Skip to content
Opens in a new window
Listen to this chapter • 5:33

[1] Anyereka uruzi rw' amazi y'ubugingo, rubonerana nk'icirore, ruva ku ntebe y'Imana na wa Mwagazi.

[2] Hagati y'irango rya wa murwa, hakurya no hakuno y'urwo ruzi hariho igiti c'ubugingo, cera icumi na kabiri mu mwaka, kikera rimwerimwe uko ukwezi gutashe. Ibibabi vyaryo vyari ivyo kuvura amahanga.

[3] Nta muvumo uzoba ukiriho. Intebe y'Imana na wa Mwagazi izoba muri wa murwa, abakozi bayo bazokwama bashashe,

[4] bazoraba mu maso hayo, izina ryayo rizokwandikwa mu ruhanga rwabo.

[5] Nta joro rizoba rikiriho, kandi ntibazorinda kubonesherezwa n'itara canke kwakirwa n'izuba, kuko Umwami Imana ari yo izobakira, kandi bazoba abami ibihe bitazoshira.

[6] Arambarira ati: “Ayo majambo ni ayo kwizerwa ni ayo ukuri, kandi Umwami, ni yo Mana itegeka impwemu z'abavugishwa na yo, yatumye umumarayika wiwe kwereka abakozi biwe ibigira bibeho vuba.

[7] Kandi ehe ndaza vuba. Harahiriwe uwitondera amajambo yavugishijwe yo muri iki gitabo.

[8] Ni jewe Yohana numvise ivyo, ndavyibonera. Maze kuvyumva no kubibona, nikubita hasi imbere y'ibirenge vy'umumarayika anyeretse ivyo, ngira ndamusenge.

[9] Arambarira ati: “Oya sigaho; ndi umushumba mugenzawe, co kimwe n'abavukanyi bawe, abavugishwa n'Imana, n'uwo abitondera amajambo y'iki gitabo. Imana ba ari yo usenga.

[10] Kandi arambarira ati: “Ntumatanishe ishashara n'ikimenyetso amajambo avugishijwe n'Imana yo muri iki gitabo; kuko igihe kiri hafi.”

[11] Uwugabitanya n'ashishikare agabitanye; uwanduye mu mutima n'ashishikare yandure; uwugororotse n'ashishikare agororoke; uwera ni ashishikare yezwe.

[12] Ehe ndaza vuba, nzanye ingero, kugira ngo ngerere umuntu wese ibikwiranye n'ivyo yakoze.

[13] Ndi Alufa na Omega, uwa mbere n'uwa nyuma, itanguriro n'iherezo.

[14] Harahiriwe abamesura imvune zabo, kugira ngo babone kwegera ca giti c'ubugingo, kandi bace mu birimba bashike kuri wa murwa.

[15] Inyuma hazoba imbwa, abarozi, abashurashuzi, abicanyi, abasenga ibigirwamana n'umuntu wese akunda kubesha akabikora.

[16] Jewe Yesu ntumye umumarayika wanje gushingira intahe mwebwe ivyo, kubwo amashengero. Ni jewe munago wo ku gishitsi ca Dawidi, ndi umwuzukuruza wiwe, kandi ndi ikinyenyeri gica ibibatsi co mu gaturuturu.

[17] Kandi Mpwemu bo na wa mugeni barahamagara bati: “Ngwino.” Kandi uwumva ni ahamagare ati: “Ngwino.” Kandi uwufise inyota ni aze, uwugomba ni yakire amazi y'ubugingo ku buntu.

[18] Uwumva wese amajambo yavugishijwe yo muri iki gitabo ndabishingira intahe kuri we nti: “Ni hagira umuntu azokwungurira kuri yo, Imana izomwunguka ivyago vyanditswe muri iki gitabo.”

[19] Kandi ni hagira umuntu akura ku majambo y'igitabo c'ibi vyavugishijwe na yo, Imana izomukura ku mugabane wa ca giti c'ubugingo no ku wa wa murwa wera, vyanditswe muri iki gitabo.

[20] Uwushingira intahe ivyo, aravuga ati: “Ego me, ndaza vuba.” Amina, urakaza, Mwami Yesu.

[21] Ubuntu bw'Umwami Yesu bubane n'abera. Amina.

Intangamarara — Chapters