[1] Hanyuma y'ivyo numva mw'ijuru ikimeze nk'ijwi rirenga ry'ishengero ryinshi riti: “Haleluya; agakiza, ubwiza n'ububasha ni ivyo Imana yacu,
[2] kuko imanza zayo ari izo ukuri n'ubutungane.” Yaciriye urubanza umwe maraya w'agahebuza, yononesha abari mw'isi ubusambanyi bwiwe, kandi imuhoye amaraso y' abakozi bayo.
[3] Rivuga ubugira kabiri riti: “Haleluya.” Kandi umwotsi wiwe upfunduka ibihe bitazoshira.
[4] Ba bakuru mirongo ibiri na bane na vya binyabugingo bine vyikubita hasi, bisenga Imana ivyagira kuri ya ntebe biti: “Amina; Haleluya.”
[5] Ijwi riva kuri iyo ntebe rivuga riti: “Ni mushime Imana yacu, yemwe mwese abakozi bayo, abayubaha, ba bakene bo hasi n'abanyacubahiro.”
[6] Numva ikimeze nk'ijwi ry'ishengero rinini, ikimeze nk'ugusuma kw'amazi menshi n'ikimeze nk'ijwi ry'imituragaro ihambaye, kivuga kati: “Haleluya, kuko Umwami Imana yacu Iyishoboravyose ihangamye.”
[7] Tunezerwe, duhimbarwe, tuyihe icubahiro, kuko ubukwe bwa wa Mwagazi w' Intama bushitse, umugeni wiwe ariteguye.
[8] Kandi yahawe kwambara impuzu zera nziza, zikayangana, zitanduye; izo mpuzu zera nziza ni zo bikorwa vyo kugororoka vy'abera.
[9] Umumarayika arambarira ati: “Andika uti: 'Abatorewe gutaha ubukwe bwa wa Mwagazi barahiriwe.' “Kandi arambarira ati: “Ayo ni amajambo y'ukuri y'Imana.”
[10] Nikubitishwa hasi imbere y'ibirenge vyiwe no kumusenga. Arambarira ati: “Oya sigaho; ndi umushumba mugenzawe, co kimwe n'abavukanyi bawe bafise ivyo gushingira intahe Yesu. Imana ube ari yo usenga. Kuko abashingira intahe Yesu baba bavugishwa na Mpwemu.
[11] Mbona ijuru ryuguruye, kandi mbona ifarasi y'umwero, uwuyivyagiyeko yitwa Mwizigirwa, irindi ni Munyakuri. Aca imanza akarwana intambara mu bugororotsi.
[12] Amaso yiwe n'imbeya z'umuriro, no mu mutwe yambaye imigara myinshi, kandi afise izina ryanditswe, nta wurizi atari we wenyene.
[13] Yambaye impuzu zajobetswe mu maraso, kandi yitwa Jambo w'Imana.
[14] Ingabo zo mw'ijuru ziramukurikira, zicaye ku mafarasi y'ibitare, zambaye impuzu nziza zera derere, zitanduye.
[15] Mu kanwa kiwe havamwo inkota ikarishe, kugira ngo ayikubite amahanga. Azoyaragiza inkoni y'icuma. Kandi aganishiriza ibirenge mu bwato umuvinyu w'ishavu ry'inkazi bw'Imana Ishobora vyose.
[16] Kandi ku mpuzu ziwe no ku kibero, afise izina ryanditsweko, ngo UMWAMI W'ABAMI, UWUGANZA ABAGANZA.
[17] Mbona umumarayika ahagaze ku zuba; asemerera n'ijwi rirenga, abarira ibisiga vyose biguruka vyarara kw'ijuru ati: “Ni muze mukoranire amazimano menshi y'Imana.
[18] Ingo murye inyama z' abami, izo abakuru b'intwazangabo z'abasoda, izo abahizi, izo amafarasi, izo abayicarako n'izo abantu bose, abidegemvya n'abagurano, aboroshe n'abahambaye.
[19] Mbona ca gikoko n'abami bo kw'isi n'ingabo zabo bakoraniye kurwanya uvyagiye kuri ya farasi n'ingabo ziwe.
[20] Ico gikoko bo na wa muvugishwa w'ibinyoma, yakorera vya bimenyetso mu maso yaco, akabazimirisha abemeye gushirwako ikimenyetso ca ca gikoko n'abasenga igishushanyo caco bifatwa mpiri. Vyompi bitererwa bibona mu kiyaga caka umuriro n'ibizuku.
[21] Abasigaye bicishwa inkota y'uwuvyagiye kuri ya farasi, imwe ivuye mu kanwa kiwe. Ibisiga vyose bigubwa mpishi n'inyama zavyo.