[1] Bampa irenga rimeze nk'inkoni bati: “Va hasi ugere urusengero rw'Imana n'igicaniro n'abarusengeramwo.
[2] Imbuga y'urusengero uyireke, ntuyigere, kuko yahawe abanyamahanga. Kandi n'igisagara cera bazogisiribanga amezi mirongo ine n'abiri.
[3] Kandi abanshingira intahe babiri nzobavugisha, bazovugishwa imisi igihumbi n' amajana abiri na mirongo itandatu bambaye amagunira.”
[4] Abo ni bo biti bibiri vy'imyelayo n'ibiterekwako amatara bibiri, bihagaze imbere ya nyene isi.
[5] Kandi iyo umuntu agomvye kubagirira nabi umuriro ubava mu kanwa, ugaturira abansi babo, kandi umuntu ni yagomba kubagirira nabi uko ni ko akwiye kwicwa.
[6] Abo bafise ubushobozi bwo gukinga ijuru, ngo imvura ntikoroke mu misi yo kuvugishwa kwabo, kandi bafise ubushobozi ku mazi bwo kuyahindura amaraso no kubabarisha isi icago cose, uko bagomvye.
[7] Kandi ni baheza gushinga intahe, igikoko kizoduga kivuye i kuzimu, kizobarwanya, kibaneshe, kibice.
[8] Imivyimba yabo izorambarara mw'ibarabara ryo mu gisagara kinini, ni co, mu buryo bw'impwemu citwa Sodomu na Misiri, kandi ni ho Umwami wabo yabambwe.
[9] Kandi abo mu moko, mu miryango, mu ndimi n'amahanga bazoraba imivyimba yabo imisi itatu n'igice, ntibazokunda ko iyo mivyimba ihambwa.
[10] Abari mw'isi bazonezerwa, bazobitamba ku muvyimba, barungikiranire amashimwe, kuko abo bavugishwa n'Imana batoneka abari mw'isi.
[11] Iyo misi itatu n'igice ishize impwemu z'ubugingo zivuye ku Mana zibinjiramwo, baravyuka, barahagarara. Ubwoba bwinshi butera ababaraba.
[12] Bumva ijwi rirenga rivuye mw'ijuru ribabarira riti: “Ni muduge muze ino.” Baduga mu gicu baja mw'ijuru abansi babo barorera.
[13] Uwo mwanya isi iratigita, icacumi ca ca gisagara kirasenyuka, ukwo gutigita kwica abantu ibihumbi indwi, abarokotse baterwa n'ubwoba, bahimbaza Imana Nyenijuru.
[14] Ibara rya kabiri riraheze; ehe irya gatatu rigira rize.
[15] Umumarayika w'indwi avuza inzumbeti; mw'ijuru hakurikira amajwi arenga ati: “Ubwami bw'isi buhindutse ubwo Umwami wacu n'ubwa Kristo wiwe, kandi azohora ahangamye ibihe bitazoshira.”
[16] Ba bakuru mirongo ibiri na bane, bicara ku ntebe zabo imbere y'Imana, bikubita hasi bubamye, basenga Imana
[17] bati: “Turagushimye, Mwami Mana ushobora vyose, uriho kandi wamyeho, kuko wakiriye ububasha bwawe buhambaye, ukimikwa.”
[18] Kandi amahanga arashavura, ishavu ryawe riraza, igihe co guciramwo imanza abapfuye kirashika, n'ico kugereramwo abasavyi bawe, ni bo bavugishwa nawe, no kugerera abera n'abubaha izina ryawe, aboroshe n'abahambaye, n'ico guhonerezamwo abahonya isi.
[19] Urusengero rw'Imana rwo mw'ijuru rurugururwa, mu rusengero rwayo habonekamwo isandugu y'isezerano ryayo, hakurikira imiravyo, amajwi, imituragaro, gutigita kw'isi n'urubura ruhambaye.