Skip to content
Opens in a new window
Listen to this chapter • 4:34

[1] Andikira umumarayika w'Ishengero ryo muri Efeso uti: “Uwufashe inyenyeri indwi mu kuboko kw'i buryo, akagendera hagati y'ibiterekwako amatara indwi vy'izahabu, aravuga ibi,

[2] ngo Ndazi ibikorwa vyawe n'ubutame bwawe n'ukwihangana, kandi yuko udashobora kwirengagiza ababi, ariko wagenzuye abiyita intumwa kandi atari zo, usanga ni abanyabinyoma.

[3] Kandi ugira ukwihangana, wirengagije ivyo ugirirwa kubwo izina ryanje, ntiwacobogora.

[4] Ariko mfise ico ndakugayako, yuko waretse urukundo rwawe rwa mbere.

[5] Nuko ni wibuke aho wavuye ukagwa; wihane, ukore ibikorwa nk'ivya mbere. Ni yo utagira utyo, nzokuzako nkure igiterekwako itara cawe ahantu haco, kiretse wihanye.

[6] Ariko ico ufise ni uko wanka ibikorwa vy'Abanikolayiti, ivyo nanje nanka.

[7] Uwuri n'ugutwi ni yumve ico Mpwemu abwira amashengero. Uwunesha, nzomuha kurya ku vyamye ku giti c'ubugingo kiri muri Paradiso y'Imana.”

[8] Kandi wandikire umumarayika w'Ishengero ry'i Simuruna uti: “Uwa mbere kandi uwo iherezo, uwari yarapfuye kandi akaba muzima, aravuga ibi,

[9] ngo Ndazi amarushwa yawe n'ubworo bwawe (yamara uri umutunzi), n'ibitutsi vy'abiyita Abayuda, atari bo, ariko ari isengero ry'Abayuda ya Satani.

[10] Ntutinye ivyo ugira ubabazwe. Ehe uwo mugarariji agira ashire bamwe muri mwebwe mw'ibohero kugira ngo mugeragezwe, kandi muzogira amarushwa imisi icumi. Wame uyoboka gushitsa ku gupfa, nanje nzoguha igitsibo c'ubugingo.

[11] Uwuri n'ugutwi ni yumve ico Mpwemu abwira amashengero. Uwunesha nta co urupfu rwa kabiri ruzomugira.”

[12] Kandi wandikire umumarayika w'Ishengero ry'i Perugamo uti: “Uwufise inkota ikarishe aravuga ibi,

[13] ngo Ndazi aho uba, ko ari ho umurwa wa Satani uri; kandi wumiye kw'izina ryanje, ntiwihakanye kunyizera no mu misi ya Antipa, icabona canje, n'umugororotsi wanje, yiciwe i wanyu, aho Satani aba.

[14] Ariko mfise ivyo ndakugayako bike, kuko i wanyu uhafise abakomeza inyigisho za Balamu, yigishije Balaki gushira igitsitaza imbere y'Abisirayeli, kugira ngo barye ivyashikaniwe ibigirwamana, bashegure.

[15] Ni ko nawe, ufise abakomeza inyigisho z'Abanikolayiti nk'uko nyene.

[16] Nuko rero ni wihane. Ni yo utihana nzokuzako vuba, kandi abo nzobarwanya, ndabakubite inkota yo mu kanwa kanje.

[17] Uwuri n'ugutwi ni yumve ico Mpwemu abwira amashengero. Uwunesha nzomuha kuri manu yanyegejwe, kandi nzomuha ibuye ryera, kuri iryo buye handitsweko izina rishasha, nta muntu arizi, atari uwuzorihabwa.

[18] Kandi wandikire umumarayika w'Ishengero ry'i Tuwatira uti: “Umwana w'Imana, afise amaso asa n'imbeya z'umuriro, ibirenge vyiwe bisa n'umuringa w'umwakaka, aravuga ibi,

[19] ngo Ndazi ibikorwa vyawe, urukundo rwawe, ukwizera kwawe, ingene ushitsa ibango ryawe, ukwihangana kwawe, kandi ko ibikorwa vyawe vyo hanyuma biruta ivya mbere kuba vyinshi.”

[20] Ariko mfise ico ndakugayako, yuko ukundira urya mugore Yezebeli, yiyita uwuvugishwa n'Imana, akigisha akazimiza abakozi banje, kugira ngo bashegure barye ivyashikaniwe ibigirwamana.

[21] Kandi namuhaye uburyo bwo kwihana, ntiyakunda kwihana ngo areke ugushegura kwiwe.

[22] Ehe ndamutsinda ku buriri, ndarungikira abasambana na we amarushwa menshi, ni batihana ibikorwa vyiwe.

[23] Kandi n'abana biwe nzobicisha urupfu, kandi amashengero yose azomenya yuko ari jewe nsesa mu mishaha no mu mitima, kandi nzokwishura umuntu wese wo muri mwebwe ibihwanye n'ivyo mwakoze.

[24] Ariko mweho abasigaye mu b'i Tuwatira, abadafise iyo nyigisho mwese, batamenye ivyo ba bandi bita ivyo mu kuzimu vya Satani, ndababwira nti: “Nta wundi mutwaro ndabikoreza atari uwu;

[25] ko mwumira ku co mufise mugashitsa aho nzozira.”

[26] Uwunesha akitondera ibikorwa vyanje agashitsa kw'iherezo, nzomuha ububasha bwo kuganza amahanga.

[27] Azoyaragiza inkoni y'icuma, nk'uko bamenagura inzavya z'ibumba; nk'uko nanje nahawe na Data.

[28] Kandi nzomuha ikinyenyeri co mu gaturuturu.

[29] Uwuri n'ugutwi, ni yumve ico Mpwemu abwira amashengero.

Intangamarara — Chapters