Skip to content
Opens in a new window
Listen to this chapter • 3:04

[1] Ni co gituma dukwiye kurushiriza kwitwaririka ivyo twumvise, kugira ngo ntidutwarwe akayombekere tukabivako.

[2] Ko ijambo ryavugiwe mu kanwa k'abamarayika ryagumyeho, kandi ibicumuro vyose no kutaryumvira bikagererwa ingero bikwiranye;

[3] tweho tuzokwikiza dute, ni twanjanjwa ku gakiza kangana gatyo? Kabanje kuvugwa n'Umwami wacu, kakadukomezwako n'abakumvise,

[4] Imana ifatanije na bo kugashingira intahe, iyishingisha ibimenyetso, ibitangaza, ibikomeye vy'uburyo bwinshi n'ingabire za Mpwemu Yera zagabanganijwe nk'uko yagomvye.

[5] Kuko atari abamarayika Imana yahaye gutwara isi izobaho, iyo tuvuga.

[6] Ariko hari aho umuntu yashinze intahe ati: “Umuntu aho umwibuka, Canke umwana w'umuntu aho umugendera?”

[7] Wamucishije bugufi, aba musi y'abamarayika gato. Wamwambitse ubwiza n'icubahiro nk'igitsibo, Wamuhaye kugaba ibikorwa vy'amaboko yawe.

[8] Wamuhaye kuganza ibintu vyose, ubishira musi y'ibirenge vyiwe. Ko Imana yamuhaye kuganza ibintu vyose nta co yishigarije itamuhaye kukiganza. Ariko none ntiturabona ibintu vyose biganzwa na we.

[9] Ariko, uwacishijwe bugufi, akaba musi y' abamarayika gato, ni we Yesu, tumubona yambitswe ubwiza n'icubahiro nk'igitsibo, kubwo imibabaro y'urupfu, kugira ngo ubuntu bw'Imana butume arogorera umuntu wese urupfu.

[10] Mu vy'ukuri vyari bikwiye ko Imana yo irema vyose kandi ikabibeshaho itunganisha Yesu ukubabazwa; kugira ngo abana benshi baze mu bwiza bwiwe. Kuko Yesu wenyene ari we ndongozi ibarongora ku gakiza.

[11] Kuko uweza ni abezwa bose bakomotse kuri Imwe; ni co gituma atagira isoni zo kubita abana ba Se

[12] ati: “Nzobarira abavukanyi izina ryawe, Nzoririmba ndagutazira hagati y'ishengero.”

[13] Kandi ati: “Nzokwama ndayizigira.” Kandi ati: “Ehe twe n'abana Imana yampaye.”

[14] Nuko rero, kuko abana bahuje inyama n'amaraso, na we ubwiwe yahuje ivyo na bo, kugira ngo abone uko apfa, kandi urupfu rwiwe aruhindurishe ubusa uwufise ubushobozi bw'urupfu, ni we wa mugarariji,

[15] kandi ngo arokore abajakariye ubwoba bw'urupfu bose, imisi yose y'ukubaho kwabo.

[16] Kuko tuzi neza ko abamarayika atari bo yatoye, ariko yatoye uruvyaro rwa Aburahamu.

[17] Ni co catumye vyaramubereye gushushanywa na abana ba Se kuri vyose, ngo abe umuherezi mukuru wo mu vy'Imana, w'imbabazi kandi agororoka, abe indishi y'ivyaha vy'abantu.

[18] Kuko ubwiwe ko yababajwe no kugeragezwa, ashobora no gutabara abageragezwa.

Abaheburayo — Chapters