[1] Ni hagumeho urukundo rw'abavukanyi.
[2] Ntimwibagire kugirira neza abashitsi; kuko bamwe bagize batyo bahaye indaro abamarayika batabizi.
[3] Mwibuke ababoshwe nk'ababohanywe na bo. Mwibuke n'abagirirwa nabi, kuko namwe muri mu mubiri.
[4] Umubano w'abarongoranye ni wubahwe na bose, kandi uburiri bwabo ntibuhumanywe kuko Imana izocira urubanza inshirasoni n'abasambanyi.
[5] Gukunda amahera ntikube mu ngeso zanyu; ivyo mufise bibabumbe; kuko ubwayo yavuze iti: “Nta ho nzoguhemukira, nta ho nzoguta.”
[6] Ni co gituma tuvuga dushize ubwoba tuti: “Uhoraho ni umutabazi wanje, sinzotinya; None umuntu yoshobora kungira iki?”
[7] Mwibuke ababaganza, bakababwira ijambo ry'Imana; mwitegereje iherezo ry'ingeso zabo, mwigane ukwizera kwabo.
[8] Yesu Kristo uko yari ari ejo, n'uwu musi ni ko akiri, ni ko azokwama ibihe bidashira.
[9] Ntimutwarwe n'inyigisho z'uburyo bwinshi zadutse; kuko iciza ari uko umutima ukomezwa n'ubuntu bw'Imana, ntukomezwe n'ivyo kurya, kuko abishize muri vyo bitabagiriye ikimazi.
[10] Dufise igicaniro, ico abakorera muri rya hema batemererwa kurirako.
[11] Kuko imivyimba ya vya bitungwa, ivyo umuherezi mukuru ajana amaraso yavyo ahera kuba indishi y'ivyaha, ituririrwa inyuma y'amahema.
[12] Ni co catumye na Yesu ababarizwa inyuma y'irembo, kugira ngo yezeshe abantu amaraso yawe.
[13] Nuko tuve muri ayo mahema, tumusange inyuma yayo, twiremetse ugucokorwa kwiwe.
[14] Kuko hano tutahafise igisagara kizokwamaho, ariko turondera ikizoza.
[15] Nuko na ntaryo twame duha Imana ishikanwa ryo gukenguruka tubiheshwa n'uwo, ni co mbuto z'iminwa ishima izina ryayo.
[16] Kugira neza no kugira ubuntu ntimukavyibagire, kuko ibimazi bimeze bityo ari vyo bihimbara Imana.
[17] Mwumvire ababaganza, mubagamburukire; kuko ari bo bama bagavye bazigama imitima yanyu, nk'abazobibazwa. Mugenze mutyo kugira ngo babikore banezerewe, batitsa umutima, kuko bimeze bityo ata co vyomarira mwebwe.
[18] Mudusengere, kuko tuzi tudakekeranya ko turi n'imitima itarimwo ijwi ritwagiriza ikibi, tugomba kugira ingeso nziza muri vyose.
[19] Kandi ndabinginga nshimitse ngo mudusengere, kugira ngo ntebutswe kubagarukanirwa vuba.
[20] Imana nyene amahoro, imwe yakura Umwami wacu Yesu mu bapfuye, ari we Mwungere mukuru w'intama, imukujeyo amaraso y'isezerano ry'ibihe bidashira,
[21] ibe ari yo ibatunganya rwose mu ciza cose, kugira ngo mukore ivyo igomba, ikorera muri twebwe ibishimwa mu maso yayo, kubwa Yesu Kristo. Icubahiro kibe icayo ibihe bitazoshira. Amina.
[22] Ariko bavukanyi, ndabahanura, mwihanganire iri jambo ribahanura, kuko ndabandikiye amajambo make.
[23] Mumenye yuko umuvukanyi Timoteyo yarekuwe; ni yaza vuba tuzobonana namwe.
[24] Muntahirize ababaganza bose, bo n'abera bose. Abo muri Italiya barabatasha.
[25] Ubuntu bubane namwe mwese. Amina.