[1] Yakobo, umushumba w'Imana n'uwo Umwami Yesu Kristo, ndabandikiye abo mu miryango icumi n'ibiri y'abasabagiye. Ni muganuke.
[2] Mwiyumvire ko ari ivyo kunezererwa rwose, bavukanyi, ni mwagwa mu bibagerageza bitari bimwe,
[3] mumenye yuko ibigeza ukwizera kwanyu bitera ukwihangana.
[4] Ariko ukwihangana gukwiye guhingura igikorwa cakwo, ngo mubone gutungana rwose muhinguwe; mudahajije na kamwe.
[5] Ariko asangwa hari uwo muri mwebwe akenye ubwenge, ni abusabe Imana, igabira bose ititangiriye itama, idaterana imiragwe, azobuhabwa.
[6] Ariko asabe yizeye, ata co akekeranya, kuko uwukekeranya ameze nk'umupfunda wo mu kiyaga, utwarwa n'umuyaga, usimbaguritswa.
[7] Uwo muntu ntiyiyumvire ko ari n'ico azohabwa n'Umwami Imana,
[8] kuko ari umuntu w'imitima ibiri, ahindagurika mu nzira ziwe zose.
[9] Ariko, umuvukanyi w'umufafara ni yirate ko akujijwe,
[10] umutunzi na we, ni yirate ko acishijwe bugufi, kuko azoyoka nk'amashurwe y'ivyatsi.
[11] Kuko izuba rirasa, rizanye indugumba, rikumisha ivyatsi, amashurwe yavyo agahunguruka, ubwiza bw'ishusho yayo bugashira. Uko ni ko umutunzi azoyonga mu ngendo ziwe.
[12] Harahiriwe umuntu yihanganira ibimugerageza, kuko ni yamara kurama azohabwa igitsibo c'ubugingo, ico Imana yasezeraniye abayikunda.
[13] Umuntu ni yageragezwa ngo akora ibibi, ntavuge ngo Imana ni yo ingerageje. Kuko Imana itageragezwa n'ibibi, kandi na yo nta we ibigerageresha.
[14] Ariko umuntu wese ageragezwa, iyo akwezwe n'ivyo yifuza bikamusuka.
[15] Maze ukwo kwifuza gutwara inda, kukavyara icaha, icaha kimaze gukura kikavyara urupfu.
[16] Ntimuzimire, bavukanyi nkunda.
[17] Gutanga kwose kwiza n'ingabire yose itunganye rwose biva mw'ijuru, vyururuka biva kuri Se w'imico, adashobora guhinduka canke kugira igitutu gitewe n'uguhindagurika.
[18] Nk'uko yabigabiye ubwayo, yatuvyarishije ijambo ry'ukuri, kugira ngo tube nk'ivyeze ubwa mbere mu biremwa vyayo.
[19] Ivyo murabizi, bavukanyi nkunda. Yamara umuntu wese ni yihutire kwumva, atebe kuvuga, atebe kuraka.
[20] Kuko ishavu ry'umuntu ridakora ivyo ukugororoka kw'Imana.
[21] Nuko rero, mwiyambure imyanda yose n'ububi busigaye, mwakirane ubugwaneza ijambo ritewe muri mwebwe, rishobora gukiza ubugingo bwanyu.
[22] Kandi mube abakora ivyo iryo jambo, ntimube abaryumva gusa, mwibesha.
[23] Kuko uwumva iryo jambo ntarikore, ameze nk'umuntu yirabiye mu cirore mu maso hiwe yavukanye.
[24] Amaze kwiraba, akagenda, uwo mwanya agaca yiyibagira uko asa.
[25] Ariko, uwitegereza ivyagezwe bitunganye rwose, ari vyo vy'umwidegemvyo, akabishishikara, atari uwumva akavyibagira, ariko ari uwubikora, ni we azohabwa umugisha mu vyo akora.
[26] Umuntu ni yigira ngo n'umunyedini, ntafate ururimi, ariko agahenda umutima wiwe, idini y'uwo izoba ari iyo ubusa.
[27] Idini itunganye itagira agasembwa imbere y'Imana Data wa twese, ni ukuraba impfuvyi n'abapfakazi mu marushwa yabo, no kwirinda ngo ntiwanduzwe n'ivyo isi.