Skip to content
Opens in a new window
Listen to this chapter • 3:12

[1] None rero, ko twagizwe abera n'ukwizera, dufise amahoro ku Mana ku bwo Umwami wacu Yesu Kristo,

[2] yadushikanishije ukwizera muri ubu buntu duhagazemwo, kandi tunezerezwa no kwizigira kuzobona ubwiza bw' Imana.

[3] Kandi si vyo vyonyene, ariko kandi tunezererwe n'amarushwa yacu, kuko tuzi yuko amarushwa atera ukwihangana;

[4] kandi ukwihangana kugatera kudatsindwa no kugeragezwa; kudatsindwa no kugeragezwa kugatera kwizigira ibitaraba.

[5] Ukwo kwizigira ntigutetereza, kuko urukundo rw'Imana rwasutswe hose mu mitima yacu na Mpwemu Yera twahawe.

[6] Tugifise intege nke, mu gihe gikwiye Kristo yapfiriye abatubaha Imana.

[7] Ko ari ibigoye k'umuntu apfira umugororotsi, umunyangeso nziza kumbure umuntu yotinyuka kumupfira.

[8] Ariko Imana yatweretse urukundo rwayo idukunda, kuko Kristo yadupfiriye tukiri abanyavyaha.

[9] Nuko none tumaze guhindurwa intungane n'amaraso yiwe, tuzorushiriza guheshwa na we gukizwa ishavu ry' Imana.

[10] Ko twujujwe n'Imana n'urupfu rw'Umwana wayo, tukiri abansi bayo, none tumaze kwuzura na yo, ubugingo bwiwe buzorushiriza kudukiza.

[11] Kandi si vyo vyonyene, ariko ikindi, tunezererwa Imana ku bwo Umwami wacu Yesu Kristo, yaduhesheje kwuzura na yo.

[12] None rero ko bimeze bityo, nk'uko icaha cazanywe mw'isi n'umuntu umwe, urupfu rukazanwa n'icaha, ni ko urupfu rushika ku bantu bose, kuko bose bakoze ivyaha.

[13] Ivyagezwe bitarabaho, icaha cari mw'isi, ariko abantu ntibaharurwako icaha, ivyagezwe bitariho.

[14] Ariko uhereye kuri Adamu, ukageza kuri Mose, urupfu rwaganza n'abatakoze icaha gisa n'igicumuro ca Adamu, yari igishushanyo c'uwagira azoze.

[15] Ariko ingabire y'Imana ntimera nka ca gicumuro. Ko igicumuro c'umwe catumye abenshi bapfa, ubuntu bw'Imana n'ingabire y'ubuntu bw'umuntu umwe Yesu Kristo vyarushirije gusaguka kuri benshi.

[16] Kandi iyo ngabire ntiyaje nk'icazanywe n'igicumuro c'umuntu umwe; kuko gucirwa urubanza kwavuye ku muntu umwe, kugatera gutsindwa, ariko ya ngabire yavuye mu bicumuro vyinshi, izana guhindurwa intungane.

[17] Ko igicumuro c'umwe catumye urupfu rushirwa ku butware n'umwe, abakira ubuntu n'ingabire yo kugororoka bisesekaye bazorushiriza gushirwa ku butware mu bugingo n'umwe, Yesu Kristo.

[18] None rero nk'uko gucirwa urubanza kwazanywe n'igicumuro kimwe ku bantu bose, ngo batsindwe, ni ko ya ngabire yazanywe n'igikorwa kigororotse kimwe ku bantu bose, ngo bahindurwe abera baronke ubugingo.

[19] Kandi nk'uko kutumvira Imana kw'umuntu umwe kwatumye benshi bacika abanyavyaha, ni ko kuwumvira kw'umwe kuzotuma benshi bacika abagororotsi.

[20] Ariko ivyagezwe vyaje na vyo, kugira ngo gucumura kugwire. Yamara, aho icaha cagwiriye ni ho ubuntu bw' Imana bwarushirije kugwira,

[21] kugira ngo, nk'uko icaha cashizwe ku butware n'urupfu, mube ari ko n'ubuntu bw'Imana bushirwa ku butware n'ukugororoka, buheshe ubugingo budashira, kubwa Yesu Kristo Umwami wacu.

Abaroma — Chapters