Skip to content
Opens in a new window
Listen to this chapter • 4:37

[1] Yuda, umukozi wa Yesu Kristo, kandi mwene nyina wa Yakobo, ndabandikiye abahamagawe, bakundwa kuko muri mu Mana Data wa twese, mukazigamirwa Yesu Kristo.

[2] Imbabazi, amahoro n'urukundo bigwire muri mwebwe.

[3] Bakundwa, hamwe nashiruka umwete wo kubandikira ivyo agakiza dusangiye, nari numvise ikingobera kubandikira ivyo kubahanura kurwanira cane ukwizera abera bahawe rimwe gusa.

[4] Kuko hariho bamwe babajemwo binyegeteza, bandikiwe kera gucirwako urwo rubanza, batubaha Imana, bahindura ubuntu bw'Imana yacu isoni nke, bakihakana Yesu Kristo, ni we wenyene Databuja n'Umwami wacu.

[5] Ndagomba kubibutsa, naho vyose musanzwe mubizi, yuko Umwami Imana, imaze gukiza bwa bwoko ikabukura mu gihugu ca Misiri, hanyuma yahoneje abatizeye.

[6] N'abamarayika batagumye mu bukuru bwabo, ariko bataye ahantu habo, ibarindira kuzocirwa urubanza rwo ku musi uhambaye, bari mu minyororo idashira no mu mwiza.

[7] Kandi n'abantu b'i Sodomu n'i Gomora bo n'ibisagara vyari bihereranye na ho, kuko bitanze bakiha ubusambanyi nka ba bandi, n'ubusambanyi bw'ishano, ubwo imibiri itaremewe, ivyo bisagara vyashiriweho kuba akarorero, bibabazwa n'igihano c'umuriro utazima.

[8] Ariko na barya nyene bahwanye na bo, inzozi zabo zibatera kwonona imibiri yabo, no gukengera ukuganzwa no gutuka abanyacubahiro.

[9] Ariko na Mikayeli, umumarayika mukuru, hamwe yatongana na wa Mugarariji, aharira na we bapfa umuvyimba wa Mose, ntiyubahutse kumuhinyura ngo amucokore, ariko yamubwiye ati: Uhoraho aguhane.

[10] Ariko abo bantu batuka ivyo batazi; kandi ni ivyo bamenyeshwa n'akameremere kabo, nk'uko ibikoko bimeze bitagira ubwenge, na vyo nyene baravyiyononesha.

[11] Bazobona ibara, kuko bajanye inzira ya Kayini, bakiroha mu buzimire bwa Balamu kubwo amaronko, bagahonera mu mugararizo wa Kora.

[12] Abo ni impanuka mw'isangira ryanyu ry'urukundo, iyo basangira namwe ivyiza; ni abungere biragira ubwabo ata dusoni; ni ibicu bitagira amazi, bizungagizwa hose n'umuyaga; n'ibiti birumvye bitama, vyapfuye kabiri, vyaranduranywe n'imizi;

[13] ni imipfunda yo mu kiyaga isuriranya, babimba ifuro ry'ibiteye isoni vyabo; ni inyenyeri ziyerera zibikiwe umwiza w'umuzimagiza ibihe bidashira.

[14] Kandi Henoki, ni we yagira indwi uhereye kuri Adamu, yavugishijwe n'Imana ivyabo ati: Ehe Uhoraho yazananye n'isinzi ry'abera biwe,

[15] kugira ngo acire bose imanza, no kwemeza abatubaha Imana bose ko batsinzwe ku bikorwa vyose vyo kutubaha Imana bakoze batayubaha, n'amajambo yose akomeye abanyavyaha batubaha Imana bavuze bayirwanya.

[16] Abo ni abidodomba n'abanyamwikomo bagenda bakurikira ukwifuza kwabo, akanwa kabo kavuga amajambo yuzuyemwo ukwirarira, bubahira abantu kubakuramwo amaronko.

[17] Ariko mweho, bakundwa, mwibuke amajambo yavuzwe kera n'intumwa z'Umwami wacu Yesu Kristo;

[18] ko bababwiye bati: Mu gihe c'iherezo hazoboneka abacokoranyi bagenda bakurikira ukwifuza kwabo kwo kutubaha Imana.

[19] Abo ni bo bazana kwirema ibice; ni abantu gusa, ntibafise Mpwemu.

[20] Ariko mweho, bakundwa, mwiyubake ku kwizera kwanyu kwera cane, musengere muri Mpwemu Yera,

[21] mwizigamire mu rukundo rw'Imana, mwiteze imbabazi z' Umwami wacu Yesu Kristo zibashitsa ku bugingo budashira.

[22] Ababahaririza mubahanure.

[23] Abandi mubakize, mubokore mu muriro; abandi mubagirire ikigongwe mutinya, mwanke n'impuzu itewe amarabaga n'umubiri.

[24] Ariko, Iyishobora kubazigama ngo ntimutsitare, no kubahagarika imbere y'ubwiza bwayo mudafise agasembwa munezerewe cane,

[25] ni yo Mana imwe yonyene, Umukiza wacu yadukirishije Yesu Kristo Umwami wacu, ubwiza, icubahiro n'inganji n'ububasha bibe ivyayo, uhereye kera hose, gushika n'ubu, ugashitsa ibihe bidashira. Amina.