[1] Nuko ndabaza: Mbega Imana yaciye abantu bayo? Eka na mba! Kuko nanje ndi Umwisirayeli, wo mu ruvyaro rwa Aburahamu, wo mu muryango wa Benyamini.
[2] Imana ntiyataye abantu bayo yamenye kera. Canke ntimuzi uko ivyanditswe bivuga kuri Eliya? Ko yareze Abisirayeli ku Mana
[3] ati: “Mwami, bishe abavugishwa nawe, basambuye ibicaniro vyawe, nanje nsigaye jenyene, kandi barangenza ngo banyice.”
[4] Ariko Imana yamwishuye ngo iki? Iti: “Nisigarije abantu ibihumbi indwi batapfukamiye Bayali.”
[5] Nuko ni ko biri no muri iki gihe, hariho amasigarira nk'uko yatoranijwe n'ubuntu bw'Imana.
[6] Ariko ni vyaba bivuye ku buntu, ntibikiva ku bikorwa; Namba atari ko biri, ubuntu si bwo buntu.
[7] None vyabaye bite se? ico Abisirayeli barondeye, ntibakibonye; ariko, abatoranijwe barakironse, abandi bakomantazwa imitima.
[8] Nk'uko handitswe, ngo Imana yabahaye umutima wo guhunyiza, n'amaso atabona, n'amatwi atumva, gushitsa kuri uwo musi.
[9] Kandi Dawidi yaravuze ati: “Imeza yabo ibe nk'ururiba, n'umutego, N'ikigwisha, n'inyishu yabo:
[10] Amaso yabo ni ahumwe, ntibabone, Kandi wame ubahetamitse umugongo imisi yose.”
[11] Nuko ndabaza: Mbega batsitariye kugwa mahera? Eka na mba! Yamara ukugwa kwabo kwazaniye abanyamahanga agakiza, ngo bitere Abisirayeli ishari.
[12] Ariko, k'ukugwa kwabo ari ubutunzi bw'abari mw'isi, n'ukugabanuka kwabo ari ubutunzi bw' abanyamahanga, ukugwira kwabo ntikuzorushiriza cane?
[13] Ariko ndababarira mwebwe, abanyamahanga. Ndashimisha igikorwa canje, kuko ndi intumwa ku banyamahanga,
[14] kugira ngo kumbure ntere ishari abo i wacu, nkize bamwe muri bo.
[15] Ko gutabwa kwabo kwazaniye abari mw'isi kwuzura n'Imana, ukugarukanwa kwabo kuzoba gute? Mbega ntikuzoba ubugingo buzutse mu bapfuye?
[16] Kandi ko ifu y'ivyeze ubwa mbere ari iyera, n'irobe ni ko rimeze; kandi ko igishitsi ari icera, n'amashami ni ko ameze.
[17] Ariko namba amashami amwe yarahanyuwe, nawe uri igihumbwa ca elayo watewe nk'ingurukizi hagati mu mashami, usangira na yo ubukame bw'igishitsi ca elayo bwite,
[18] ntiwihayagize kuri ayo mashami. Namba uyihayagizako si igishitsi kimeze kuri wewe, ariko ni wewe umeze ku gishitsi.
[19] Wovuga rero uti: “Amashami yahanyuwe kugira ngo nterweko.”
[20] Ni ko; ukutizera ni kwo kwayahanyuje, nawe ukwizera ni kwo kuguhagaritse. Ntiwibone, ariko wiyubare.
[21] Kuko Imana, ko itagiriye ikigongwe amashami bwite, nawe ntizokikugirira.
[22] Raba rero ukugira neza kw'Imana, n'ubuhambazi bwayo; ku baguye ni ubuhambazi, ariko kuri wewe ni ukugira neza kw'Imana, ni waguma muri ukwo kugira neza kwayo; kuko ni yo utagira utyo, nawe uzohanyurwa.
[23] Kandi ba bandi na bo, ni bataguma mu kutizera, bazosubizwako nk'ingurukizi. Imana ishobora kubasubizako.
[24] Kuko, ko wahanyuwe ku giti cameze ari igihumbwa ca elayo, ugaterwa nk'ingurukizi muri elayo nziza, mudasangiye ubwoko, ba bandi babusangiye ntibazorushiriza cane guterwa muri elayo yabo?
[25] Bavukanyi, singomba ko mutamenya iri banga, ntimwiyite abanyabwenge, n'irya uko habaye gukomantaza imitima y'Abisirayeli, ariko si bose, gushitsa aho igitigiri gikwiye c'abanyamahanga kizokwinjirira mw'ishengero.
[26] Ni vyaba bityo, Abisirayeli bose bazokizwa, nk'uko handitswe, ngo i Siyoni hazova Umurokozi, Azokura muri Yakobo ukutubaha Imana;
[27] Kandi ni ryo sezerano, nsezeranye na bo, Aho nzobakurako ivyaha.
[28] Ku vy'ubutumwa bwiza, n'abansi kubwanyu: ariko ku vy'ugutoranya kw'Imana, n'abakundwa kubwa ba sekuruza.
[29] kuko ingabire z'Imana no guhamagara kwayo itavyicuza.
[30] Nk'uko mwebwe kera mwagarariza Imana, ariko none umugararizo wabo wazaniye mwebwe kugirirwa imbabazi:
[31] ni ko na bo none bagararije, kugira ngo imbabazi mwagiriwe zibazanire na bo kuzigirirwa.
[32] kuko Imana yugaraniye abantu bose mu mugararizo, kugira ngo ibagirire imbabazi bose.
[33] Yo, uburebure bw'amajepfo bw'ubutunzi bw'ubwenge no kumenya vy'Imana! Imigabo yayo ntishoboka kubariritswa, n'inzira zayo ntizigira akehe!
[34] Ni nde yamenye umutima w'Uhoraho? Canke ni nde yabaye umuhanuzi wiwe?
[35] Canke ni nde yabanje kumuha kandi akazokwishurwa?
[36] Kuko vyose biva muri we, kandi bizanwa na we, kandi vyamuremewe: icubahiro kibe iciwe ibihe bidashira. Amina.