Skip to content
Opens in a new window
Listen to this chapter • 3:38

[1] None rero, ico twovuga yuko Aburahamu sogokuruza ku mubiri yaronse ni igiki?

[2] Iyo Aburahamu agirwa umwere kubwo ibikorwa, aba afise ico yihaya. Ariko imbere y'Imana nta co afise.

[3] Ivyanditswe bivuga iki? Bivuga ngo Aburahamu yizeye Imana, ibimuharurako nk'ukugororoka.

[4] Yamara uwukora, ingero yiwe ntiharurwa nk'ubuntu iharurwa nk'inyishu.

[5] Ariko uwudakora, akizera Iyigira abatayubashe abere, ukwizera kwiwe rurwa nk'ukugororoka.

[6] Nk'uko Dawidi na we yavuze ubuhirwe bw'umuntu uwo Imana iharura nk'uwugororotse, atari kubwo ibikorwa

[7] ati: “Harahiriwe abahariwe ibigabitanyo vyabo,” kandi ivyaha vyabo bigahishwa,

[8] Harahiriwe umuntu Uhoraho atazoharurako icaha.

[9] Mbega ubwo buhirwe buvugwa ku bahimbuwe igikoba c'ubugabo bonyene, canke ku batahimbuwe igikoba c'ubugabo na bo? Kuko tuvuga tuti: “Ukwizera kwaharuwe kuri Aburahamu nk'ukugororoka.”

[10] Kwaharuwe ryari? Yari yarahimbuwe igikoba c'ubugabo, canke ntiyaribwagihimburwe? Ico gihe si uko yari amaze guhimburwa igikoba c'ubugabo ariko ntiyaribwagihimburwe.

[11] Kandi ahabwa ikimenyetso, ni kwo guhimburwa igikoba co ku mutwe w'igihimba c'irondoka, kuba ikimenyetso c'ukugororoka kwavuye kuri kwa kwizera yarafise atarahimburwa igikoba c'ubugabo, kugira ngo abe sekuruza w'abizera bose batahimbuwe igikoba c'ubugabo, ngo bibaharurweko ukugororoka;

[12] kandi abe na sekuruza w'abahimbuwe igikoba c'ubugabo, batahimbuwe igikoba c'ubugabo gusa, ariko bagera ikirenge mu c'ukwo kwizera kwa sogokuruza Aburahamu, ukwo yarafise, atarahimburwa igikoba co ku mutwe w'igihimba c'irondoka.

[13] Kuko atari kubwo ivyagezwe Aburahamu yasezeraniwe canke uruvyaro rwiwe, yuko azoragwa isi yose, ariko ni kubwo ukugororoka kuva ku kwizera.

[14] Abizigira ivyagezwe iyo baba ari bo baragwa, ukwizera kuba kwarahindutse ubusa, ivyasezeranywe bikaba bititutse.

[15] Kuko ivyagezwe bizana ishavu, ariko aho ivyagezwe bitari, nta gicumuro kiba kiriho.

[16] Ni co gituma abaragwa babihawe kubwo kwizera ngo bibe ivyo bahawe ku buntu kugira ngo ivyasezeraniwe uruvyaro rwa Aburahamu bibe ivya bose, bitari ivyo abaganzwa n'ivyagezwe gusa; ariko ngo bibe n'ivyabaganzwa n'ukwizera kwa Aburahamu, sogokuruza wacu twese.

[17] Nakugize sekuruza w'amahanga menshi. Imbere y'Imana yacu yizeye ari yo izura abapfuye ikita n'ibitariho nk'ibiriho; ni we Sogokuruza wacu twese.

[18] Aburahamu yizera yizigiye ibitokwizigiwe, ngo abe sekuruza w'amahanga menshi, nk'uko vyavuzwe, ngo uruvyaro rwawe ni ko ruzongana.

[19] Kandi ntiyagabanukako ukwizera, yitegereje umubiri wiwe umaze kuba akaheze, kuko yari amaze imyaka nk'ijana y'amavuka yiwe, na Sara yari yaraciye.

[20] Ariko yiyumviriye ico Imana yamusezeraniye, ntiyakekeranishwa no kutizera, ariko aremeshwa cane no kwizera, ahesha Imana icubahiro,

[21] amenya neza adakekeranya yuko ico yasezeranye ishobora no kugikora.

[22] Ni co catumye bimuharurwako nk'ukugororoka.

[23] Ariko ntivyandikiwe we wenyene yuko vyamuharuweko nk'ukugororoka,

[24] ariko no kubwacu, bizoduharurwako nka kwo, kuko twizeye Iyazuye Yesu Umwami wacu imukuye mu bapfuye,

[25] yatangiwe ibigabitanyo vyacu, akazurwa kugira ngo tugirwe abera.

Abaroma — Chapters