[1] Ndavuga ukuri muri Kristo, simbesha, ijwi ryo mu mutima wanje rirabinyemeza muri Mpwemu Yera,
[2] yuko mfise intuntu nyinshi n'umubabaro udahengeshanya mu mutima.
[3] Iyaba vyashoboka, noshimye kuvumwa no kuba igicibwa kuri Kristo kubwa bene wacu, abo tuvukana ku mubiri,
[4] ni bo Bisirayeli, ivyabo ni uguhinduka abana b'Imana, ubwiza, amasezerano, guhabwa ivyagezwe, gusenga Imana n'ivyasezeranywe;
[5] bafise ba sogokuruza ba bandi, kandi ku mubiri Kristo yamutse kuri bo, ni we ari hejuru ya vyose, ni we Mana ikwiye gushimwa ibihe bidashira. Amina.
[6] Ariko si ukugira ngo ijambo ry'Imana ntiryashitse; kuko abamutse kuri Isirayeli atari bo Bisirayeli bose.
[7] Kandi kuko ari uruvyaro rwa Aburahamu, si co kibagira abana biwe bose; ariko, kuri Isaka ni ho uruvyaro rwawe ruzokwitirirwa.
[8] Ni kwo kuvuga ko abana b'umubiri atari bo bana b'Imana, ariko abana b'isezerano ni bo baharurwa nk'uruvyaro.
[9] Kuko ijambo ry'isezerano ari iri, ngo ikindi gihe nk'iki nzoza, Sara yavyaye umuhungu.
[10] Kandi si co gusa, ariko na Rebeka, igihe yari amaze gusama inda y'umugabo umwe, Isaka sogokuruza,
[11] kandi abana bataravuka, batarakora iciza canke ikibi, ngo ivyo Imana yagabiye itoranya bibeho, bitavuye ku vy'abantu bakora, ariko vyavuye ku Iyibahamagara,
[12] ico gihe yabwiwe, ngo Bukuru azoshumbira Butoyi;
[13] nk'uko handitswe, ngo Yakobo naramukunze, Esawu na we naramwanse.
[14] Nuko tuvuge iki? Mbega Imana irarenganya? Eka na mba!
[15] Kuko yabwiye Mose iti: “Nzogirira ikigongwe uwo nshatse kuzigirira, ngirire n'imbabazi uwo nshatse kuzigirira.
[16] Ni co gituma bitava ku kugomba kw'umuntu, canke ku gushimika kwiwe, ariko biva ku Mana igira ikigongwe.
[17] Kuko ivyanditswe vyabwiye Farawo, ngo icatumye ndaguhagarika ni ukugira ngo ndakwerekanireko ubushobozi bwanje, kandi ngo izina ryanje rivugwe hose mw'isi yose.
[18] Nuko igirira ikigongwe uwo igomba, kandi ikomantaza umutima w'uwo igomba.
[19] Nuko wombaza uti: “Ni igiki gituma ikigaya umuntu? Ni nde yankiye ivyo igomba?
[20] Ariko ga wa muntu, uri nde, uharira n' Imana? Mbega icabumbwe cobaza uwakibumvye kiti: 'Ni igiki catumye umbumba utya?'
[21] canke umubumvyi ntagera ibumba rimwe ngo aribumbemwo urwavya rumwe rwo gukoresha ivyo icubahiro, n'urundi rwo gukoresha ibiteye isoni?
[22] Mbega hari ico biriko, naho Imana yagomvye kwerekana ishavu ryayo, no kumenyesha ubushobozi bwayo, namba yihangananiye imbabazi nyinshi inzavya z'ukuraka, ziteguriwe guhona;
[23] kugira ngo yerekanire ubutunzi bw'ubwiza bwayo ku nzavya z'ikigongwe, izo yiteguriye guha ubwiza kera,
[24] kuri twebwe, abo yahamagaye, si mu Bayuda bonyene ariko no mu banyamahanga?”
[25] Nk'uko yavugiye mu kanwa ka Hoseya iti: “Abatari abantu banje nzobita abantu banje, Kandi uwutari inkundwakazi nzomwita inkundwakazi.
[26] Kandi aho hantu babwiriwe, ngo ntimuri abantu banje, Ni ho bazokwitirwa abana b'Imana nzima.”
[27] Kandi Yesaya asemerera ivyo Abisirayeli ati: “Igitigiri c'Abisirayeli n'iyo coba nk'umusenyi wo ku kiyaga, amasigarira ni yo azokira;
[28] kuko Uhoraho azoshitsa ijambo ryiwe mw'isi, ariringanize kandi arihimbure.”
[29] Kandi nk'uko Yesaya yavuze kera ati: “Iyaba Uhoraho Nyeningabo atadusigarije uruvyaro, Tuba twarabaye nk'i Sodomu, tukagirwa nk'i Gomora.”
[30] None tuvuge iki? Ehe tuvuge yuko abanyamahanga batakurikiye ivyo ukugororoka bashitse ku kugororoka, ni kwo kugororoka kuva ku kwizera.
[31] Ariko Abisirayeli bakurikiye ivyo ivyagezwe vy'ukugororoka, ntibabishikako.
[32] Ni ku ki? Ni uko batabironderesheje ukwizera, yamara babironderesheje ibikorwa nk'ivyobibahesha, batsitara kuri rya buye ritsitaza,
[33] nk'uko handitswe, ngo ehe ndashira i Siyoni ibuye ritsitaza, urutare rugwisha, Kandi uwizera uwo ntazoterwa n'isoni.