[1] Ikimenyetso gihambaye kiboneka mw'ijuru. Umugore yambaye izuba, ukwezi kwari musi y'ibirenge vyiwe, mu mutwe yambaye igitsibo c'inyenyeri icumi na zibiri;
[2] kandi yari akuriwe, atura akaborogo, kuko aramutswe, ababazwa n'ibise.
[3] Mw'ijuru haboneka ikindi kimenyetso, igisato c'amahero gisa n'ikibengebenge, gifise imitwe indwi n'amahembe icumi, no mu mitwe yaco cambaye imigara indwi.
[4] Umurizo waco ukwega ica gatatu c'inyenyeri zo kw'ijuru, uzishiburira kw'isi. Ico gisato gihagarara imbere y'uwo mugore agira avyare, kugira ngo ni yavyara kirotse umwana wiwe.
[5] Avyara umwana w'umuhungu, ni we azoragiza amahanga inkoni y'icuma. Umwana wiwe arasahurwa, ajanwa ku Mana no ku ntebe yayo.
[6] Umugore ahungira mu bugaragwa, aho afise ahantu yateguriwe n'Imana, kugira ngo bamugaburirireyo imisi igihumbi n'amajana abiri na mirongo itandatu.
[7] Mw'ijuru havyuka intambara. Mikayeli n'abamarayika biwe barwanya ca gisato. Igisato kirwanana n'abamarayika baco,
[8] ariko ntibatsinda, kandi mw'ijuru ahabo ntihaba hakiboneka.
[9] Ca gisato c'amahero kirakororwa, ni co ya nzoka ya mbere, yitwa Mwansi, irindi ni Satani, ni co kizimiza abari kw'isi bose, gikororerwa kw'isi, abamarayika baco bakororanwa na co.
[10] Mw'ijuru numva ijwi rirenga riti: “Noneho agakiza karashitse, gashikanye n'ubushobozi n'ubwami bw'Imana yacu n'ububasha bwa Kristo wayo; kuko Umurezi w'umuvukanyi wacu yahora abarega ku murango no mw'ijoro imbere y'Imana yacu akororewe hasi.
[11] Na bo bamuneshesheje amaraso y' Umwagazi w'Intama n'ijambo ryo gushinga intahe kwabo, ntibakunda amagara yabo, ntibanka no gupfa.”
[12] Nuko noneho munezerwe mwa majuru, namwe abayabamwo. Ibara rizobonwa n'isi n'ikiyaga, kuko Umwansi yabamanukiye, ari n'inzigo nyinshi, azi ko afise igihe gito.
[13] Kandi ca gisato, kibonye yuko gikororewe kw'isi, gihiga wa mugore yavyaye umuhungu.
[14] Umugore ahabwa amababa abiri y'inkukuma nini, kugira ngo agurukire mu bugaragwa ahantu hiwe, aho agaburirirwa igihe n'ibihe n'igice c'igihe, arindwa ico kiyoka.
[15] Ico kiyoka gisendanisha amazi nk'uruzi avuye mu kanwa kaco inyuma y'uwo mugore kugira ngo kimutwaze uruzi.
[16] Isi itabara uwo mugore, yasamika akanwa kayo, imira uruzi ca gisato casendanishije.
[17] Ico gisato kigirira wa mugore inzigo, kirigira ngo kirwanye abo mu ruvyaro rwiwe basigaye, bitondera ivyagezwe n'Imana kandi bafise ibishingira Yesu intahe.