Skip to content
Opens in a new window
Listen to this chapter • 3:28

[1] Numva ijwi rirenga rivuye muri rwa rusengero ribarira ba bamarayika indwi riti: “Ni mugende, musuke kw'isi izo nzavya indwi z'ishavu ry'Imana.”

[2] Uwa mbere aragenda, asuka urwavya rwiwe kw'isi, abantu bafise ikimenyetso ca ca gikoko, bagasenga igishushanyo caco, bafatwa n'ibisebe bikomeye bibi.

[3] Uwa kabiri asuka urwavya rwiwe mu kiyaga, gicika amaraso nk'ayo uwupfuye. Ikintu cose co mu kiyaga kiri n'ubugingo kirapfa.

[4] Uwa gatatu asuka urwavya rwiwe mu nzuzi no mu masoko, bicika amaraso.

[5] Numva umumarayika w'amazi avuga ati: “Uragororotse, uriho kandi wamyeho, Uwera, kuko uciye urwo rubanza.”

[6] Bavishije amaraso y'abera n'ayo abavugishijwe nawe, kandi amaraso nyene ni yo ubahaye ngo banywe. Birababereye.

[7] Numva igicaniro kivuga kiti: “Ego me Mwami Mana ushobora vyose, imanza yawe n'ayo ukuri n'ukugororoka.”

[8] Uwa kane asuka urwavya rwiwe mu zuba. Rihabwa kubaburisha abantu umuriro.

[9] Abantu bababurwa n'indugumba nyinshi, batyoza izina ry'Imana igaba ivyo vyago, ntibihana ngo bayihimbaze.

[10] Uwa gatanu asuka urwavya rwiwe ku ntebe y'ubwami ya ca gikoko. Ubwami bwaco bucura umwiza, uburibwe butuma bahekenya indimi zabo,

[11] kandi uburibwe bwabo n'ibisebe vyabo bituma batyoza Imana Nyenijuru, kandi ntibihana ngo bareke ibikorwa vyabo.

[12] Uwa gatandatu asuka urwavya rwiwe mu ruzi runini Efurate. Amazi yarwo arakama, kugira ngo inzira y'abami bava i buseruko itegurwe.

[13] Kandi mbona mu kanwa ka ca gisato no mu kanwa ka ca gikoko no mu kanwa ka wa muvugishwa w'ibinyoma, havamwo impwemu zitatu zihumanya, zisa n'ibikere.

[14] Kuko izo ari impwemu z'abadayimoni, zikora ibimenyetso, zija ku bami bo mw'isi yose, ngo zibakoranirize ku ntambara yo ku musi uhambaye w'Imana Ishobora vyose.

[15] (Ehe ndaza nk'igisuma. Harahiriwe uwuba maso, akazigama impuzu ziwe, ngo ntagende amenya, bakabona isoni z'ubwambure bwiwe.)

[16] Zibakoraniriza ahantu hitwa Haru-Magedoni mu Giheburayo.

[17] Uwo indwi asuka urwavya rwiwe mu kirere. Ijwi rirenga riva mu rusengero kuri ya ntebe, rivuga riti: “Karabaye.”

[18] Habaho imiravyo, amajwi, imituragaro, habaho no gutigita kw'isi guhambaye; nta gutigita kunganya n'ukwo ubuhambazi no gukomera kwigeze kubaho, uhereye aho abantu bakabereye kw'isi.

[19] Ca gisagara gihambaye kigabanywamwo gutatu, ibisagara vy'abanyamahanga birasenyuka. I Babuloni hahambaye hibukwa imbere y'Imana, ngo hahabwe agakarabo k'umuvinyu w'ishavu ryayo ry'inkazi.

[20] Ibizinga vyo mu kiyaga vyose birahunga kandi imisozi ntiyasubira kuboneka.

[21] Urubura ruhambaye, ibuye rimwe ryarwo riremereye nk'italanto, rukoragurikira ku bantu ruvuye mw'ijuru. Ico cago c'urubura gituma abantu batyoza Imana, kuko icago carwo gikomeye cane.

Intangamarara — Chapters