Skip to content
Opens in a new window
Listen to this chapter • 3:03

[1] Nuko tuvuge iki? Mbega twame dukora ivyaha kugira ngo ubuntu bw'Imana bugwire?

[2] Biragahera. Twebwe twapfuye ku caha, twoba tukikibamwo dute?

[3] Canke ntimuzi yuko twese ababatirijwe kuba muri Kristo Yesu, twabatirijwe kuba mu rupfu rwiwe?

[4] None rero kubatizwa kwatumye duhambanwa na we tuba mu rupfu rwiwe, kugira ngo, nk'uko Kristo yazuwe mu bapfuye n'ubwiza bwa Data wa twese, kube ari ko natwe tugendana ubugingo busha.

[5] Ko twakoranijwe na we n'igishushanyo c'urupfu rwiwe, tuzokoranywa na we n'ico ukuzuka kwiwe na co.

[6] Kandi tumenye iki, yuko umuntu wacu wa kera yabambanywe na we, kugira ngo umubiri w'icaha uhindurwe ubusa, ntitwame tujakariye icaha:

[7] kuko uwapfuye aba atsindanishirijwe icaha.

[8] Ariko bisanzwe twapfanye na Kristo, twizera yuko tuzobanaho na we;

[9] kuko tuzi yuko Kristo, amaze kuzuka mu bapfuye, atagipfa, urupfu rutakimuganza.

[10] Ukwo gupfa yapfuye, ni ho yapfuye rimwe ku caha; ariko ko ariho, ariho ari uwo Imana.

[11] Mube ari ko namwe mwiyumvira ko mwapfuye ku caha, ariko ko muriho muri abo Imana, muri muri Kristo Yesu.

[12] None rero icaha ntikikabe ku butware mu mibiri yanyu izopfa, ngo mwumvire ivyo yifuza.

[13] Kandi ntimugahe icaha imibiri yanyu ngo ikoreshwe n'ukugabitanya; ariko mwishikanire Imana nk'abazuke bavuye mu bapfuye, n'imibiri yanyu muyihe Imana kugira ngo ikoreshwe no kugororoka.

[14] Icaha ntikizobaganza, kuko mutaganzwa n'ivyagezwe, ariko muganzwa n'ubuntu.

[15] Nuko tugire dute? Mbega dukore ivyaha, kuko tutaganzwa n'ivyagezwe, ariko tuganzwa n'ubuntu? Biragahera.

[16] Ntimuzi yuko shobuja mwihaye kuba abakozi bo kumwumvira, muri abakozi b'uwo mwumvira uwo? Namba muri abakozi b'icaha kizana urupfu, canke abo kwumvira Imana kuzana ukugororoka.

[17] Ariko, Imana ishimwe yuko naho mwari abakozi b'icaha, mwumviye mu mitima uburyo bwo kwigishwa mwahawe:

[18] kandi mwacunguwe ngo ntimuganzwe n'icaha, mujakarira ukugororoka.

[19] Ndabivuze nk'imvugo y'abantu, ku bwo intege nke z'imibiri yanyu. Nk'uko mwaha imibiri yanyu ibiteye isoni n'umugararizo, kuba abakozi bavyo, bigatuma muba abagarariji, abe ari ko na none muha ukugororoka imibiri yanyu, kuba abakozi bakwo, kugira ngo mwezwe.

[20] Mukiri abakozi b'icaha, ntimwaganzwa n'ukugororoka.

[21] None rero ico gihe mwari n'imbuto ki mu bibamaramaza ubu? kuko amaherezo yavyo ari urupfu.

[22] Ariko noneho, ko mwacunguwe ngo ntimuganzwe n'icaha, mukajakarira Imana, mufise imbuto zanyu zizana ukwezwa, kandi amaherezo ni ubugingo budashira.

[23] Ingero y'icaha n'urupfu ariko ingabire y'Imana ni ubugingo budashira, bubonerwa muri Kristo Yesu Umwami wacu.

Abaroma — Chapters