[1] Kandi mbona Umwagazi w'Intama, ahagaze ku musozi Siyoni, ahagararanye n'abantu ibihumbi ijana na mirongo ine na bine, bafise izina ryiwe n'izina rya Se yanditswe mu ruhanga rwabo.
[2] Numva ijwi rivuye mw'ijuru, nk'iryo amazi menshi asuma, kandi nk'iryoinkuba ituragara cane. Kandi iryo jwi numvise ryari rimeze nk'iryo abacuraranzi bacuraranga inanga zabo.
[3] Baririmbira indirimbo nshasha imbere ya ya ntebe y'ubwami, n'imbere ya vya binyabugingo bine na ba bakuru. Nta muntu yashoboye kwiga iyo ndirimbo atari bamwe ibihumbi ijana na mirongo ine na bine, bacunguwe ngo bakurwe mw'isi.
[4] Abo ni bo batandujwe n'icitwa umugore, kuko Babaye nk'inkumi. Abo ni bo bakurikira wa Mwagazi aho aja hose. Abo bacunguwe mu bantu, kugira ngo babe ku vyeze ubwa mbere ku Mana no kuri wa Mwagazi.
[5] Kandi mu kanwa kabo ntihabonetsemwo ikinyoma; nta gasembwa bagira.
[6] Kandi mbona uwundi mumarayika aguruka yatiriye ijuru, afise ubutumwa bwiza butazoshira bwo kubarira ababa kw'isi n'amahanga yose n'imiryango yose n'indimi zose n'amoko yose.
[7] Avuga n'ijwi rirenga ati: “Mwubahe Imana, muyihimbaze, kuko igihe c'imanza zayo gishitse, musenge iyaremye ijuru, isi, ikiyaga n'amasoko y'amazi.”
[8] Umumarayika wundi wa kabiri akurikizako ati: “Kirasenyaguritse, kirasenyaguritse, Babuloni, ca gisagara gihambaye, cateretse amahanga yose umuvinyu ni yo shavu y'ubushakanyi bwaco.
[9] Umumarayika wundi wa gatatu akurikirirako, avuga n'ijwi rirenga ati: “Ni hagira umuntu asenga ca gikoko n'igishushanyo caco, akemera gushirwako ikimenyetso mu ruhanga canke ku kiganza,
[10] uwo na we azonywa ku muvinyu, ni yo burake bw'Imana, iteguwe idafunguye mu gakarabo k'ishavu ryayo. Kandi azobabarizwa n'umuriro n'ibizuku imbere y'abamarayika bera n'imbere ya wa Mwagazi.
[11] Umwotsi wo kubabazwa kwabo upfunduka ibihe bitazoshira, kandi ntibaruhuka ku murango no mw'ijoro, abasenze ca gikoko n'igishushanyo caco, umuntu wese yemeye gushirwako ikimenyetso c'izina ryaryo.
[12] Aho ni ho ukwihangana kw'abera guserukira, bitondera ivyagezwe n'Imana n'ukwizera Yesu.
[13] Numva ijwi rivuye mw'ijuru rimbwira riti: “Andika uti: 'Kuva ubu Harahiriwe abapfa bapfira mu Mwami.' “Kandi Mpwemu aravuga ati: “Ego me, ngo baruhuke ubutame bwabo, kuko ibikorwa vyabo bijana na bo bibakurikiye.”
[14] Kandi mbona igicu cera; no kuri kino gicu ukivyagiyeko, asa n'Umwana w'umuntu, yambaye igitsibo c'izahabu mu mutwe, kandi afise umuhoro ukarishe mu kuboko.
[15] Umumarayika wundi ava mu rusengero, asemerera n'ijwi rirenga, abwira uwuvyagiye kuri ico gicu ati: “Ni urungike umuhoro wawe, wimbure, kuko iyimbura rishitse, kandi ivyimburwa vyo mw'isi vyumye.”
[16] Uwuvyagiye ku gicu arekurira umuhoro wiwe mw'isi, isi irimburwa.
[17] Umumarayika wundi ava muri rwa rusengero rwo mw'ijuru, na we nyene afise umuhoro ukarishe.
[18] Umumarayika wundi ava ku gicaniro, ni we aganza umuriro, asemerera n'ijwi rirenga, abarira uwufise umuhoro ukarishe ati: “Rungika umuhoro wawe ukarishe, uce inzabibu zo ku muzabibu w'isi, kuko imbuto zawo zirungurije.”
[19] Umumarayika arekurira umuhoro wiwe mw'isi, aca inzabibu z'umuzabibu w'isi, aziterera mu bwato bunini bw'ukuraka kw'Imana.
[20] Ubwo bwato buganishirizwamwo ibirenge inyuma ya ca gisagara, amaraso ava mu bwato, ashitsa stadiyo igihumbi n'amajana atandatu, agera ku vyuma bifata mu kanwa k' amafarasi.