Skip to content
Opens in a new window
Listen to this chapter • 2:01

[1] Mbona uwundi mumarayika w'inkomezi, amanuka ava mw'ijuru, yambaye igicu, no mu mutwe yari yambaye umunywamazi, mu maso hiwe hasa n'izuba, amaguru yiwe asa n'inkingi z'umuriro.

[2] Yari afise mu minwe agatabo kazinguruye, ashinga ikirenge c'i buryo ku kiyaga, ico mu bubamfu agishinga i musozi.

[3] Asemerera n'ijwi rirenga, nk'uko intambwe yivuga. Asemereye, imituragaro indwi ituragara amajwi yayo.

[4] Kandi imituragaro indwi imaze kuvuga nariko ngira nandike. Numva ijwi rivuye mw'ijuru rimbarira riti: “Matanisha ishashara utereko ikidodo ivyo imituragaro indwi ivuze, ntuvyandike.”

[5] Umumarayika nabonye ahagaze ku kiyaga n'i musozi, amanika ukuboko kw'i buryo, agutumbereje mw'ijuru,

[6] arahira Iyibaho ibihe bitazoshira, yaremye ijuru n'ibirimwo, n'isi n'ibirimwo, n'ikiyaga n'ibirimwo ati: “Ntibigitevye.”

[7] Ariko mu misi y'ijwi ry'umumarayika w'indwi, aho azoba agira avuze inzumbeti, ni ho ibanga ry'Imana rizoba riheraherejwe, nk'uko yabariye abasavyi bayo ubutumwa bwiza, ni bo bavugishwa na yo.

[8] Rya jwi numvise rivuye mw'ijuru nongera kuryumva rimbarira riti: “Genda wakire igitabo kizinguruye kiri mu kuboko kw'umumarayika, ahagaze ku kiyaga n'i musozi.

[9] Nja aho uwo mumarayika ari, ndamubwira kumpa ako gatabo.” Arambarira ati: “Ehe ukamiragure, karakururira mu nda, ariko mu kanwa karagusosera nk'ubuki.”

[10] Nakira ako gatabo, ndagakura mu kuboko kw'umumarayika, ndakamiragura; mu kanwa kansosera nk'ubuki; maze kukarya mu nda hacika umururazi.

[11] Barambarira bati: “Ukwiye kuzosubira kuvugishwa ivyo amoko menshi, amahanga menshi, indimi nyinshi n'abami benshi.

Intangamarara — Chapters