[1] Bavukanyi, ivyohimbara umutima wanje n'ivyo nsengera Abisirayeli ku Mana, ni ukugira ngo bakizwe.
[2] Ndabashingira intahe yuko bafise ishaka ry'Imana, ariko si mu buryo bw'ubwenge;
[3] ko batari bazi ukugororoka kuva ku Mana bakarondera kwishingira ukugororoka kwabo ubwabo, ntibaganjwe n'ukuva ku Mana.
[4] Kuko Kristo ari we ivyagezwe bishikirako, kugira ngo aheshe uwizera wese ukugororoka.
[5] Mose yanditse ati: “Uwushishikara ukugororoka kuva ku vyagezwe ni kwo kuzomubeshaho.”
[6] Ariko ukugororoka kuva ku kwizera kuvuga gutya, ngo ntiwibaze uti: “Ni nde azoduga, ngo aje mw'ijuru? (risobanurwa ngo kumanukana Kristo),”
[7] canke uti: “Ni nde azomanuka i kuzimu? (risobanurwa ngo kudugana Kristo, amukuye mu bapfuye).”
[8] Ariko kwavuze gute? Kwavuze kuti: “Ijambo riri hafi yawe, riri mu kanwa kawe no mu mutima wawe; ni ryo jambo ryo kwizera, iryo tubigisha.”
[9] Kuko ni waturisha akanwa yuko Yesu ari Umwami, ukizera mu mutima yuko Imana yamuzuye imukuye mu bapfuye, uzokizwa;
[10] kuko umutima ari wo umuntu yizeresha, akaronka ukugororoka; kandi akanwa akaba ari ko yaturisha, akaronka agakiza.
[11] Kuko ivyanditswe bivuga, ngo uwumwizera wese ntazoterwa n'isoni.
[12] Nta tandukaniro ry'Umuyuda n'Umugiriki; kuko Umwami umwe ari Umwami wa bose, ni we afise ubutunzi bukwiye abamwambaza bose;
[13] kuko, Umuntu wese azokwambaza izina ry'Uhoraho azokizwa.
[14] None bazokwambaza bate uwo batarizera? Kandi bazokwizera bate uwo batarumva? Kandi bazokwumva bate, ata wabasiguriye ivyiwe?
[15] Kandi bazosigura ivyiwe bate, batatumwe? Nk'uko handitswe, ngo ewe kuntu ibirenge vy'abazanye ubutumwa bw'ivyiza ari vyiza!
[16] ariko abumviye ubutumwa bwiza si bose. Kuko Yesaya yavuze ati: “Mwami, ni nde yemeye ivyo twumvise?”
[17] Nuko ukwemera kuva ku kwumva, n'ukwumva kuzanwa n'ijambo rya Kristo.
[18] Ariko ndabaza. Mbega ntibumvise? Ego, barumvise. Ijwi ryavyo ryumvikanye mw'isi yose, Bo n'amajambo yavyo ku mpera y'isi.
[19] Ariko ndabaza. Mbega Abisirayeli ntibabimenye? Mose ni we yabanje kuvuga ati: “Nzobateza ishari abatari ihanga ry'ukuri, Nzobarakisha ihanga ry'imburabwenge.”
[20] Kandi Yesaya ashira amanga cane, aravuga ati: “Nabonywe n'abatandondeye, Neretswe abatambaririkije.”
[21] Ariko ku Bisirayeli aravuga ati: “Nirirwa ntegeye amaboko ubwoko butumva butongana.”