[1] Nuko rero noneho abari muri Kristo Yesu nta rubanza ruzobatsinda.
[2] kuko ikingera ca Mpwemu w'ubugingo bwo muri Kristo Yesu cancunguye ngo singanzwe n'icangera c'icaha n'ico urupfu.
[3] Ico ivyagezwe bitashoboye gukora kuko bifise intege nke ku bwo akameremere kacu, Imana yatumye Umwana wayo, afise ishusho y'umubiri w'icaha, kuba ikimazi c'icaha, itsindisha icaha kiri mu mubiri,
[4] kugira ngo ivyo ivyagezwe bibwiriza bishikanwe muri twebwe, tutagenda mu buryo bw' akameremere kacu, ariko tugenda mu bwa Mpwemu w' Imana;
[5] kuko abaganzwa n'akameremere k'umubiri bitwaririka ivyo umubiri, kandi abaganzwa n'impwemu bitwaririka ivyo impwemu.
[6] Kwitwaririka ivyo umubiri kuzana urupfu, ariko kwitwaririka ivyo impwemu kuzana ubugingo n'amahoro.
[7] Kuko kwitwaririka ivyo umubiri gutera kwanka Imana, kuko kutumvira ivyagezwe n'Imana, kandi kudashobora kuvyumvira;
[8] Kandi abaganzwa n'akameremere k'umubiri ntibashobora guhimbara Imana.
[9] Ariko mweho ntimuganzwa n'akameremere k'umubiri, ariko muganzwa n'impwemu, bisanzwe Mpwemu w'Imana mubana. ariko iyo umuntu adafise Mpwemu wa Kristo ntaba ari uwiwe.
[10] Bisanzwe Kristo ari muri mwebwe, umubiri uba upfuye ku bwo icaha, ariko impwemu ni nzima ku bwo kugororoka.
[11] Ariko bisanzwe Mpwemu w' Iyazuye Yesu imukuye mu bapfuye mubana, Iyazuye Kristo Yesu imukuye mu bapfuye izozura n'imibiri yanyu ipfa, kubwa Mpwemu wayo mubana.
[12] None rero, bavukanyi, turi n'umwenda, atari uwo akameremere kacu, ngo twitondere ivyako.
[13] Kuko namba mwitondera ivyo akameremere kanyu, ntimuzobura gupfa; ariko ni mwica ivyo umubiri ukora, muvyicisha impwemu, muzobaho.
[14] Abarongorwa na Mpwemu w'Imana bose ni bo bana b'Imana.
[15] Kuko mutahawe impwemu y'ubuja ngo mwongere gutinya; ariko mwahawe impwemu yo kubahindura abana b'Imana, ni yo ituma dutakamba tuti: “Abba”
[16] Mpwemu ubwiwe abwiririkanya n'impwemu yacu, ari icabona, yuko turi abana b'Imana.
[17] Ariko ko turi abana bayo, turi abaragwa; turi abaragwa b'Imana, turi abaraganwa na Kristo, namba tubabazanywa na we, ngo tubone guhanwa ubwiza na we.
[18] Niyumvira yuko imibabaro y'iki gihe idakwiye kugereranywa n'ubwiza tuzohishurirwa.
[19] Kuko ivyaremwe vyiteze uguhishurwa kw'abana b'Imana biguhahamiye cane.
[20] Kuko ivyaremwe vyagezwe kuganzwa n'ibitagira ikimazi, kandi si vyo vyavyigombeye, ariko vyagizwe n'Iyageze ko biganzwa bityo,
[21] kugira ngo vyizigire yuko na vyo bizocungurwa ngo ntibibe ibihumbwa vyo kubora, bizohabwa ukwidegemvya, gufatana n'ubwiza bw'abana b' Imana.
[22] Kuko tuzi yuko ivyaremwe vyose binihira hamwe bikaramukirwa hamwe kugeza n'ubu.
[23] Kandi si co gusa, ariko natwe abafise ku vyeze ubwa mbere vya Mpwemu, natwe nyene tunihira mu mitima yacu, twiteze gucika abana b'Imana, ni kwo gucungurwa kw'imibiri yacu.
[24] Kuko twakijijwe mu buryo bwo kugira ico twiteze; ariko icari citezwe iyo kibonetse ntikiba kicitegwa. Ico umuntu abonye, yoba akicitega ate?
[25] Yamara ko twiteze ico tutarabona, nuko tukirorera twihangana.
[26] Ni ko na Mpwemu adufasha mu ntege nke zacu; kuko tutazi uko dukwiye gusenga, ariko Mpwemu ubwiwe aradusengera, aniha iminiho itovugwa;
[27] ariko Iyisesa imitima irazi ivyo Mpwemu yiyumvira, kuko uko Imana igomba ari ko Mpwemu asengera abera.
[28] Kandi turazi yuko ku bakunda Imana vyose bifataniriza hamwe kubazanira ivyiza, abahamagawe nk'uko yabigabiye.
[29] Kuko abo yamenye kera yabatoranirije kera gushushanywa n'ishusho y'Umwana wayo, kugira ngo abe imfura mu bana ba Se benshi.
[30] Abo yatoranije kera, yarabahamagaye; abo yahamagaye, yabagize abera; abo yagize abera, yabahaye ubwiza.
[31] Ko bimeze bityo, tuvuge iki? Bisanzwe Imana iri mu ruhande rwacu, uwoturwanya ni nde?
[32] Iyitimanye Umwana wayo, ikamutanga kubwacu twese, izobura ite kutugabirira vyose kuri we?
[33] Ni nde azorega abo Imana yatoranije? Mbega ni Imana, kandi ari yo ibahindura intungane?
[34] Ni nde azobagira abera? Mbega ni Kristo Yesu, kandi ari we yapfuye? Ibibiruta yarazutse, ari i buryo bw'Imana, bitayeko aradusengera.
[35] Ni nde azodutandukanya n'urukundo rwa Kristo? Mbega ni amarushwa, ni ivyago, ni uguhamwa, ni inzara, ni ukwambara ubusa, ni ukuba mw'irinde, canke ni inkota?
[36] Nk'uko handitswe, ngo Twirirwa twicwa, bakuduhora, Twagereranijwe n'intama z'imbagwa.
[37] Ariko muri ivyo vyose turushaho gutsindirwa n'uwadukunze.
[38] Kuko menye neza ntabikekeranya yuko naho rwoba urupfu, ubugingo, abamarayika, abaganza, ibiriho, ibizoba, abafise ubushobozi,
[39] uburebure bw' amaja ruguru, uburebure bw' amajepfo canke ikindi caremwe cose, ata kizoshobora kudutandukanya n'urukundo rw'Imana ruri muri Kristo Yesu Umwami wacu.