[1] Mbona Umwagazi w'Intama amena kamwe muri twa dushashara indwi tumatanije ca gitabo; numva kimwe muri vya binyabugingo bine kivuga nk'ijwi ry'inkuba kiti: “Ngwino.”
[2] Mbona ifarasi y'umwero, kandi uwuyicayeko yarafise umuheto, ahabwa igitsibo, agenda anesha, kandi ngo yame anesha.
[3] Kandi amenye aka kabiri kamatanije ca gitabo, numva ikigira kabiri mu binyabugingo kiti: “Ngwino.”
[4] Haza iyindi farasi y'akagajo, uwuyicayeko ahabwa gukura amahoro mw'isi, ngo bicane; kandi ahabwa inkota ndende.
[5] Kandi amenye aka gatatu kamatanije ca gitabo, numva ikigira gatatu mu binyabugingo kiti: “Ngwino.” Mbona ifarasi y' agafyiri; kandi uwuyicayeko yarafise umunzane mu minwe.
[6] Numva hagati y'ivyo binyabugingo bine nk'ijwi rivuga riti: “Ingero imwe y'ingano n'idenariyo-idenariyo, n'ingero zitatu za sayiri ni idenariyo-idenariyo; ariko amavuta n'umuvinyu ntugire ico ubikorako.
[7] Kandi amenye aka kane kamatanije ico gitabo, numva ijwi ry'ikigira kane mu binyabugingo kiti: “Ngwino.”
[8] Mbona ifarasi ibenjutse; kandi uwuyicayeko yitwa Rupfu, Kuzimu na we aramukurikira; bahabwa ububasha ku kigira kane c'isi, ngo babicishe inkota, inzara, urupfu n'ibikoko vyo kw'isi.
[9] Kandi amenye aka gatanu kamatanije ico gitabo, mbona musi y'igicaniro impwemu z'abishwe babahorwa ijambo ry'Imana no gushinga intahe bari bafise.
[10] Batakambisha ijwi rirenga bati: “Databuja wera w'ukuri, uzogeza ryari kudaca imanza no kudahora abari mw'isi amaraso yacu?
[11] Umuntu wese muri bo ahabwa imyambaro yera, babarirwa kumara iyindi misi baruhuka, gushitsa aho igitigiri c'abakozi bagenzi babo n'abavukanyi babo, bagira bicwe nka bo, kizoshikira.
[12] Kandi mbona amena aka gatandatu kamatanije ico gitabo, isi iratigita cane; izuba ririrabura nk'igunira ry'ubwoya; ukwezi kwose guhinduka nk'amaraso.
[13] Inyenyeri zo kw'ijuru zikorokera hasi, nk'uko umusukoni uzungagizwa n'igihuhuta ugahungurura insukoni zawo zitararunguriza.
[14] Ijuru ririzinga, nk'umuzingo w'igitabo kizinzwe; imisozi yose n'ibizinga vyo mu kiyaga vyose bikurwa ahantu havyo.
[15] Abami bo mw'isi, abaganwa n'abakuru b'intwazangabo z'abasoda, abatunzi, abanyenkomezi, abakozi bose n'abidegemvya bose binyegeza mu masenga no mu bitandara vyo ku misozi;
[16] babarira imisozi n'ibitandara bati: “Ni mutugweko, muduhishe amaso y'Iyivyagiye kuri irya ntebe n'ishavu ry'Umwagazi w'Intama;
[17] kuko umusi uhambaye w'ishavu ryabo ushitse, kandi ni nde ashobora guhagarara?”