Skip to content
Opens in a new window
Listen to this chapter • 2:51

[1] Nuko bavukanyi, ndabahanura ku bwo imbabazi z' Imana, ngo Muzotange imibiri yanyu ibe ibimazi bizima vyera, bihimbara Imana, ni kwo kuyikorera kwanyu kwogira ikimazi.

[2] Ntimushushanywe n'ivyo iki gihe, yamara muhinduke rwose, mugize imitima mishasha, kugira ngo mumenye neza ivyo Imana igomba, ni vyo vyiza bishimwa, bitunganye rwose.

[3] Ndabwira mbwirijwe n'ubuntu nahawe, umuntu wese muri mwebwe, areke kwifata uko atari, yamara yiyumvire yitonze nk'uko Imana yagereye umuntu wese ukwizera.

[4] Nk'uko mu mubiri umwe dufise ingingo nyinshi, kandi ingingo zose zitagira igikorwa kimwe,

[5] natwe ni ko turi. Turi benshi, kandi turi umubiri umwe muri Kristo, umuntu wese ni urugingo rw'uwundi.

[6] Nuko dufise ingabire zitandukana, nk'uko ubuntu twahawe butandukana namba twarahawe kuvugishwa n'Imana, tuvugishwe na yo uko ukwizera kwacu kungana;

[7] canke namba twarahawe igikorwa co mw'ishengero, tugishishikare; canke uwigisha ashishikarire kwigisha;

[8] canke uhanura ashishikarire guhanura; ugira ubuntu, abugire ata kinubwe; uganza aganzanye umwete; ugira imbabazi, azigire anezerewe.

[9] Urukundo rwanyu ntirube uruheyiheyi. Mwanke ibibi, mumatane n'ivyiza.

[10] Ku vyo gukunda bavukanyi, mukundane rwose. Ku vy'icubahiro, umuntu wese ashire imbere mugenzi we;

[11] ku vy'ugushishikara, ntimugire urwangara; mukovye mu mitima gukorera Umwami wacu.

[12] Munezererwe kwizigira ibizoba; mwihanganire amagorwa; mushishikare gusenga.

[13] Mugabanirize abera, uko bakenye; mushishikare gutanga indaro.

[14] Ababahama mubahezagire; mubahezagire, ntimubavume.

[15] Munezeranwe n'abanezerewe, murirane n'abarira.

[16] Muhuze umutima; ntimushire umutima ku bikomeye, ariko mugendane n'ivyiyoroheje. Ntimwiyite abanyabwenge.

[17] Ntimusubirize umuntu mu nkoko ikibi yabagiriye; mubabare gukora ivyiza imbere y'abantu bose.

[18] Namba bishoboka, mu ruhande rwanyu, mwuzure n'abantu bose.

[19] Abo nkunda, ntimwihorane, ariko muhe uburyo ishavu ry'Imana; kuko handitswe, ngo Uguhora n'ukwanje, ni jewe nzobasubiriza mu nkoko, ni ko Uhoraho avuze.

[20] Ariko, Umwansi wawe ni yasonza, umugaburire; ni yagira inyota, umuhe ico anywa; kuko ni wagira utyo, uzoba umurunzeko amakara yaka ku mutwe.

[21] Ikibi ntikikuneshe, yamara ikibi ukinesheshe iciza.

Abaroma — Chapters