Skip to content
Opens in a new window
Listen to this chapter • 3:37

[1] Canke ga bavukanyi, ntimuzi yuko ivyagezwe biganza umuntu akiriho? mbwiye abazi ivyagezwe.

[2] Kuko ivyagezwe bihambirira umugore ku mugabo wiwe, akiriho; ariko umugabo wiwe iyo apfuye, umugore aba abohowe ngo ntaganzwe na we.

[3] None rero, umugabo wiwe akiriho, yokurongorwa n'uwundi mugabo, yokwitwa umusambanyikazi: ariko umugabo wiwe iyo apfuye, ntaba akiganzwa n'ivyagezwe, bituma atoba umusambanyikazi, naho yokurongorwa n'uwundi mugabo.

[4] None rero namwe, bavukanyi banje, gukoranywa n'umubiri wa Kristo kwatumye mucika abapfuye ku vyagezwe, kugira ngo mube abo uwundi, ni we yazutse mu bapfuye, twamire Imana imbuto.

[5] Tukiganzwa n'akameremere kacu, ukwifuza kw'ivyaha kw'uburyo bwinshi kwazanywe n'ivyagezwe kwakorera mu mibiri yacu, kugira ngo twamire urupfu imbuto.

[6] Ariko noneho ntitukiganzwa n'ivyagezwe, kuko twapfuye ku camye kidufashe, ni co gituma tuba abakozi, dukorera Mpwemu adukoresha uburyo busha, tudakoreshwa bwa buryo bwa kera bw'inyuguti.

[7] Nuko tuvuge iki? Mbega ivyagezwe ni icaha? Eka na mba. Ariko simba naramenye icaha, iyo ntakimenyeshwa n'ivyagezwe; kuko ntaba naramenye ukwifuza, iyo ivyagezwe bitavuga ngo Ntukifuze.

[8] Ariko, icaha kibonye urwitwazo mu vyagezwe, kinkoreramwo ukwifuza kw'uburyo bwose; kuko icaha kiba gipfuye, ivyagezwe bitariho.

[9] Nanje kera nariho, ntafise ivyagezwe. Maze icagezwe kije, icaha kirarabuka, nanje ndapfa;

[10] kandi ico cagezwe co kuzana ubugingo nakibona kinzanira urupfu.

[11] Kuko icaha campendahenze, kibonye urwitwazo mu cagezwe, kandi kigitera kunyica.

[12] None rero ivyagezwe ni ivyera, kandi ibwirizwa ni iryera, rigororotse, ryiza.

[13] Mbega iciza cambereye urupfu? Eka na mba! ariko icaha ni co carubaye, ngo kimenyekane ko ari icaha, kuko canyicishije iciza, ngo icagezwe gitume icaha kirushiriza kuba kibi.

[14] Kuko tuzi yuko ivyagezwe ari ivyo impwemu; ariko jewe nganzwa n'akameremere kanje, naguriwe kuba umushumba w'icaha.

[15] Sinzi ico nkora; kuko ico ngomba atari co nkora, ariko ico nanka akaba ari co nkora.

[16] Ariko ko nkora ico ntagomba, mba nemeye ivyagezwe ko ari vyiza.

[17] None rero si jewe nkibikora, ariko ni icaha kimbamwo.

[18] Ndazi yuko muri jewe, mu kameremere kanje, ata ciza kimbamwo; kuko kugomba gukora iciza kubana nanje, ariko kugikora nta kwo;

[19] kuko iciza ngomba atari co nkora, ariko ikibi ntagomba akaba ari co nkora.

[20] Ariko ko nkora ico ntagomba, si jewe nkigikora, ariko ni icaha kimbamwo.

[21] Ni ko mbona ikingera, yuko naho ngomba gukora iciza, ikibi kibana nanje.

[22] Nezererwa ivyagezwe n'Imana mu mutima wanje,

[23] ariko mbona ikindi kingera kiri mu mubiri wanje kirwanya ikingera co mu mutima wanje, kikamfatira mpiri kuganzwa n'ikingera kiri mu mubiri wanje, ikingera c'icaha.

[24] Ewe jewe ndagowe! Ni nde yonkiza umubiri untera uru rupfu?

[25] Imana ishimwe, kubwa Yesu Kristo Umwami wacu. Nuko jewe mu mutima wanje njakariye ivyagezwe n'Imana, ariko mu kameremere njakariye ikingera c'icaha.

Abaroma — Chapters