[1] Umuntu wese n'agamburukire abamuganza; kuko ata kuganza kutava ku Mana, ukuriho kwagezwe n'Imana.
[2] Ni co gituma, uwugabagabiye uwuganza aba agabagabiye icagezwe n'Imana. Kandi abakigabagabiye bazoba bihamagariye gutsindwa n'urubanza.
[3] Kuko abaganza atari abateye ubwoba k'uwukora iciza, kiretse uwukora ikibi. Uragomba kutagirira ubwoba uwuganza? Kora neza, azogushima.
[4] Kuko ari umukozi w'Imana ku bwawe, ngo akuzanire ivyiza. Ariko ni wakora nabi, ugire ubwoba, kuko atambarira inkota ubusa, kuko ari umukozi w'Imana, umuhozi ashitsa ishavu k'uwukora nabi.
[5] Ni co gituma ukwiye kugamburuka, atari ku bwo kurakirwa gusa, ariko no kubwo ijwi ryo mu mutima.
[6] Ni co gituma kandi mutanga ikori; kuko abaganza ari abakozi b' Imana, bashishikarira ico gikorwa nyene.
[7] Muhe bose ivyo bakwiye; abahabwa ikori mubahe ikori; ababuguza mubabugurire; abo gutinywa mubatinye; abo kwubahwa mububahe.
[8] Ntihagire uwo mugirira umwenda, atari ugukundana; kuko ukunda uwundi aba ashikije ivyagezwe.
[9] Kuko ibi, ngo ntugasambane, ntukice, ntukibe, ntukifuze, n'ikindi cagezwe cose, bipoperanirijwe muri iri jambo, ngo Ukunde umubanyi nk'uko wikunda.
[10] Ufise urukundo ntagirira umubanyi we nabi. Ni co gituma urukundo ari rwo rushitsa ivyagezwe.
[11] Nuko mwame mugenza mutyo, kuko muzi imisi, yuko igihe gishitse co kwikangura. Noneho agakiza kacu karatwegereye, kurusha igihe twizereye.
[12] Ijoro rirakuze, bugira buce. Nuko twiyambure ibikorwa vy'umwiza, twambare ibirwanisho vy'umuco.
[13] Tugendane ingeso nziza, nk' abagenda ku murango, tutadandahirwa, tutaborerwa, tudasambana, tudakora ivyo isoni nke, tudatongana, tutagira ishari.
[14] Ariko mwambare Umwami Yesu Kristo, kandi ntimubabare ivyo umubiri, ngo mukore ivyo wifuza.