Skip to content
Opens in a new window
Listen to this chapter • 3:02

[1] Nuko rero turengane ivya mbere vya Kristo, twigire imbere, dushike ku vyo gutunganywa rwose, ntidusubire gushiraho itanguriro ryo kwihana ibikorwa vy'impfagusa, no kwizera Imana,

[2] no kwigisha ivyo kubatizwa, ivyo kurambikwako ibiganza, ivyo kuzuka kw'abapfuye, ivyo gutsindwa n'urubanza kw'ibihe bidashira.

[3] Imana ni yabikunda turagenza dutyo.

[4] Kuko abamaze kwakirwa n'umuco, bagatamira ingabire iva mw'ijuru, bagasangira Mpwemu Yera,

[5] bagatamira ijambo ryiza ry'Imana, n'ububasha bwo mu gihe kizoza,

[6] maze bakagwa bakabivamwo, ntibishoboka gusubira kubahindura bashasha ngo bihane. Kuko bongera kwibambira Umwana w'Imana, bakamuteterereza ahibonekeza.

[7] Indimo zinyoye imvura yaziguyeko kenshi, iyo zimezemwo ibirimwa bikwiye abazirimiwe, zironka umugisha w'Imana.

[8] Ariko iyo zimezemwo imikere n'ibitovu, ziba zisivye, ziba zisigaje gatoya zikavumwa, iherezo ryazo ni uguturirwa.

[9] Ariko, abo nkunda, naho tuvuze dutyo, turazi ivyanyu tudakekeranya yuko birusha ivyo kuba vyiza, kandi bizanana n'agakiza.

[10] Imana ntigabitanya ngo yibagire ibikorwa vyanyu n'urukundo mwerekanye ko mukunze izina ryayo, kuko mwatunga abera, na none mukibatunze.

[11] Kandi turagomba cane yuko umuntu wese wo muri mwebwe yerekana uwo mwete nyene w'ivyizigiro vyuzuye gushitsa kw'iherezo;

[12] kugira ngo ntimube ibinebwe, ariko mwigane abaheshwa n'ukwizera n'ukwihangana kuragwa ivyasezeranywe.

[13] Hamwe Imana yasezeranira Aburahamu isezerano, kuko ata we yogira indahiro ayiruta, yarirahiye

[14] iti: “Eka no kuguha umugisha nzowuguha, kandi no kukugwiza nzokugwiza.”

[15] Ni ko vyamubereye amaze kwihangana, ahabwa ivyasezeranywe.

[16] Kuko abantu bagira indahiro uwubaruta, no mu mpari zabo zose indahiro irengeje ikaba ari yo iziheraheza.

[17] Ni co catumye Imana, kuko igomba kurushiriza kwereka abaragwa b'ivyasezeranywe ingene imigabo yayo idahinduka, ishira hagati indahiro kuba umuhuza;

[18] kugira ngo bibiri bidahinduka, ivyo Imana itabasha kubesheramwo, biduheshe kurema cane, twebwe ahashitse mu buhungiro, ni bwo kugumya cane ivyizigiro vyashizwe imbere yacu.

[19] Ivyo vyizigiro tubifise nk'ikizirika umutima kigumye, gikomeye, cinjira hirya y'igitambara gikingiriye ahera cane,

[20] aho Yesu yatwinjiriye, atwitangiye imbere, amaze guhinduka umuherezi mukuru w'ibihe bidashira mu buryo bwa Melekisedeki.

Abaheburayo — Chapters