereye abera, kandi mumufashe ku c'azogomba cose, kuko na we yafashije benshi, barimwo nanje.
[3] Muntahirize Purisikila na Akwila abakoranye nanje muri Kristo Yesu,
[4] kandi bahevye imitwe yabo ngo icibwe kugira ngo bakize amagara yanje. Si jewe jenyene ndabashima, ariko n'amashengero yose yo mu banyamahanga arabashima.
[5] Kandi muntahirize ishengero ryo mu nzu yabo. Muntahirize Epayineto, uwo nkunda, ni we yatanguriye abo muri Asiya babaye aba Kristo.
[6] Muntahirize Mariya yabakoreye cane.
[7] Muntahirize Andironiko na Yuniya, dusangiye umuryango, ababohanywe nanje, ni ba rurangiranwa mu ntumwa, ni bo bantanze kuba muri Kristo.
[8] Muntahirize Ampuliyato, uwo nkunda mu Mwami wacu.
[9] Muntahirize Urubano, dukorana muri Kristo, na Sitaku, uwo nkunda.
[10] Muntahirize Apele yagejejwe akarama muri Kristo. Muntahirize abo mu bo kwa Arisitobulo.
[11] Muntahirize Herodiyoni dusangiye umuryango. Muntahirize abo mu bo kwa Narukiso, abari mu Mwami wacu.
[12] Muntahirize Tirufayina na Tirufosa, bakorera mu Mwami wacu. Muntahirize Perusi akundwa, yakoreye mu Mwami cane.
[13] Muntahirize Rufo, yatoranijwe n'Umwami, na nyina ni nka mama.
[14] Muntahirize Asunkirito, Fulegoni, Herume, Patiroba, Heruma n'abavukanyi bari kumwe na bo.
[15] Muntahirize Filologo na Yuliya, na Nereyu na mushiki we, na Olumpa n'abera bose bari kumwe na bo.
[16] Muramukanishe kugumbirana kwera. Amashengero ya Kristo yose arabaganutsa.
[17] Ariko bavukanyi, ndabinginga kwitegereza abazana ivyo gutandukanya n'ibitsitaza, bidahura n'ivyo mwize, mubazibukire.
[18] Kuko abameze batyo, batajakariye Umwami wacu Kristo, ariko bajakariye inda zabo, kandi bohesha imitima y'aberanda amajambo meza n'ivyo kubanezereza.
[19] Igitumye ndababwira ivyo, ni uko kwumvira Imana kwanyu kwamamaye mu bantu bose. Ni co gitumye ndabanezererwa, ariko ndagomba ko muba abanyabwenge ku vyiza, mukaba abatungu ku bibi.
[20] Imana nyene amahoro izofyonyorera Satani vuba musi y'ibirenge vyanyu. Ubuntu bw'Umwami wacu Yesu Kristo bubane namwe.
[21] Timoteyo, dukorana, arabaganutsa, bo na Lukiyosi na Yasona na Sosipatiro, dusangiye umuryango.
[22] Nanje Terutiyo, nanditse iki cete, ndabaganutsa mu Mwami wacu.
[23] Gayo arabaganutsa, ni we yampaye indaro, kandi yakiriye n'abo mw'ishengero bose. Erasito, aganza ivyo ikori ry'iki gisagara, na Kwaruto umuvukanyi wacu, barabaganutsa. [
[24] Ubuntu bw'Umwami wacu Yesu Kristo bubane namwe mwese. Amina.]
[25] Imana ishobora kubakomeza, nk'uko ubutumwa bwiza nahawe n'ukwigisha ivya Yesu Kristo bivuga, bihura no guhishurwa kw'ibanga ryahozwe uhereye kera hose,
[26] ariko muri iki gihe riraserutse, kandi ivyanditswe n'abavugishwa n'Imana birimenyesheje amahanga yose, nk'uko Imana ihoraho yageze, kugira ngo bumvire Imana babiheshwa no kwizera,
[27] Imana ifise ubwenge yonyene, icubahiro kibe icayo kubwa Yesu Kristo, ibihe bitazoshira. Amina.