[1] Kandi wandikire umumarayika w'Ishengero ry'i Sarudi uti: “Uwufise Impwemu indwi z' Imana n'inyenyeri indwi,” aravuga ibi, ngo Ndazi ibikorwa vyawe, ko uvugwa ko uri muzima, ariko uri uwapfuye.
[2] Gira ube maso, ukomeze ibisigaye bigira bipfe; kuko ata bikorwa vyawe nabonye bisozerewe imbere y'Imana yanje.
[3] Ni wibuke rero ingene wakiriye kandi wumvise, uvyitondere, wihane. Nuko rero ni yo utaba maso, nzoza nk'igisuma, nawe ntuzomenya igihe nzokwubira.
[4] Ariko ufise amazina makeya y'abo i Sarudi batanduje impuzu zabo; ni bo bazogendana nanje bambaye impuzu zera, kuko bibabereye.
[5] Uwunesha uko ni kwo azokwambikwa impuzu zera, kandi sinzosibanganya izina ryiwe mu gitabo c'ubugingo na mba, kandi nzokwatura izina ryiwe imbere ya Data, n'imbere y'abamarayika biwe.
[6] Uwuri n'ugutwi, ni yumve ico Mpwemu abwira amashengero.
[7] Wandikire umumarayika w'Ishengero ry'i Filadelufiya uti: “Uwera, uwo ukuri, uwufise urupfunguruzo rwa Dawidi, uwugurura ntihagire uwugara, kandi uwugara ntihagire uwugurura, aravuga ibi,
[8] ngo Ndazi ibikorwa vyawe (ehe nashize imbere yawe urugi rwuguruye, nta wushobora kurwugara) yuko ufise ubushobozi buke, witondeye ijambo ryanje, ntiwihakanye izina ryanje.
[9] Ehe ndaguhaye bamwe bo mu rusengero rw'Abayuda ba Satani, biyita Abayuda, atari bo, ariko babesha; ehe nzobagobera kuza, bikubite imbere y'ibirenge vyawe, bamenye yuko nagukunze.
[10] Ko witondeye ijambo ryo kwihangana kwanje, nanje nzokurinda igihe co kugerageza, kigira kize mu bihugu vyose, kugerageza ababa mw'isi.
[11] Ngira nze vuba; wumire ku co ufise, ntihagire uwugutwara igitsibo cawe.
[12] Uwunesha nzomugira inkingi yo mu rusengero rw'Imana yanje, kandi ntazosohoka ukundi, nanje nzomwandikako izina ry'Imana yanje, n'iryo umurwa w'Imana yanje, ni wo Yerusalemu mushasha, wururuka uvuye mw'ijuru ku Mana yanje, kandi nzomwandikako izina ryanje rishasha.
[13] Uwuri n'ugutwi ni yumve ico Mpwemu abwira amashengero.”
[14] Wandikire umumarayika w'Ishengero ry'i Lawodikiya uti: “Uwiyita Amina, icabona co kwizigirwa kandi c'ukuri, inkomoko y'ivyaremwe n'Imana, aravuga ibi,
[15] ngo Ndazi ibikorwa vyawe, yuko udakonje kandi ntubire. Icompa ugakonja canke ukabira!
[16] Nuko rero kuko uri akazuyazi, udakonje ntubire, ngira ndakudahwe.
[17] Kuko uvuga uti: “Ndi umukire ndatunze kandi nta co nkenye; ntumenye yuko ari wewe mutindi, wafutanye, uri umworo, uri impumyi, ugenda gusa;
[18] ndakugira inama, ungureko izahabu yatyorowe n'umuriro, ubone kuba umutunzi; ungureko n'impuzu zera, ubone kwambara, isoni z'ubwambure bwawe ntizigaragare; kandi ungureko n'umuti wo gusiga ku maso, ubone guhumuka.
[19] Abo nkunda bose ndabakankamira, nkabakangira; nuko gira umwete, wihane.
[20] Ehe mpagaze ku rugi, ndaramukije. Umuntu ni yumva ijwi ryanje, akugurura umwango, ndinjira i we, dusangire.
[21] Uwunesha, nzomuha kwicarana nanje ku ntebe yanje y'ubwami, nk'uko nanje nanesheje nkicarana na Data ku ntebe yiwe.
[22] Uwuri n'ugutwi, ni yumve ico Mpwemu abwira amashengero.”