Skip to content
Opens in a new window
Listen to this chapter • 4:26

[1] Twebwe abakomeye dukwiye kwihanganira intege nke z' abadakomeye, no kutinezereza.

[2] Umuntu wese muri twebwe anezereze umuvukanyi wiwe, kugira ngo abone ivyiza, akomezwe.

[3] Kuko na Kristo atinejereje, nk'uko handitswe, ngo ibitutsi vy'abagutuka vyaguye kuri jewe.

[4] Kuko ivyanditswe kera vyose vyandikiwe kutwigisha, kugira ngo kwihangana no guhumurizwa guheshwa n'ivyanditswe biduhe kwizigira ibizoba.

[5] Ariko Imana itanga ukwihangana n'uguhumurizwa ibahe guhuza imitima yanyu, nk'uko Kristo Yesu agomba,

[6] kugira ngo muhimbaze n'umutima umwe n'akanwa kamwe Imana y'Umwami wacu Yesu Kristo, ni yo Se.

[7] Nuko mwemerane, nk'uko Kristo na we yabemeye, kugira ngo Imana ishimishwe.

[8] Ico mvuga ni uko Kristo yacitse umukozi w'abahimbuwe igikoba c'ubugabo wo kubagaburira ivyo Imana, ku bwo ukuri kwayo, kugira ngo ashike ivyo ba sogokuruza basezeraniwe,

[9] kandi ngo abanyamahanga bahimbarize Imana imbabazi zayo, nk'uko handitswe hati: “Ni co gituma nzogutazira mu mahanga, Ndirimbe izina ryawe.”

[10] Kandi yongera kuvuga ati: “Yemwe banyamahanga ni munezeranwe n'abantu bayo.”

[11] kandi arongera ati: “Yemwe banyamahanga mwese, ni mushime Uhoraho, kandi amoko yose amuhimbaze.”

[12] Kandi Yesaya na we yaravuze ati: “Hazobaho igishitsi ca Isayi, Ni we azohaguruka kuganza amahanga, Ni we abanyamahanga bazokwizigira.”

[13] Imana itanga ivyizigiro ibuzuze umunezero wose n'amahoro biva ku kwizera, kugira ngo murushirize kwizigira ibizoba, mubihawe n'ubushobozi bwa Mpwemu Yera.

[14] Bavukanyi, nanje nyene ndazi ivyanyu ntakekeranya, yuko mwuzuye ineza, mwuzuye ubwenge bwose, mushobora no guhanurana.

[15] Ariko ndabandikiye hamwe-hamwe ndushirije gushira amanga, nk'ubibutsa, kubwo ubuntu nahawe n'Imana,

[16] ngo mbe umukozi akora mu gikoni wa Kristo Yesu ku banyamahanga, ntegure ivyo ubutumwa bwiza bw'Imana nk'umuherezi, kugira ngo abanyamahanga babe ishikanwa rishimwa, ryejejwe na Mpwemu Yera.

[17] Nuko mfise ukwirata mu vy'Imana muri Kristo Yesu.

[18] Sinzotinyuka kuvuga ikintu na kimwe atari ico nakoreshejwe na Kristo, kugira ngo abanyamahanga bagamburuke, ampaye amajambo n'ibikorwa,

[19] n'ubushobozi bw'ibimenyetso bikomeye, n'ibitangaza, n'ubushobozi bwa Mpwemu Yera. Ivyo vyatumye nshitsa ubutumwa bwa Kristo, utanguriye i Yerusalemu, ugakikuza, ugashika no muri Iluriko.

[20] Namanye imigabo yo kuvuga ubutumwa bwiza, aho izina rya Kristo ritaribwamenyekane, ngo sinubake kw'umushinge wubatswe n'uwundi;

[21] yamara ngo bimere nk'uko handitswe, ngo abatiganiwe ivyiwe bazobibona, Kandi abataravyumva bazovyitegereza.

[22] Ni co gituma ngira igisivya kenshi co kuza i wanyu.

[23] Ariko noneho ntihakinyagukiye muri ibi bihugu, kandi uhereye mu myaka myinshi nifuza kuza i wanyu,

[24] aho nzogira i Sipaniya. Kuko nizigira kuzobaraba nciye iyo, mukamperekeza, mukansezera neza njayo, ni namara kugabanya inkumbu ndabafitiye.

[25] Ariko ubu ndiko ndaja i Yerusalemu kugaburira abera.

[26] Kuko abo i Makedoniya no muri Akaya bahimbawe no gusororanya ivyo gutabara aboro bo mu bera b'i Yerusalemu.

[27] Vyarabahimbaye, kandi babafitiye umwenda: kuko namba abanyamahanga basangiye ivyo impwemu vyabo, bafise umwenda wo kubafasha ku vy'umubiri.

[28] Ni naheraheza ivyo, maze kubashikiriza neza izo mbuto z'ubuntu, nzovayo, nce i wanyu, nje i Sipaniya.

[29] Kandi ndazi yuko aho nzozira i wanyu, nzoza nzanye umugisha wa Kristo wuzuye.

[30] Nuko ndabinginga, bavukanyi, kubwo Umwami wacu Yesu Kristo, no kubwo urukundo ruva kuri Mpwemu, murwanane nanje munsabire Imana,

[31] nkire abo i Yudaya batayumvira, kandi ingaburo yanje ngiye kugabura i Yerusalemu ishimwe n'abera;

[32] mbone uko nza i wanyu nezerewe, Imana ni yabikunda, nduhukane namwe.

[33] Imana nyene amahoro ibane namwe mwese. Amina.

Abaroma — Chapters