[1] Umumarayika wa gatanu aravuza. Mbona inyenyeri itibukiye mw'isi ivuye kw'ijuru; ihabwa urupfunguruzo rw'imanga yo mu kuzimu.
[2] Yugurura iyo manga yo mu kuzimu, ipfundukamwo umwotsi nk'uwo itanure rinini, izuba n'ikirere bicurishwa umwiza n'umwotsi wo muri iyo manga.
[3] Mu mwotsi havamwo inzige, zija mw'isi, zihabwa ububasha bwo gukora ivyo sikorupiyo zo kw'isi zibasha gukora.
[4] Zibwirwa kutagira ico zigira ivyatsi vyo kw'isi canke ikintu cose kibisi canke igiti cose, atari abantu batadomweko ikimenyetso c'Imana mu ruhanga rwabo.
[5] Zihabwa kutabica, ariko zihabwa kubababaza amezi atanu. Kandi ukubabaza kwazo kumeze nk'ukwa sikorupiyo iyo iriye umuntu.
[6] Muri iyo misi abantu bazoba barondera urupfu, ariko ntibazorubona na gatoya; bazoba bifuza gupfa, urupfu rubahunge.
[7] Kandi ishusho y'izo nzige yasa n'iyo amafarasi ateguriwe kuja mu ntambara, zari zambaye mu mitwe ibitsibo bisa n'izahabu, mu maso hazo hasa n'aho abantu.
[8] Kandi zari zifise ubwoya bumeze nk'umushatsi w'abagore, amenyo yazo yari nk'ayo intambwe.
[9] Kandi zari zifise ibikingira ibikiriza, bimeze nk'ivyuma, uguhinda kw'amababa yazo kwari kumeze nko uguhinda kw'imikogote ikwegwa n'amafarasi menshi yiruka ija mu ntambara.
[10] Kandi zari zifise imirizo nk'iya sikorupiyo, n'imboyi, kandi mu mirizo yazo ni ho harimwo ubushobozi bwo kubabaza abantu amezi atanu.
[11] Zifise umwami wazo, ni we mumarayika w'i kuzimu, mu Giheburayo yitwa Abadoni, mu Kigiriki yitwa Apoluwoni.
[12] Ibara rya mbere riraheze, ehe ukundi kubona ivyago bibiri guhava kuza hanyuma.
[13] Umumarayika wa gatandatu aravuza, numva ijwi riva ku mahembe ane y'igicaniro c'izahabu kiri imbere y'Imana,
[14] ribarira umumarayika wa gatandatu afise inzumbeti riti: “Bohora abamarayika bane babohewe ku ruzi runini Efurate.”
[15] Abo bamarayika bane, bari biteguriye iyo saha, uwo musi, ukwo kwezi n'uwo mwaka, babohorerwa kwica ica gatatu c'abantu.
[16] Igitigiri c'ingabo z'abarwanira ku mafarasi cari ibihumbi amajana igihumbi kabiri. Igitigiri cabo naracumvise.
[17] Kandi nerekwa ntya amafarasi n'abari bayicayeko. Bari bambaye ivyuma bikingira ibikiriza, bisa n'ikibengebenge, agafyiri n'ibizuku. Imitwe y'ayo mafarasi yari nk'iyo intambwe, mu kanwa kayo havamwo umuriro, umwotsi n'ibizuku.
[18] Icagatatu c'abantu cicwa n'ivyo vyago, uko ari bitatu, umuriro, umwotsi n'ibizuku, bivuye mu kanwa kayo.
[19] Kuko ububasha bw'ayo mafarasi buri mu kanwa kayo no mu mirizo yayo kuko imirizo yayo imeze nk'inzoka, na yo iri n'imitwe, kandi ni yo aryanisha.
[20] Abantu barokotse, batishwe n'ivyo vyago, ntibihana ivyakozwe n'intoke zabo, ngo bareke gusenga abadayimoni, ibigirwamana vy'izahabu, ivyo ifeza, ivyo imiringa n'ivyo amabuye n'ivyo ibiti, bidashobora kubona canke kwumva canke kugenda.
[21] Kandi ntibihana ngo bareke ubwicanyi bwabo, canke uburozi canke ugushegura canke ubusuma.