[1] Hanyuma y'ivyo ndavye mbona mw'ijuru umwango wuguruye, kandi rya jwi nabanje kwumva rivugana nanje ari nk'iryo inzumbeti, rirambwira riti: “Duga uze hano, nkwereke ibikwiye kuzobaho hanyuma y'ivyo.”
[2] Ako kanya nja muri Mpwemu; kandi mbona intebe iteretse mw'ijuru, mbona n'Uwuyivyagiyeko.
[3] Uwari avyagiye yasa n'akabuye k'igiciro kitwa yasipi n'akitwa sarudiyo; kandi umunywamazi wari ukikije iyo ntebe, usa n'akitwa simaragido.
[4] Iyo ntebe yari ikikijwe n'izindi ntebe mirongo ibiri na zine; kuri izo ntebe mbona abakuru mirongo ibiri na bane bazicayeko, bambaye impuzu zera, no mu mitwe yabo hari ibitsibo vy'izahabu.
[5] Kandi kuri ya ntebe y'ubwami hava imiravyo, amajwi n'imituragaro, kandi imuri indwi z'umuriro zakira imbere y'iyo ntebe, ni zo Mpwemu indwi z'Imana.
[6] Kandi imbere y'iyo ntebe hari nk'ikiyaga c'ibirahuri, gisa n'urubona; kandi hagati aharabana n'iyo ntebe no kuyikikuza hari ibinyabugingo bine vyuzuye amaso imbere n'inyuma.
[7] Ikinyabugingo ca mbere casa n'intambwe, ica kabiri casa n'inyana, ica gatatu cari gifise mu maso hasa n'aho umuntu, ica kane casa n'inkona iguruka.
[8] Ivyo binyabugingo bine bifise amababa atandatutandatu, kandi vyuzuye amaso impande zose n'imbere mu nda; ntibiruhuka ku murango no mw'ijoro, vyama bivuga biti: “Uwera, Uwera, Uwera, ni we Mwami Imana Ishobora vyose, yamyeho, kandi iriho, kandi agira aze.”
[9] Kandi iyo vya binyabugingo bihaye uguhimbazwa, icubahiro n'ishimwe Iyivyagiye kuri ya ntebe, ni yo Ibaho ibihe bitazoshira,
[10] ba bakuru mirongo ibiri na bane baca bikubita imbere y'Iyivyagiye kuri iyo ntebe, bagasenga Iyibaho ibihe bitazoshira, bagaterera ibitsibo vyabo imbere y'iyo ntebe, bavuga
[11] bati: “Mwami wacu, Mana yacu, birakubereye guhabwa uguhimbazwa, icubahiro n'ububasha, kuko ari wewe waremye vyose; icatumye bibaho kandi icatumye biremwa, ni uko wabigomvye.”