Skip to content
Opens in a new window
Listen to this chapter • 3:37

[1] Uguhishura kwa Yesu Kristo, ukwo yahawe n'Imana ngo yereke abakozi biwe ibigira bibeho vuba, agatuma umumarayika wiwe akabimenyesha umukozi wiwe Yohana,

[2] yashingiye intahe ivyo yabonye vyose, ni vyo jambo ry'Imana, no gushinga intahe kwa Yesu Kristo.

[3] Harahiriwe uwusoma, harahiriwe n'abumva amajambo y'uku kuvugishwa n'Imana, bakitondera ivyanditswe muri yo; kuko igihe kiri hafi.

[4] Jewe Yohana ndabandikiye mwebwe abo mu mashengero indwi yo muri Asiya. Ndabipfurije ubuntu n'amahoro biva kuri Iyo iriho, yamyeho kandi igira ize, biva no ku Mpwemu indwi ziri imbere y'intebe yayo,

[5] no kuri Yesu Kristo, icabona co kwizigirwa, imfura y'abari barapfuye, uwuganza abami bo mw'isi. Umwe adukunda, yatubohoje ivyaha vyacu amaraso yiwe,

[6] akaduhindura ubwami, no kuba abaherezi b'Imana yiwe, ni yo Se; icubahiro n'inganji bibe ivyiwe ibihe bitazoshira. Amina.

[7] Ehe arazanana n'ibicu, kandi ijisho ryose rizomwibonera, n'abamucumise bazomubona; kandi amoko yose yo mw'isi azoborogeshwa na we. Ni ko biri. Amina.

[8] Jewe ndi Alufa na Omega, ni ko Umwami Imana avuze, iriho, kandi yamyeho, kandi igira ize, ni yo ishobora vyose.

[9] Jewe Yohana, umwana wa So, musangiye amarushwa, ubwami n'ukwihangana biri muri Yesu, nari ku kizinga Patimo co mu kiyaga, bampora ijambo ry'Imana no gushingira intahe Yesu.

[10] Ku musi w'Imana nari muri Mpwemu, numva inyuma yanje ijwi rirenga nk'iryo inzumbeti,

[11] rivuga riti: “Ico ubona ucandike mu gitabo, ukirungikire amashengero indwi, ukirungike muri Efeso, i Simuruna, i Perugamo, i Tuwatira, i Sarudi, i Filadelufiya n'i Lawodikiya.”

[12] Mpindukira kuraba ijwi tuvuganye; mpindukiye mbona ibiterekwako amatara indwi vy'izahabu,

[13] kandi hagati y'ivyo biterekwako amatara mbona uwusa n'Umwana w'umuntu, yambaye imyambaro ishika ku birenge, yambaye mu gikiriza umukaba w'izahabu.

[14] Kandi umutwe wiwe n'umushatsi vyera nk'ubwoya bw'intama y'umwero, canke nk'ipampa ryera cane n'amaso yiwe yasa n'imbeya z'umuriro;

[15] ibirenge vyiwe vyasa n'umuringa w'umwakaka, utukujwe n'umuriro; n'ijwi ryiwe ryari rimeze nk'iryo amazi menshi asuma,

[16] kandi mu kuboko kwiwe kw'i buryo yarafise inyenyeri indwi, mu kanwa kiwe havamwo inkota ikarishe, mu nyonga hiwe hari hameze nk'izuba iyo ryatse mu nkomezi zaryo zose.

[17] Ndamubonye, nikubita imbere y'ibirenge vyiwe nk'uwupfuye; maze anshirako ukuboko kw'i buryo ati: “Ntutinye; jewe ndi uwa mbere kandi ndi uwo iherezo,

[18] kandi ndi muzima; nari narapfuye, kandi raba mpora ndi muzima ibihe bitazoshira, mfise impfunguzo z'urupfu n'izo i kuzimu.”

[19] Nuko wandike ivyo ubonye, ibiriho n'ibizoba hanyuma y'ivyo.

[20] Ibanga ry'inyenyeri indwi izo umbonanye mu kuboko kwanje kw'i buryo n'ivyo ibiterekwako amatara indwi vy'izahabu, inyenyeri indwi ni zo bamarayika b'ayo mashengero indwi, ibiterekwako amatara indwi na vyo ni vyo mashengero indwi.

Intangamarara — Chapters