Skip to content
Opens in a new window
Listen to this chapter • 1:42

[1] Mbona ikindi kimenyetso mw'ijuru gihambaye, gitangaza, abamarayika indwi bafise ivyago indwi, ni vyo vy'iherezo, kuko muri ivyo ari ho ishavu ry'Imana buheraherezwa.

[2] Mbona igisa n'ikiyaga c'ibirahuri kivanze n'umuriro; mbona abavuye ku rugamba banesheje ca gikoko n'igishushanyo caco n'igitigiri c'izina ryaryo, bahagaze kuri ico kiyaga c'ibirahuri, bafise inanga z'Imana.

[3] Baririmba indirimbo ya Mose umusavyi w' Imana, n'indirimbo ya wa Mwagazi bati: “Ibikorwa vyawe birahambaye kandi biratangaza, Mwami Mana ushobora vyose; inzira zawe n'izo ukugororoka ni ukuri, Mukama w'amahanga.”

[4] Ni nde atazogutinya ga Mwami, canke atazohimbaza izina ryawe? Kuko ari wewe wenyene wera, amahanga yose azoza akwikubite imbere, agusenge, kuko imanza zawe zigororotse ziseruwe.

[5] Hanyuma y'ivyo mbona huguruka urusengero rw 'ihema ry'ibisate vy' amabwirizwa icumi rwo mw'ijuru,

[6] hasohoka ba bamarayika indwi bava muri urwo rusengero bafise vya vyago indwi, bambaye impuzu zera zitanduye, zikayangana, kandi bambaye imikanda y'izahabu mu gikiriza.

[7] Kimwe muri vya binyabugingo bine giha bano bamarayika indwi inzavya indwi z'izahabu, zuzuye ishavu ry' Imana ibaho ibihe bitazoshira.

[8] Rwa rusengero rwuzura umwotsi uva mu bwiza bw'Imana no mu bushobozi bwayo, kandi nta washoboye kwinjira muri urwo rusengero, gushitsa aho vya vyago indwi vy'abo bamarayika indwi vyaheraherejwe.

Intangamarara — Chapters