Skip to content
Opens in a new window
Listen to this chapter • 4:30

[1] Nuko natwe, ko dukikijwe n'igipfungu c'ivyabona kingana gityo, twiyambure ibituremera vyose, n'icaha gikunda kutwizingirako vuba, dusiganirwe ivyo twashizwe imbere twihanganye,

[2] dutumbereye Yesu wenyene, ni we nyanduruko yo kwizera kandi ni we yagusozereye. Uwo, kubwo umunezero yashizwe imbere, yihanganiye umusaraba, arihangana ntiyagira isoni zawo, avyagira i buryo bw'intebe y'Imana.

[3] Nuko mushire imitima kuri uwo yihanganiye ibihari bihambaye bityo abanyavyaha bamuharirije, ntimudohoke, ntimwihebure mu mitima yanyu.

[4] Ntimuragera ku kuvishwa amaraso murwanya icaha,

[5] kandi mwibagiye rya jambo ribahubura ribahanura nk'abana, ngo Mwana wanje, ntugaye igikangiro c'Uhoraho, Kandi ntiwihebure ni yaguhana.

[6] Kuko uwo Uhoraho akunda ari we ahana, Kandi akubita uwo yemera wese ko ari umwana wiwe.

[7] Ico mukwiye kwihanganira ni ugutozwa indero nziza. Imana ibagirira nk'abana bayo. Ni umwana ki, adakangirwa na se?

[8] Ariko namba mudakangirwa nk'ico abandi bose bakorerwa, muri ibivyarwa, ntimuri ubura bwayo.

[9] Kandi twari dufise ba data b'imibiri, baradukangira, natwe tukabubaha. None ntituzorushiriza cane kugororokera Se w'impwemu tugahoraho?

[10] Kuko ba bandi badukangira imisi mike nk'uko bagomba, ariko we adukangirira ikigira ikimazi, kugira ngo dusangire na we ukwera kwiwe.

[11] Nta gikangiro kiboneka ko giteye umunezero ako kanya, atari umubabaro, ariko hanyuma abamenyerejwe na co kibamira imbuto zizana amahoro zo kugororoka.

[12] Nuko mugorore amaboko acitse urudendevu, n'amavi aregarega.

[13] Kandi muharurire ibirenge vyanyu inzira zigororotse, kugira ngo igihinyiza ntigikondoke, ariko gikire.

[14] Mukurikire kugiriranira amahoro n'abantu bose, n'ukwezwa, kuko utejejwe atazoraba Umwami.

[15] Mwizigame, ntihagire umuntu adashikira ubuntu bw'Imana, kandi ntihagire umuzi wo kurura umera, ukabahagarika imitima, abenshi bakandura.

[16] Ntihabeho umushirasoni, canke igihumane nka Esawu, yagurishije ivyo kuba samuragwa kwiwe ingaburo imwe.

[17] Kuko muzi yuko hanyuma, hamwe yagomba kuragwa umugisha, atemerewe, kuko atabonye uburyo bwo kwihana, naho yawurondera cane arira.

[18] Ntimwegereye umusozi wokorwako, waka umuriro, kandi ntimwegereye umwiza w'umuzimagiza, uwo umuzitanya, igihuhuta,

[19] inzumbeti ivuga n'ijwi ry'amajambo; abaryumvise binginga kutabwirwa irindi jambo.

[20] Kuko batashoboye kwemera ivyagezwe, ngo Naho coba igitungwa gikoze kuri uwo musozi bacicishe amabuye.

[21] Kandi ivyabonetse vyari ibiteye ubwoba, vyatumye Mose avuga ati: “Mfise ubwoba cane, ndahinda agashitsi.”

[22] Ariko mwegereye umusozi Siyoni, n'umurwa w'Imana nzima, Yerusalemu ho mw'ijuru, n'ikoraniro rikuru ry'isinzi ry'abamarayika,

[23] n'ishengero ry'abana b'imfura banditswe mw'ijuru, mwegereye n'Imana umucamanza wa bose n'impwemu z'abagororotsi batunganijwe rwose.

[24] Mwegereye na Yesu, umuhuza ahesha isezerano rishasha, mwegereye n'amaraso acucagirwa, avuga ivyiza kurusha aya Abeli.

[25] Mwirinde ntimwanke kwumva Iyiriko iravuga. Ba bandi ko batakize, hamwe banka uwababuririye mw'isi, tweho tuzorushiriza cane kudakira, namba dutera ibitugu Iyituburira iri mw'ijuru.

[26] Ijwi ryayo ryanyiganyigije isi ico gihe; ariko noneho irasezeranye ati: “Hasigaye rimwe, ngatigitisha, si isi gusa, ariko n'ijuru na ryo.”

[27] Iryo jambo, ngo Hasigaye rimwe, ryerekana gukurwaho kw'ibinyiganyizwa, kuko ari ivyaremwe, kugira ngo ibitoshobora kunyiganyizwa bigumeho.

[28] Ni co gituma, kuko twakira ubwami budashobora kunyiganyizwa, dukwiye gukenguruka, kugira ngo tubone ingene dukorera Imana tuyihimbaye, tuyubaha tuyitinya;

[29] kuko Imana yacu ari umuriro utongora.

Abaheburayo — Chapters