[1] None Umuyuda aruta abandi ate? Canke guhimburwa igikoba c'ubugabo kumara iki?
[2] Arabibarusha vyose. Ica mbere, ni uko Abayuda babikijwe ivyavuzwe n'Imana.
[3] Tuvuge iki? Naho bamwe batizeye, mbega kutizera kwabo kuzohindura ubusa ivyo Imana yizigiweko?
[4] Oya namba. Ariko Imana iboneke ko ari inyakuri, n'iyo umuntu wese yoba ari umubeshi; nk'uko handitswe, ngo Kugira ngo mu majambo yawe uboneke ko ugororotse, Kandi utsinde ni washika mu rubanza.
[5] Ariko namba ukugabitanya kwacu kwashimagije ukugororoka kw' Imana, tuvuge iki? Mbega Imana iragabitanya, kuko iduhanisha ishavu ryayo? Ndabivuze nk'imvugo y'abantu.
[6] Eka na mba! Iyo biba bityo, Imana yociriye abari mw'isi urubanza ite?
[7] Ariko namba ibinyoma vyanje vyatumye ukuri kw'Imana kurushiriza kwerekanwa, bikayitera icubahiro, ni igiki gituma nanje ncirwa urubanza nk'umunyavyaha?
[8] Kandi ni igiki kitubuza gukora ibibi kugira ngo ivyiza bibeho? (nk'uko batubeshera bakanavuga ko twigisha ibibi). Abakora batyo bazocirwa urubanza bakwiranye.
[9] Nuko tuvuge iki? Mbega turuta abandi? Oya, ntitubaruta na gatoya, kuko tumaze kwagiriza Abayuda n'Abagiriki bose ko baganzwa n'icaha;
[10] nk'uko handitswe, ngo Nta wugororoka, nta n'umwe,
[11] Nta wutahura, Nta wurondera Imana.
[12] Barazimiye iyo bava bakagera, bose bacitse imburakimazi, Nta wukora ivyiza, eka nta n'umwe.
[13] Imihogo yabo n'imva zirangaye, Bahendahendanishije indimi zabo; Ubumara bw'inzoka buri mu binyigishi vyabo.
[14] Akanwa kabo kuzuye ukuvuma no kujingitwa,
[15] Ibirenge vyabo vyihutira kuvisha amaraso.
[16] Guhonya n'ugusinzikaza biri mu nzira zabo,
[17] Inzira y'amahoro ntibayimenye;
[18] Nta gutinya Imana kuri mu maso yabo.
[19] Ariko turazi yuko ivyo ivyagezwe bivuga vyose bibibwira abaganzwa na vyo, kugira ngo akanwa kose kazibwe, kandi abari mw'isi bose babe abo gutsindwa n'urubanza imbere y'Imana;
[20] kuko imbere yayo ata muntu azoba umwere kubwo ibikorwa vyubahiriza ivyagezwe, kuko ivyagezwe ari vyo bimenyekanisha icaha.
[21] Ariko noneho ivyagezwe bitariho, ukugororoka kuva ku Mana kurahishuwe, gushingirwa intahe n'ivyagezwe n'ivyo abavugishwa n'Imana,
[22] ni ukugororoka kuva ku Mana, kuzanwa no kwizera Yesu Kristo, kugira ngo abizeye bose baguhabwe. Kuko ata tandukaniro;
[23] bose bakoze ivyaha, ntibashikira ubwiza bw'Imana.
[24] Ubuntu bwayo bubagira abera, ibibahereye ubusa, ku bwo gucungurwa kubonerwa muri Kristo Yesu.
[25] Uwo Imana yashizeho kuba indishi y'uwizera, ayigirwa n'amaraso yiwe, kugira ngo Imana yerekane ukugororoka kwayo, kuko yirengagije ivyaha vyakozwe kera ku bwo imbabazi zayo;
[26] no kugira ngo yerekane ukugororoka kwayo muri iki gihe, ngo ibe Iyigororoka n'Iyigira abantu abera uwizeye Yesu.
[27] None rero ukwihaya kuri hehe? Kwarabujijwe. Kwabujijwe n'ivyagezwe ki? Mbega ni ivyo ibikorwa? Haba na mba; kwabujijwe n'ivyo ukwizera.
[28] Ni co gituma twiyumvira yuko umuntu agirwa umwere n'ukwizera, ibikorwa vyubahiriza ivyagezwe bitarinze kwiyumvirwa.
[29] Canke Imana ni iyo Abayuda bonyene? Mbega si iyo abanyamahanga na bo? Ego me, ni iyo abanyamahanga na bo.
[30] Ko Imana ari imwe, izobagira abere abahimbuwe igikoba c'ubugabo ku bwo ukwizera, kandi izobagira abere batahimbuwe igikoba c'ubugabo babiheshwa n'ukwizera.
[31] Mbega none ivyagezwe tubihinduza ubusa ukwizera? Eka na mba; ushime turabitsindagiye.