Skip to content
Opens in a new window
Listen to this chapter • 6:17

[1] Ukwizera ni ukumenya rwose ivyizigirwa, udakekeranya ngo ntibizoba, kandi ibitabonwa ni kwo kubitumenyesha ko ari ivyo ukuri.

[2] Icatumye aba kera bashingirwa intahe ni uko bari bagufise.

[3] Ukwizera ni kwo kutumenyesha yuko isi yaremwe n'ijambo ry'Imana, ni co catumye ibiboneka bitaremwe mu biseruka.

[4] Ukwizera ni kwo kwatumye Abeli aha Imana ikimazi kiruta ica Kayini, ni kwo kwamuhesheje gushingirwa intahe ko ari umugororotsi, hamwe Imana yashingira intahe ibimazi vyiwe yuko ari vyiza, kandi ni kwo kwatumye n'ubu akivuga, naho yapfuye.

[5] Ukwizera ni kwo kwatumye Henoki ajanwa mw'ijuru, ngo ntabone urupfu, kandi ntiyaboneka, kuko Imana yamujanye. Kuko yashingiwe intahe atarajanwa yuko yahimbaye Imana.

[6] Kandi uwutizera ntibishoboka ko ayihimbara; kuko uwegera Imana akwiye kwizera yuko iriho, igaha impera abayirondera.

[7] Ukwizera ni kwo kwatumye Nowa yubaha, amaze kuburirwa n'Imana ibitaribwaboneke, akabaza ubwato bwo kurokora abo mu nzu yiwe, kandi ni kwo kwamuhaye gutsindisha abari mw'isi, no kuragwa ukugororoka kuzanwa n'ukwizera.

[8] Ukwizera ni kwo kwatumye Aburahamu yumvira Imana imuhamagaye, akaja ahantu yari abikiwe kuragwa. Nuko agenda, atazi iyo aja.

[9] Ukwizera ni kwo kwatumye aba umwimuka mu gihugu yasezeraniwe, nk'ikitari iciwe, akabana mu mahema na Isaka na Yakobo, abaraganywe na we ivyo vyasezeranywe.

[10] Kuko yari arorereye ca gisagara cubatswe kw'umushinge, umugezi n'umwubatsi waco n'Imana.

[11] Ukwizera ni kwo kwatumye na Sara ashobozwa gusama inda, naho yari yaraciye, kuko yiyumviriye yuko iyasezeranye ari iyo kwizerwa.

[12] Ni co catumye umuntu umwe—kandi uwo yari akaheze—yamukwako n'isinzi nk'inyenyeri zo kw'ijuru, kandi n'abangana n'umusenyi utoharurika uri kw'isesero ry'ikiyaga utoharurika.

[13] Abo bose bapfuye bacizeye, batarahabwa ivyasezeranywe, ariko barabibona biri kure bakabisanganira, bakemera ko ari akavantara n'ingenzi kw'isi.

[14] Abavuga batyo baba berekana yuko barondera igihugu cabo bwite.

[15] Iyo baba barakumbuye ico bavuyemwo, baba barabonye uburyo bwo gusubirayo.

[16] Ariko noneho barifuza igihugu kirushije ico kuba ciza, ni ico mw'ijuru. Ni co gituma Imana itamaramazwa no kwitwa Imana yabo, kuko yabateguriye igisagara.

[17] Ukwizera ni kwo kwatumye Aburahamu atanga Isaka ko ikimazi, hamwe yagezwa; mbere uwari yarakiranye igishika amasezerano, yariko aratanga umwana wiwe w'ikinege kw'ikimazi,

[18] uwo yari yarabariwe ivyiwe, ngo Kuri Isaka ni ho uruvyaro rwawe ruzokwitirirwa;

[19] kuko yishimiye yuko Imana ishobora no kuzura abapfuye, ni co catumye amugarurirwa nk'uwuzutse.

[20] Ukwizera ni kwo kwatumye Isaka ahezagira Yakobo na Esawu abahesha imigisha y'ibizoba.

[21] Ukwizera ni kwo kwatumye Yakobo, aho yagira acikane, ahezagira abana ba Yosefu bompi, agasenga yishimikije ipfundo ry'inkoni yiwe.

[22] Ukwizera ni kwo kwatumye Yosefu, aho yagira apfe, avuga ivyo kuvayo kw'Abisirayeli, agatanga amategeko y'ivyo amagufa yiwe.

[23] Ukwizera ni kwo kwatumye Mose, amaze kuvuka, anyegezwa n'abavyeyi biwe amezi atatu, kuko babonye ko ari akana keza, ntibatinya ibwirizwa ry'umwami.

[24] Ukwizera ni kwo kwatumye Mose, amaze gukura, yanka kwitwa umwana w'umukobwa wa Farawo,

[25] agahitamwo kugiriranwa nabi n'abantu b'Imana, akabirutisha kumara igihe mu bihimbaro vy'ivyaha.

[26] Kuko yiyumviriye yuko gucokoranwa na Kristo ari ubutunzi burengeye itunga ryo mu Misiri, kuko yatumbera ingero azogererwa.

[27] Ukwizera ni kwo kwatumye ava mu Misiri, ntiyatinya ishavu ry'umwami, kuko yashikamye nk'aho abona Iyitaboneka.

[28] Ukwizera ni kwo kwatumye ashinga Pasika, no kumijagira amaraso, kugira ngo uwuhonya imfura ntabakoreko.

[29] Ukwizera ni kwo kwatumye baca mu Kiyaga Gitukura, nk' abaca ku musozi, ariko Abanyamisiri babigejeje, bararengerwa.

[30] Ukwizera ni kwo kwatumye impome z'amabuye z'i Yeriko zisenyuka, bamaze kuzikikuza imisi indwi.

[31] Ukwizera ni kwo kwatumye Rahabu, maraya, ataranduranwa n'abatumviye Imana, kuko yakiranye amahoro abaje gusuma urusaku.

[32] Mvuge ikindi ki? Kuko igihe condengana ndondoye ivya Gideyoni, ivya Baraki, ivya Samusoni, ivya Yefuta, ivya Dawidi, ivya Samweli n'ivyo abavugishwa n'Imana,

[33] baheshejwe n'ukwizera gutsinda abami, no gukora ibigororotse, no kuronka ivyasezeranywe, no kuziba iminwa y'intambwe,

[34] no kuzimya ubukare bw'umuriro, no gukira ubugi bw'inkota, no guhindurwa mu ntege nke ngo zicike inkomezi, no kuba agahebuza mu ntambara, no kunesha ingabo z'abanyamahanga.

[35] Abagore basubiye kubona abo babuze kuko bazutse, abandi bicishwa amahiri ntibemera gucungurwa, kugira ngo bazohabwe ukuzuka kurushiriza kuba kwiza.

[36] Abandi bageragereshwa gushinyagurirwa no gukubitwa ibimoko, mbere bashirwa mu migozi no mu mabohero;

[37] bicishijwe amabuye, bakerewemwo kubiri, barageragejwe, bicishijwe inkota, bayerera bambaye insato z'intama n'izo impene, bari baburaniwe, bababazwa, bagirirwa nabi,

[38] (isi ntiyari ibabereye ko bayibamwo), bayerera mu bugaragwa no mu misozi no mu masenga yo mu vyobo.

[39] Abo bose bamaze gushingirwa intahe kubwo ukwizera kwabo, ntibahabwa ivyasezeranywe,

[40] kuko Imana yabonye kera ikirushiriza kutubera iciza, kugira ngo abo ntibatunganywe rwose tutari kumwe.

Abaheburayo — Chapters